ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • “Ni nde abereye kuzingurura uwo muzingo?”
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
    • 1. Ubu na ho ni ibiki Yohani yerekwa?

      NI AGAHORE! BIRATEYE AKOBA! Ukwo ni ko twodondora ibintu bitangaje Yohani yabonye igihe yerekwa intebe y’ubwami ya Yehova ikikujwe na ya matara y’umuriro, ba bakerubi, ba bakurambere 24 na ca kiyaga c’ikiyo. None ubu na ho abona iki? Yohani aca ahanga amaso hagati na hagati y’ivyo bintu biriko biraba mw’ijuru, akatwiganira ati: “Kandi mbona mu kuboko kw’ukuryo kw’Umwe yicaye kuri ya ntebe y’ubwami umuzingo wanditsweko imbere n’inyuma, uhomeshejwe rwose udushashara indwi tudomweko ikidodo. Maze mbona umumarayika w’inkomezi atangaza n’ijwi rirenga ati: ‘Ni nde abereye kuzingurura uwo muzingo no kumatura udushashara twawo?’ Mugabo haba mw’ijuru canke kw’isi canke munsi y’isi ntihagira n’umwe ashobora kuzingurura nya muzingo canke kuraba muri wo. Nanje nca ndarira cane kuko hatabonetse n’umwe abereye kuzingurura nya muzingo canke kuraba muri wo.”—Ivyahishuwe 5:1-4.

  • “Ni nde abereye kuzingurura uwo muzingo?”
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
    • 3 None uwo mumarayika w’inkomezi yoba aza kuronka umuntu abereye kuzingurura uwo muzingo? Bibiliya imwe (Kingdom Interlinear) ivuga ko uwo muzingo uri “ku kuboko kw’ukuryo” kwa Yehova. Ivyo bishaka kwerekana ko aramvuye ukuboko awufise mu kiganza ciwe cuguruye. Ariko bisa n’uko ata muntu n’umwe mw’ijuru canke kw’isi abereye kwakira uwo muzingo no kuwuzingurura. Mbere no munsi y’isi mu basavyi b’Imana b’abizigirwa bapfuye, nta n’umwe abereye iryo teka ridasanzwe. Ntibitangaje kubona Yohani ababara! Kumbure yibwira ko ataza kumenya vya “bintu bitegerezwa kuba.” No muri iki gihe cacu, abasavyi b’Imana barobanuwe bamye barindiranye umushasharo ko Yehova yobamurikira bagatahura ibiri mu gitabu c’Ivyahishuwe. Ivyo yobigize intambwe ku yindi igihe c’uko ubwo buhanuzi buranguka kigeze, kugira ngo ayobore abasavyi biwe mu nzira ibashikana ku ‘bukiriro buhambaye.’—Zaburi 43:3, 5.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika