ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • “Yari yahimbaye Imana rwose”
    Umunara w’Inderetsi (Integuro ya bose)—2017 | No. 1
    • HENOKI “YARAVUZE UBUHANUZI KU BIBEREKEYE”

      Mw’isi nk’iyo itagira ukwizera, Henoki ashobora kuba yumva umengo ni nyamwigendako. Ariko none, Imana yiwe Yehova yoba yaramubona? Cane nyene. Umusi umwe, Yehova yaravuganye n’uwo musavyi wiwe w’umwizigirwa. Imana yaramuhaye ubutumwa yoshikirije abo mu gihe ciwe. Henoki rero, ni we muntu wa mbere avugwa muri Bibiliya, Imana yateye agateka ko kuvuga ubuhanuzi. Ivyo tubimenyeshwa n’uko inyuma y’ibinjana bitari bike, Yuda mwene nyina wa Yezu, yahumekewe kwandika amajambo y’ubuhanuzi bwa Henoki.a

      None ubwo buhanuzi bwa Henoki bwari ubuhe? Bwagira buti: “Ehe! Yehova yazananye n’aberanda biwe ibihumbi mirongo, gushitsa urubanza kuri bose, no gukubita intahe mu gahanga abatibanga Imana bose ku bikorwa vyabo vyose vy’ukutibanga Imana bakoze mu kutibanga Imana, no ku bintu vyose vy’akamaramaza abacumuzi batibanga Imana bayivuzeko.” (Yuda 14, 15) Urabona ko Henoki yakoresheje umwanya wa kahise, nk’aho Imana yari yamaze gushitsa ibivugwa muri ubwo buhanuzi. N’abahanuzi batari bake b’inyuma yiwe, ni ko babigenjeje. Muri make, uwo muhanuzi yariko avuga ibintu vyobaye ata gisivya, aca abidondora nk’aho vyari vyamaze kuba!​—Yesaya 46:10.

      Henoki ariko arabwira inkuru nziza abantu batibanga Imana

      Henoki abigiranye umutima rugabo, yarabwiye ubutumwa bw’Imana ababisha bo mu gihe ciwe

      None vyoba vyaroroheye Henoki kubwira ayo majambo aboshoboye kumutega ugutwi bose? Raba ukuntu iyo mburi yari ikaze: yarakoresheje incuro zine zose imvugo ngo ‘kutibanga Imana,’ kugira ngo atere ivyatsi abantu, ivyo bakora be n’uburyo babikora. Ubwo buhanuzi rero bwareretse abantu bose ko ikibano batunganije kuva birukanywe muri Edeni, cari carononekaye bimwe vy’akamaramaza. Ico kibano cokwiboneyeko, Yehova azananye “n’aberanda biwe ibihumbi mirongo,” ari yo migwi y’abamarayika b’inkomezi, kugira ngo bagitikize. Henoki yaratanze iyo mburi y’Imana ata bwoba, kandi ari wenyene! Lameki akiri muto, ashobora kuba yaritegereza umutima rugabo sekuru yari afise, akumirwa. Nimba vyarashitse, nta gitangaza kirimwo.

      Ukwizera Henoki yagaragaje kurashobora gutuma twibaza nimba isi tubayemwo tuyibona nk’uko Imana iyibona. Urubanza Henoki yatangaje adatinya n’ubu ntirurahera. Rurerekeye isi ya kino gihe, nk’uko nyene rwari rwerekeye isi yo mu gihe ca Henoki. Nk’uko Henoki yari yabivuze, Yehova yarateje Umwuzure isi yo mu gihe ca Nowa. Ariko rero ako gatikizo kari imburi y’agatikizo gakomeye kuruta kimirije gushika. (Matayo 24:38, 39; 2 Petero 2:4-6) Nk’uko vyagenze ico gihe, Imana n’abamarayika bayo ibihumbi mirongo baracabangiriye gushitsa urubanza rugororotse rwaciriwe iyi si itibanga Imana. Twese turakwiye gushira ku mutima imburi Henoki yatanze, tukongera tukayibwira abandi. Incuti n’abagenzi boshobora kuturwanya. Vyonashika tukumva umengo turi ba nyamwigendako. Mugabo rero, kurya nyene Yehova atigeze aheba Henoki, ni ko atazoheba abasavyi biwe b’abizigirwa muri iki gihe!

  • “Yari yahimbaye Imana rwose”
    Umunara w’Inderetsi (Integuro ya bose)—2017 | No. 1
    • a Hari abahinga mu vya Bibiliya bavuga ko Yuda yanditse ayo majambo ayakuye mu gitabu kitemewe, citirirwa Henoki. Ariko rero, ico gitabu bitirira Henoki ni igitabu c’amanyanga, ata wuzi n’iyo cazananye. Naho kirimwo ubuhanuzi Henoki yavuze, ubwo buhanuzi bushobora kuba bwakuwe mw’isôko rya kera ubu ritakiriho, irishobora kuba ari icandikano canke inkuru zahanahanwa ku munwa. Yuda ashobora kuba yikoze kuri iryo sôko nyene, canke akaba yamenye ivya Henoki abibwiwe na Yezu, kuko igihe Yezu yari mw’ijuru yiboneye ingene Henoki yabayeho.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika