ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abagendera kuri za farasi zine ni bande?
    Umunara w’Inderetsi (Integuro ya bose)—2017 | No. 3
    • UWUGENDERA KW’IFARASI ITUKURA

      Yohani abandanya ati: “Maze haza iyindi, ifarasi y’ibara ry’umuriro; kandi uwuyicayeko ahabwa gukura amahoro kw’isi kugira ngo bicane; kandi ahabwa inkota nini.”​—Ivyahishuwe 6:4.

      Uwugendera kuri iyo farasi agereranya intambara. Urabona yuko Bibiliya ivuga ko akura amahoro kw’isi yose, atari mu bihugu bimwebimwe gusa. Mu 1914 haradutse intambara y’isi yose, rikaba ryari ryo rya mbere ibaye muri kahise k’abantu. Yahavuye ikurikirwa n’intambara ya kabiri y’isi yose, iyayogeje inganda kuruta. Raporo zimwezimwe zivuga ko abahitanywe n’intambara zitandukanye kuva mu 1914, baharurwa mu miliyoni zirenga 100! Vyongeye, abandi benshi cane barakomeretse bimwe bikomeye.

      None ibijanye n’intambara vyifashe gute muri iki gihe? Kuva isi yakaremwa, ubu abantu barafise ubushobozi bwo guhonya ababa kw’isi yose. Mbere n’amashirahamwe avuga ko aharanira amahoro, nka rya shirahamwe mpuzamakungu ONU, yarananiwe guhagarika uwugendera kuri iyo farasi itukura.

  • Abagendera kuri za farasi zine ni bande?
    Umunara w’Inderetsi (Integuro ya bose)—2017 | No. 3
    • Uwugendera kw’ifarasi itukura agereranya intambara

      Ivyahishuwe 6:3, 4

      IFARASI Y’IBARA RY’UMURIRO

      Uwuyigenderako agereranya intambara. Kuva mu 1914, intambara z’isi yose be n’izindi ntambara zitandukanye zarahitanye abantu badaharurika.

  • Abagendera kuri za farasi zine ni bande?
    Umunara w’Inderetsi (Integuro ya bose)—2017 | No. 3
Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika