ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ubwami bw’Imana burahambaye muri vyose
    Umunara w’Inderetsi—2006 | 15 Mukakaro
    • Yezu hamwe n’abo bafatanya kuganza, bategeka bari mu kibanza kiri hejuru y’ibindi vyose. Mu vyo Daniyeli yeretswe mu ndoto, yarabonye kandi ‘ubwami n’inganji bigabirwa ubwoko bw’abera’ (Daniyeli 7:27). Yezu ntaganza ari we nyene. Hariho abandi bafatanya na we kuganza ari abami n’abaherezi (Ivyahishuriwe 5:9, 10; 20:6). Yohani yanditse ku biberekeye ati: “Mbona Umwagazi w’Intama, ahagaze ku musozi Siyoni, ahagararanye n’abantu ibihumbi ijana na mirongwine na bine . . . bācunguwe ngo bakūrwe mw isi”.​—Ivyahishuriwe 14:1-3.

      Uwo Mwagazi w’Intama ni Yezu Kirisitu ari mu kibanza ciwe c’Ubwami (Yohana 1:29; Ivyahishuriwe 22:3). Uwo Musozi Siyoni na wo ugereranya ijurua (Abaheburayo 12:22). Yezu be na bamwe 144.000 bafatanya na we, baganza bari mw’ijuru. Ese ukuntu ikibanza baganza barimwo kiri hejuru y’ibindi vyose! Kuba bari mw’ijuru bituma babona ibintu mu buryo bugera kure. Kubera yuko ijuru ari co kibanza “ubgami bg’Imana” burimwo, bwitwa kandi “ubgami bgo mw ijuru” (Luka 8:10; Matayo 13:11). Nta birwanisho, eka mbere na vya bitero bigirwa hakoreshejwe ibirwanisho ruhonyanganda, bishobora gushikira iyo ntwaro yo mw’ijuru ngo biyisenyure. Ubwo Bwami ntibuzokwigera bunyiganyizwa kandi buzoshitsa umugambi Yehova yabugeneye.​—Abaheburayo12:28.

  • Ubwami bw’Imana burahambaye muri vyose
    Umunara w’Inderetsi—2006 | 15 Mukakaro
    • a Umwami Dawidi wa Isirayeli ya kera yarigaruriye umunara ukomeye w’Abayebusi wari ku Musozi Siyoni, maze awugira umurwa w’ubwami bwiwe (2 Samweli 5:6, 7, 9). Vyongeye, yarimuriye Isandugu ryeranda muri ico kibanza (2 Samweli 6:17). Kubera ko iryo Sandugu ryagereranya ukuhaba kwa Yehova, Siyoni rero cari nk’ikibanza Imana ibamwo, bikaba bibereye ko hagereranya ijuru.​—Kuvayo 25:22; Abalewi 16:2; Zaburi 9:11; Ivyahishuriwe 11:19.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika