ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ugushitsa urubanza kuri Babiloni Akomeye
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
    • 1. Umumarayika adondora gute ca gikoko c’ibara ry’agahama, kandi ni ubukerebutsi ubuhe bukenewe kugira dutahure ibimenyetso biri mu gitabu c’Ivyahishuwe?

      MU KUBANDANYA adondora ca gikoko c’ibara ry’agahama kivugwa mu Vyahishuwe 17:3, wa mumarayika abwira Yohani ati: “Aha ni ho hakenewe ubwenge burimwo ubukerebutsi: Ya mitwe indwi igereranya imisozi indwi, aho wa mugore yicaye kw’isonga. Kandi hari abami indwi: batanu baratemvye, umwe ariho, uwundi ntarashika, mugabo niyashika abwirizwa kugumaho akanya gato.” (Ivyahishuwe 17:9, 10) Umumarayika ng’aha ariko amenyesha ubukerebutsi buva hejuru, akaba ari bwo bwonyene bushobora kudufasha gutahura ibimenyetso biri mu gitabu c’Ivyahishuwe. (Yakobo 3:17) Ubwo bukerebutsi buramurikira abagize umugwi wa Yohani na bagenzi babo bigatuma batahura ko ibihe turimwo bihambaye. Buratuma abantu b’intahemuka batahura imanza Yehova agiye gushitsa, bugatuma kandi bamutinya mu buryo bubereye. Nk’uko bivugwa mu Migani 9:10, “ugutinya Yehova ni yo ntango y’ubukerebutsi, kandi ubumenyi bwa wa Mweranda Rwose ni kwo gutegera.” None ubukerebutsi buva ku Mana buduhishurira iki ku bijanye na ca gikoko?

      2. Imitwe indwi ya ca gikoko c’ibara ry’agahama igereranya iki, kandi amajambo ngo “batanu baratemvye, umwe ariho” asobanura iki?

      2 Imitwe indwi y’ico gikoko c’inkazi igereranya “imisozi” indwi canke “abami” indwi. Izo mvugo zose zirakoreshwa mu Vyanditswe mu kwerekeza ku ntwaro. (Yeremiya 51:24, 25; Daniyeli 2:34, 35, 44, 45) Bibiliya iravuga intwaro nganzasi zitandatu zagize ico zikoze ku basavyi b’Imana, na zo zikaba ari Misiri, Ashuri, Babiloni, Ubumedi n’Ubuperesi, Ubugiriki be n’Uburoma. Igihe Yohani yerekwa ibivugwa mu gitabu c’Ivyahishuwe, zitanu muri zo zari zimaze kurengana, ariko Uburoma bwari bukiri intwaro nganzasi ikomeye cane. Ivyo birahuye neza n’aya majambo ngo “batanu baratemvye, umwe ariho.” Ariko none uwo “wundi” yabwirizwa kuza wewe ni nde?

  • Ugushitsa urubanza kuri Babiloni Akomeye
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
    • 6. Ni inganji nshasha izihe zashinzwe, kandi ni iyihe yabaye agaheta muri zo?

      6 Ariko rero mu kinjana ca 15, ibihugu bimwebimwe vyariko birashinga inganji nshasha. Naho zimwezimwe muri izo nganji zari mu turere twahoze tuganzwa n’Uburoma, ntitwovuga ko yari inganji y’Uburoma yari ikibandanya. Porotigali, Espanye, Ubufaransa n’Ubuholande vyarigaruriye uturere amahanga. Ariko Ubwongereza ni bwo bwabaye agaheta, kuko bwigaruriye inganji nini cane ku buryo vyavuzwe ko muri yo ‘izuba ritigera rirenga.’ Iyo nganji yarigeze kuba igizwe n’igice kinini ca Amerika ya Ruguru, Afrika, Ubuhindi, Aziya yo mu bumanuko bushira ubuseruko hamwe n’akarere amahero k’ubumanuko bwa Pasifike.

      7. Intwaro nganzasi igizwe n’ibihugu bibiri yabayeho gute, kandi Yohani yavuze ko ‘umutwe’ ugira indwi ari wo ntwaro nganzasi, wogumyeho igihe kingana iki?

      7 Mu kinjana ca 19, zimwezimwe mu ntara zo muri Amerika ya Ruguru zatwarwa n’Ubwongereza zari zariyonkoye zivamwo igihugu cigenga ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Ico gihugu gishasha be n’ico ciyonkoyeko vyabandanije kutumvikana mu vya politike. Ariko rero, Intambara ya mbere y’isi yose yatumye ivyo bihugu bibwirizwa kwemera ko hari inyungu bisangiye maze birunga ubucuti budasanzwe. Ukwo ni ko intwaro nganzasi igizwe n’ibihugu bibiri yabayeho, ikaba igizwe na Leta Zunze Ubumwe za Amerika, igihugu gitunze kuruta ibindi vyose kw’isi, hamwe n’Ubwongereza, inganji nini kuruta izindi zose kw’isi. Uwo ni wo wa ‘mutwe’ canke intwaro nganzasi igira indwi iganza gushika mu gihe c’iherezo, ikaganza n’uturere Ivyabona vya Yehova bo mu bihe vya none batanguriyemwo. Ugereranije n’ikiringo kirekire umutwe ugira gatandatu waganje, uwo mutwe ugira indwi ugumaho “akanya gato” gusa, gushika Ubwami bw’Imana bukuyeho intwaro zose.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika