-
Ca gisagara gikomeye gitikizwaIvyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
-
-
22. (a) Ijwi rivuye mw’ijuru rivuga iki? (b) Ni igiki catumye abasavyi b’Imana banezerwa mu 537 B.G.C. no mu 1919 G.C.?
22 Amajambo Yohani aca avuga arerekeza kw’iranguka ry’ubundi buhanuzi, ati: “Maze numva irindi jwi rivuye mw’ijuru rivuga riti: ‘Nimuve iwe, bantu banje, nimba mudashaka gusangira na we ibicumuro vyiwe, nimba kandi mudashaka kuronka ku vyago vyiwe.’” (Ivyahishuwe 18:4) Ubuhanuzi bwo mu Vyanditswe vy’igiheburayo buvuga itemba rya Babiloni ya kera na bwo nyene burimwo itegeko Yehova yahaye abasavyi biwe, ati: “Hunge muve hagati muri Babiloni.” (Yeremiya 50:8, 13) Kubera ko Babiloni Akomeye agiye gutikizwa, abasavyi b’Imana muri iki gihe na bo nyene basabwa guhunga. Mu 537 B.G.C., Abisirayeli b’intahemuka baranezerewe cane igihe baronka akaryo ko guhunga bakava i Babiloni. Muri ubwo buryo nyene, igihe abasavyi b’Imana babohorwa mu buja bwa Babiloni mu 1919 baranezerewe cane. (Ivyahishuwe 11:11, 12) Kuva ico gihe, abandi bantu amamiliyoni baragamburutse iryo tegeko ryo guhunga bakava iwe.
-
-
Ca gisagara gikomeye gitikizwaIvyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
-
-
24. (a) Abasavyi b’Imana bategerezwa guhunga Babiloni Akomeye kugira birinde iki? (b) Abadahunze ngo bave muri Babiloni Akomeye basangira na we ibicumuro ibihe?
24 Emwe, ayo majambo arakomeye! Ni co gituma dukeneye kugira ico dukoze. Yeremiya yarahimirije Abisirayeli bo mu gihe ciwe ngo bagire ico bakoze, ati: “Nimuhunge muve hagati muri Babiloni, . . . kuko ari igihe c’ukwihōra ca Yehova. Ariko amusubiriza mu nkoko. Sohoke muve hagati muri we, yemwe bantu banje, mukize umwe wese ubuzima bwiwe ishavu rirurumba rya Yehova.” (Yeremiya 51:6, 45) Muri ubwo buryo nyene, ijwi rivuye mw’ijuru riraburira abasavyi b’Imana muri iki gihe ngo bahunge bave muri Babiloni Akomeye kugira ntibasangire na we ivyago vyiwe. Imanza zimeze nk’ivyago Yehova yaciriye ino si, ushizemwo na Babiloni Akomeye, ziriko ziratangazwa. (Ivyahishuwe 8:1–9:21; 16:1-21) Abasavyi b’Imana barakeneye kwitandukanya n’idini ry’ikinyoma nimba badashaka guhura n’ivyo vyago maze amaherezo bagapfana na we. Vyongeye, kuguma muri iryo shirahamwe vyotuma basangira na we ibicumuro vyiwe. Boca bagīrwa nka we n’ubusambanyi bwo mu vy’impwemu hamwe n’amaraso “y’abishwe kw’isi bose.”—Ivyahishuwe 18:24; gereranya n’Abanyefeso 5:11; 1 Timoteyo 5:22.
25. Ni mu buryo ubuhe abasavyi b’Imana bavuye muri Babiloni ya kera?
25 Ariko none, ni gute abasavyi b’Imana bava muri Babiloni Akomeye? Mu gihe ca Babiloni ya kera, Abayuda babwirizwa gufata urugendo bakava muri ico gisagara bagasubira mu Gihugu c’isezerano. Ariko ntivyari ivyo gusa. Yesaya yari yarabwiye Abisirayeli ati: “Hindukire, hindukire, veyo, ntimukore ku gihumanye na kimwe; sohoke muve hagati muri we, mugume mudahumanye, mwebwe abarerura ibikoresho vyo mu nzu vya Yehova.” (Yesaya 52:11) Ego cane, babwirizwa guheba imigenzo yose ihumanye yo mw’idini ry’i Babiloni yari gushobora gutosekaza ugusenga Yehova.
26. Abakirisu b’i Korinto bashize mu ngiro gute aya majambo ngo ‘nimuve muri bo kandi mureke gukora ku gihumanye’?
26 Intumwa Paulo yarasubiyemwo amajambo ya Yesaya mw’ikete yandikiye Abakorinto, ati: “Ntimuboherwe ku ngǒgo hamwe n’abatemera kandi bitajana. Kuko, ubugororotsi n’ubugarariji bihuriye ku ki? Canke umuco usangiye iki n’umwiza? . . . ‘Nimuve muri bo rero, kandi mwitandukanye na bo,’ ni ko Yehova avuga, ‘kandi mureke gukora ku gihumanye.’” Abakirisu b’i Korinto ntibabwirijwe kuva muri ico gisagara kugira bagamburuke iryo tegeko. Ariko rero, babwirijwe kwirinda kuja mu nsengero zihumanye z’idini ry’ikinyoma, bakongera bakitandukanya mu buryo bw’impwemu n’ibikorwa vy’abo bantu basenga ibigirwamana. Mu 1919, abasavyi b’Imana baratanguye guhunga bava muri Babiloni Akomeye muri ubwo buryo, baravavanura n’ibisigarira vyose vy’inyigisho n’imigenzo bihumanye. Gutyo rero, barashoboye gukorera Imana ari abasavyi bayo batyoroye.—2 Abakorinto 6:14-17; 1 Yohani 3:3.
-