ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ugushitsa urubanza kuri Babiloni Akomeye
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
    • 11. Umumarayika wa Yehova avuga iki ku bijanye n’amahembe cumi ya ca gikoko c’ikigereranyo c’ibara ry’agahama?

      11 Mu kigabane c’igitabu c’Ivyahishuwe c’imbere y’iki, umumarayika wa gatandatu n’uw’indwi barasutse amabakure y’ishavu ry’Imana. Twaciye tubwirwa ko abami b’isi bariko bakoranirizwa ku ntambara y’Imana ya Harumagedoni be n’uko ‘Babiloni Akomeye ategerezwa kwibukwa imbere y’Imana.’ (Ivyahishuwe 16:1, 14, 19) Ubu rero tugira tumenyeshwe ido n’ido ingene Imana ibashitsako imanza zayo. Umve kandi ivyo umumarayika wa Yehova abwira Yohani, ati: “Arya mahembe cumi wabonye na yo asobanura abami cumi, bakaba batararonka ubwami, mugabo bararonka ububasha nk’abami isaha imwe hamwe na ca gikoko. Abo bafise iciyumviro kimwe, gutyo bagaha ubushobozi bwabo n’ububasha bwabo ca gikoko. Abo bazorwana na wa Mwagazi w’intama, mugabo, kubera ari Umukama w’abakama n’Umwami w’abami, wa Mwagazi w’intama azobatsinda. Abahamagawe kandi batowe kandi b’abizigirwa bari kumwe na we, na bo nyene bazotsinda.”—Ivyahishuwe 17:12-14.

  • Ugushitsa urubanza kuri Babiloni Akomeye
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
    • 13. Ni mu buryo ki ya mahembe cumi afise “iciyumviro kimwe,” kandi ivyo vyerekana ko azogira inyifato iyihe ku bijanye na wa Mwagazi w’intama?

      13 Muri iki gihe, agatima ko kwiratira igihugu ni kimwe mu bintu bikomeye cane biha inguvu ayo mahembe cumi. Afise “iciyumviro kimwe,” ni ukuvuga ko yipfuza kugumana ubwigenge bw’ibihugu vyayo aho kwemera Ubwami bw’Imana. Iyo ni yo ntumbero nyamukuru vyari bifise mu kwifatanya na wa Muhari w’amahanga hamwe n’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ni ukuvuga kuzigama amahoro kw’isi gutyo bikagumaho. Iyo nyifato yerekana ko ayo mahembe azorwanya wa Mwagazi w’intama ari we wa “Mukama w’abakama n’Umwami w’abami,” kuko Yehova afise umugambi w’uko Ubwami bwiwe burongowe na Yezu Kristu vuba busubirira ubwo bwami bwose.—Daniyeli 7:13, 14; Matayo 24:30; 25:31-33, 46.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika