-
Abagendera kuri za farasi zine ni bande?Umunara w’Inderetsi (Integuro ya bose)—2017 | No. 3
-
-
UWUGENDERA KW’IFARASI IBENJUTSE
Yohani aca avuga ati: “Ngize ntya, mbona ifarasi ibenjutse; izina ry’uwuyicayeko ryari Rupfu. Kandi Kuzimu yamukurikira agendera hafi yiwe. Bahabwa ububasha ku ca kane c’isi, ngo bicishe inkota ndende n’amapfa n’ikiza cica be n’ibikoko vyo kw’isi.”—Ivyahishuwe 6:8.
Uwugendera kuri iyo farasi agereranya urupfu ruhitana abantu, bivuye ku ndwara z’ibiza be n’ibindi bintu. Inyuma gatoya ya 1914, ka kamangu ko muri Espanye karahitanye abantu amamiliyoni mirongo. Bivugwa ko abantu imiliyoni nka 500 bakarwaye. Ivyo bisobanura ko mu bantu bose bari kw’isi ico gihe, 1 kuri 3 yakarwaye!
Ariko rero ako kamangu yari intango gusa. Abahinga bavuga yuko mu kinjana ca 20, abantu amamiliyoni amajana bahitanywe n’ibihara. Naho ubuvuzi bwateye imbere, gushika n’ubu abantu amamiliyoni baracahitanwa na SIDA, igituntu be na malariya.
Baba abicwa n’intambara, amapfa canke ibiza, bose bahitanwa na Rupfu. Kuzimu na we aguma akumakuma ata gahengwe abahitanwa na Rupfu.
-