-
Izina ryawe ryoba riri mu gitabu c’ubuzima?Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
-
-
3. (a) Ni kubera iki “umumarayika w’ishengero ry’i Sarudi” akwiye kwitwararika cane ivy’uko Yezu afise “za nyenyeri indwi”? (b) Ni impanuro ikomeye iyihe Yezu aha ishengero ry’i Sarudi?
3 Yezu kandi aributsa “umumarayika w’ishengero ry’i Sarudi” ko ari umwe afise “za nyenyeri indwi.” Abo bakurambere b’ishengero bari mu kuboko kwiwe kw’ukuryo, akaba afise ububasha bwo kubayobora mu gikorwa barangura co kuragira. Bakwiye kwitwararika ‘kumenya ingene umukuku umeze.’ (Imigani 27:23) Ni co gituma ari vyiza ko batega yompi ivyo Yezu aca avuga, ati: “Ba maso kandi ukomeze ibisigaye vyagira bipfe, kuko ibikorwa vyawe ntasanze birangutse bimwe bishitse imbere y’Imana yanje. Guma wibuka rero ingene wahawe n’ingene wumvise, maze ubandanye kubigumya, uheze wigaye. Vy’ukuri utikanguye, nzoza nk’igisuma, kandi ntuzogenda umenye isaha nzozira kuri wewe.”—Ivyahishuwe 3:2, 3.
4. Amajambo ya Petero yofashije gute ishengero ry’i Sarudi ‘gukomeza ivyari bisigaye’?
4 Abakurambere b’i Sarudi barakeneye kwibuka umunezero bagize igihe bamenya ukuri be n’imihezagiro baronse. Mugabo ubu ho barapfuye mu bikorwa vy’impwemu. Itara ry’ishengero ryabo ririko rirayama kuko ata bikorwa biranga ukwizera bafise. Imyaka nk’ingahe imbere y’aho, intumwa Petero yari yandikiye amashengero yo muri Aziya (kumbure harimwo n’iry’i Sarudi) ayaremesha guha agaciro inkuru nziza ininahaye abakirisu bakiriye. Iyo nkuru nziza yamamajwe biciye ku “mpwemu nyeranda yarungitswe ivuye mw’ijuru,” nya mpwemu ikaba igereranywa na za mpwemu indwi Yohani yerekwa. Petero kandi yaribukije abo bakirisu bo muri Aziya yuko bari “ubwoko bwatowe, ubuherezi bwa cami, ihanga ryeranda, igisata c’inyegu yiharijwe, kugira ngo [ba]menyeshe hose kamere z’agahebuza z’umwe yabahamagara abakuye mu mwiza akabinjiza mu muco [wiwe] w’agatangaza.” (1 Petero 1:12, 25; 2:9) Kuzirikana kuri ukwo kuri kwo mu vy’impwemu vyofashije ishengero ry’i Sarudi kwigaya no ‘gukomeza ivyari bisigaye.’—Gereranya na 2 Petero 3:9.
5. (a) Abakirisu b’i Sarudi basigaye bobona gute ukuri? (b) Vyogenze gute abakirisu b’i Sarudi batumviye impanuro ya Yezu?
5 Aho ibintu bigeze, agaciro baha ukuri be n’urukundo bagufitiye bimeze nk’umuriro ugira udegere. Udusate dukeyi gusa ni two tucaka. Yezu abaremesha guhuha adukara dusigaye bagakabura umuriro, bakigaya ivyaha baguyemwo kubera ukutitaho ibintu, maze bagasubira kuba ishengero rizima mu vy’impwemu. (Gereranya na 2 Timoteyo 1:6, 7.) Ahandiho, Yezu niyashika giturumbuka “nk’igisuma” aje gushitsa urubanza, azosanga ishengero ry’i Sarudi rititeguye.—Matayo 24:43, 44.
-
-
Izina ryawe ryoba riri mu gitabu c’ubuzima?Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
-
-
7. Ni kubera iki abakirisu bakwiye kuguma bari maso muri iki gihe?
7 Ivy’uko umukirisu akeneye kuguma ari maso ntivyarangiye igihe umusi w’Umukama watangura. Mu buhanuzi buhambaye Yezu yashikirije bujanye n’“ikimenyetso [cerekana] igihe ivyo bintu vyose bizoba bigira bishike ku nsozero,” yaragabishije mu buryo bukomeye ati: “Nayo ivy’uwo musi canke isaha, nta n’umwe abizi . . . Mugume mureretse, mugume murikanuye, kuko mutazi aho igihe cashinzwe kizogerera. Mugabo ico ndababwiye, ndakibwiye bose: Mugume muri maso.” (Mariko 13:4, 32, 33, 37) Emwe, gushika no kuri iyi saha, umwe wese muri twebwe, yaba uwo mu barobanuwe canke muri rya sinzi rinini, arakeneye kuguma agavye akirinda gusinzira mu buryo bw’impwemu. Umusi wa Yehova niwashika “nk’igisuma mw’ijoro,” ese wodusanga turi maso kugira ntiducirwe rubi!—1 Abatesalonika 5:2, 3; Luka 21:34-36; Ivyahishuwe 7:9.
8. Muri iki gihe, ni gute abagize umugwi wa Yohani bakabuye abasavyi b’Imana kugira bagume barikanuye mu vy’impwemu?
8 Muri iki gihe, abagize umugwi wa Yohani ubwabo bari maso. Baratahura ko bakeneye gukabura abasavyi b’Imana kugira bagume barikanuye mu vy’impwemu. Ku bw’ivyo, haratunganywa amateraniro adasanzwe hirya no hino kw’isi mu bihe bitandukanye vy’umwaka. Mu mwaka wa vuba umwe, abitavye amahwaniro y’intara 2.981 bose hamwe bari 10.953.744, habatizwa abashasha 122.701. Abagize umugwi wa Yohani baramaze imyaka irenga ijana bakoresha ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi mu gutangaza izina rya Yehova n’umugambi wiwe. Kugira ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi gifashe Ivyabona vya Yehova kwihanganira uruhamo rukaze rwo muri za ntambara zibiri z’isi yose, harasohowe ibiganiro (mu gifaransa) bibaremesha kuvyura umwete, nk’ibivuga ngo “Hahiriwe abarindutsi” (1920), “Akamo” (1926) be n’ikivuga ngo “Uruhamo rurananirwa” (1942, mu congereza).
9. (a) Ni ibibazo ibihe abakirisu bose bakwiye kwibaza? (b) Ni indemesho izihe Umunara w’Inderetsi watanze?
9 Cokimwe n’ishengero ry’i Sarudi, birakenewe cane ko abakirisu bose bo mu mashengero yo muri iki gihe baguma bisuzuma. Twese turakwiye kuguma twibaza duti: Ibikorwa vyacu vyoba “birangutse bimwe bishitse” imbere y’Imana yacu? Tutarinze gucira urubanza abandi, ubwacu twoba dutsimbataza agatima ko kwitanga kandi tukihata kugira dukorere Imana n’ubuzima bwacu bwose? Ku bijanye n’ivyo, ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi caratanze indemesho mu kiganiro kivuga ngo “Gume mwerekana ico mwebwe ubwanyu muri” n’ikivuga ngo “Tubeho tutacinezereza.”a Ko dufise imfashanyo nk’iyo ishingiye ku Vyanditswe, nimuze dusuzume ico turi ibwina mu mutima wacu uko tugerageza kugendera mu gutungana kwacu imbere ya Yehova twicishije bugufi kandi tubijanisha n’isengesho.—Zaburi 26:1-3; 139:23, 24.
-