-
Ibibazo bine bijanye n’umuhero vyishurwaUmunara w’Inderetsi—2010 | 1 Myandagaro
-
-
Nugire ico wigiye kuri kahise. Petero yanditse yuko Imana “itaretse guhana isi ya kera, mugabo [yazigamye] Nowa, umwamamaji w’ubugororotsi, hamwe n’abandi indwi igihe yazana umwuzure kw’isi y’abantu batibanga Imana.” (2 Petero 2:5) Ku bijanye n’abatwengera mw’ijigo, Petero yavuze ati: “Nk’uko icipfuzo cabo kiri, iki kintu kirabasoba: yuko kuva kera hariho amajuru n’isi ihagaze itsindagiye, hejuru y’amazi, no hagati mu mazi, biciye kw’ijambo ry’Imana; kandi biciye kuri ubwo buryo isi y’ico gihe yaratikijwe igihe yarengerwa n’amazi y’umwuzure. Mugabo biciye kuri iryo jambo nyene amajuru n’isib biriho ubu birundanirijwe umuriro, kandi bibitswe ku bw’umusi w’urubanza n’uw’ugutikizwa kw’abantu batibanga Imana.”—2 Petero 3:5-7.
-
-
Ibibazo bine bijanye n’umuhero vyishurwaUmunara w’Inderetsi—2010 | 1 Myandagaro
-
-
b Ng’aha, Petero ariko avuga isi mu buryo bw’ikigereranyo. Hari n’ahandi Bibiliya ivuga isi mu buryo bw’ikigereranyo. Nk’akarorero, umwanditsi w’amazaburi yanditse ati: “Isi n’ihimbarwe.” (Zaburi 97:1) Isi-butaka ntishobora ‘guhimbarwa.’ Mu buryo nk’ubwo nyene, isi-butaka si yo izotikizwa. Ahubwo riho, nk’uko Petero abivuga, abantu batibanga Imana ni bo bazotikizwa.
-