-
Imana y’ukuri ni nde?Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
-
-
2. Ni ibiki Bibiliya itubwira ku vyerekeye Yehova?
Hari ivyitwa imana vyinshi abantu basenga. Ariko Bibiliya ivuga ko Yehova ari we Mana yonyene y’ukuri. Uti kubera iki? Hariho imvo zitari nke. Yehova ni we Segaba w’ibiriho vyose. Ku bw’ivyo, ni we wenyene “Musumbavyose kw’isi yose.” (Soma Zaburi 83:18.) Ni “Mushoboravyose,” ivyo bikaba bisobanura ko afise ububasha bwo gukora ikintu cose ashaka. Ni we ‘yaremye’ ijuru n’isi n’ibiriho vyose. (Ivyahishuwe 4:8, 11) Yehova ni we wenyene yamyeho kandi azokwamaho.—Zaburi 90:2.
-
-
Twosenga Imana gute mu buryo buyihimbara?Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
-
-
Dukwiye gusenga Yehova wenyene kubera ari we yaturemye. (Ivyahishuwe 4:11) Ivyo bisobanura ko ari we wenyene dutegerezwa gukunda no gusenga, tudakoresheje ikigirwamana na kimwe canke ibishusho.—Soma Yesaya 42:8.
Ugusenga kwacu gukwiye kuba ari ‘kweranda kandi kwemerwa’ na Yehova. (Abaroma 12:1) Ivyo bisobanura ko dukwiye kubaho twisunga amategeko yiwe. Nk’akarorero, abakunda Yehova barubahiriza ingingo ngenderwako zijanye n’umubano. Vyongeye, baririnda ingeso zigirira nabi umuntu, nko kunywa itabi, gukoresha ibintu vyizizira umuntu mu buryo butabereye canke kuborerwa.a
-