ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Tuzigame akaranga kacu k’ubukirisu
    Umunara w’Inderetsi—2005 | 15 Ruhuhuma
    • 4. Yezu yashimitse gute ku vy’uko dukeneye kuzigama akaranga kacu ka gikirisu kibonekeje?

      4 Ariko rero, kubera turi abasavyi ba Yehova biyeguye, turatahura yuko gutakaza akaranga kacu ka gikirisu vyokwegera akarambaraye uwo ari we wese muri twebwe, yaba uwukiri muto canke uwukuze. Ingingo mfatirwako za Yehova be n’ivyo atwitezeko ni vyo vyonyene bishobora gufasha umuntu kubona akaranga ka gikirisu mu buryo bubereye. Nakare, twaremwe mw’ishusho yiwe (Itanguriro 1:26; Mika 6:8). Akaranga kacu ka gikirisu kibonekeje, Bibiliya igasanisha n’impuzu zambarwa bose bakazibona. Yezu yabuye ku vyerekeye igihe cacu ati: “Ehe ndaza nk’igisuma. Hahirwa ūba maso, akazigama impuzu ziwe, ngo ntagende amēnya, bakabona isoni z’ubgambure bgiwe”a (Ivyahishuriwe 16:15). Ntidushaka kwiyambura kamere zacu za gikirisu be n’ingingo mfatirwako zacu zigenga inyifato, ngo tureke isi ya Shetani ibe ari yo itubumbabumba. Nka hamwe ivyo vyoshika, twoba dutakaje izo “mpuzu”. Ikintu nk’ico coba kibabaje kandi cotumaramaza.

  • Tuzigame akaranga kacu k’ubukirisu
    Umunara w’Inderetsi—2005 | 15 Ruhuhuma
    • a Ayo majambo ashobora kuba yerekeza ku mabango y’uwaba ahagarikiye iterama ryo ku rusengero i Yeruzalemu. Mu bihe vy’amaterama, yaraca mu rusengero kugira ngo arabe nimba abateramyi bayo b’Abalewi bari maso canke basinziriye aho bakorera. Umuteramyi wese basanga asinziriye yarakubitwa inkoni, impuzu ziwe na zo zigashobora guturirwa, ico kikaba cari igihano co kumumaramaza.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika