-
Umubabaro n’umunezero bitewe n’ikurwaho rya BabiloniIvyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
-
-
Aragīrwa n’amaraso ateye ubwoba
14. Wa mumarayika w’inkomezi avuga ko ari kubera iki Yehova acira urubanza rubi cane Babiloni Akomeye, kandi ni ibiki Yezu yavuze bisa n’ivyo igihe yari kw’isi?
14 Mu gusozera, wa mumarayika w’inkomezi aratubwira igituma Yehova acira urubanza rubi cane Babiloni Akomeye. Avuga ati: “Egome, iwe ni ho habonetse amaraso y’abahanuzi n’ay’aberanda n’ay’abishwe kw’isi bose.” (Ivyahishuwe 18:24) Igihe Yezu yari kw’isi, yabwiye indongozi z’idini z’i Yeruzalemu yuko zagīrwa n’“amaraso yose y’abagororotsi yavishijwe kw’isi . . . kuva ku maraso ya wa mugororotsi Abeli.” Ivyo vyatumye iryo yaruka rihetaraye ritikizwa mu 70 G.C. (Matayo 23:35-38) Muri iki gihe, hariho irindi yaruka ry’abanyamadini ryagirwa n’amaraso kubera rihama abasavyi b’Imana.
15. Ni mu buryo bubiri ubuhe Ekleziya Gatolika yo mu Budagi bw’Abanazi yagiriwe n’amaraso?
15 Mu gitabu ciwe (L’Église catholique et l’Allemagne nazie), uwitwa Guenter Lewy yandika ati: “Igihe Ivyabona vya Yehova bahagarikwa i Bavière ku wa 13 Ndamukiza [1933], Ekleziya mbere yaremeye igikorwa yahawe n’ubushikiranganji bw’indero n’amadini co kudoma urutoke ku muntu wese acifatanya n’iryo dini ribujijwe.” Gutyo rero, igihe Ivyabona ibihumbi bapfungirwa mu makambi y’itunatuniro, Ekleziya Gatolika yarabigizemwo uruhara; iragīrwa n’amaraso y’Ivyabona amajana bishwe. Igihe Ivyabona bakiri bato nka Wilhelm Kusserow berekana ko bashobora kurya umutima amenyo bakemera kwicwa barashwe, Hitler yaciye avuga ko ubwo buryo bwo kubica butabahasha bihagije; ni co gituma mwenewabo na Wilhelm ari we Wolfgang yishwe aciwe umutwe afise imyaka 20. Muri ico gihe nyene, Ekleziya Gatolika yariko iraremesha urwaruka rw’abagatolika b’Abadagi ngo bemere kwigura igisirikare c’igihugu cabo c’amavukiro. Emwe, si agaseseshwarumuri ko idini ryagīrwa n’amaraso!
16, 17. (a) Ni amaraso ayahe Babiloni Akomeye ategerezwa kubazwa, kandi ni gute Vatikano yagiriwe n’amaraso ku bijanye n’Abayahudi bahitanywe na rya honyabwoko ryagizwe n’Abanazi? (b) Ni uburyo bumwe ubuhe idini ry’ikinyoma ribazwa abantu amamiliyoni bahitanywe n’intambara amajana zo mu gihe ca none?
16 Ariko rero, ubwo buhanuzi buvuga ko amaraso “y’abishwe kw’isi bose” ategerezwa kubazwa Babiloni Akomeye. Nta gukeka ko ivyo vyagaragaye ko ari ukuri mu gihe ca none. Nk’akarorero, kuva aho amayeri ya Gatolika atumiye Hitler aja ku butegetsi mu Budagi, Vatikano yaragize uruhara mw’iseswa ry’amaraso ateye ubwoba igihe Abayahudi imiliyoni zitandatu bahitanwa na rya honyabwoko ryagizwe n’Abanazi. Vyongeye muri iki gihe cacu, abantu barenga imiliyoni ijana baramaze guhitanwa n’intambara amajana zabaye. None idini ryoba ribifisemwo uruhara? Ego cane, mu buryo bubiri.
17 Uburyo bumwe ni uko intambara nyinshi usanga zifatiye ku macakubiri ashingiye ku madini. Nk’akarorero, ubukozi bw’ikibi bwabaye mu Buhindi hagati y’abisilamu n’abahindu mu 1946-1948 bwandurutse ku madini. Abantu ibihumbi amajana barahasize ubuzima. Amatati yabaye hagati ya Iraki na Irani mu myaka 1980 yaturutse ku macakubiri ashingiye kw’idini, abantu ibihumbi amajana bakaba barishwe. Ububisha bwabaye hagati y’abagatolika n’abaporoti muri Irlande ya Ruguru bwarahitanye abantu ibihumbi. Umwanditsi w’ikinyamakuru yitwa C. L. Sulzberger yagize ubushakashatsi kuri ivyo, yavuze mu 1976 ati: “Birababaje kubona nk’igice c’intambara ziriko ziraba hirya no hino kw’isi canke izirenga ari intambara z’amadini canke ugasanga zifitaniye isano n’ukutumvikana kw’amadini.” Emwe, ukwo ni ko vyamye mu kiringo cose kidurumbanye Babiloni Akomeye amaze.
18. Uburyo bugira kabiri amadini yo mw’isi yagirwa n’amaraso ni ubuhe?
18 Uburyo bugira kabiri ni ubuhe? Twisunze uko Yehova abona ibintu, amadini yo mw’isi aragirwa n’amaraso kubera atigishije mu buryo bujijura abanywanyi bayo ukuri kwerekeye ivyo Yehova asaba abasavyi biwe. Ntiyajijuye abantu yuko abasavyi b’Imana b’ukuri bategerezwa kwigana Yezu Kristu bakagaragariza abandi urukundo, naho boba baturuka hehe. (Mika 4:3, 5; Yohani 13:34, 35; Ivyakozwe 10:34, 35; 1 Yohani 3:10-12) Kubera ko amadini yo muri Babiloni Akomeye atigishije ivyo bintu, abanywanyi bayo baragize uruhara mu ntambara z’urutavanako zabaye kw’isi hose. Ese ukuntu ivyo vyagaragaye muri za ntambara zibiri z’isi yose zabaye mu gice ca mbere c’ikinjana ca 20, zompi zikaba zatanguriye mu biyita abakirisu zigatuma abasangiye amadini bicana! Iyaba abivugisha ko ari abakirisu bose bumira ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya, izo ntambara ntizari kuba.
19. Ni gute Babiloni Akomeye yagirwa n’amaraso ateye ubwoba?
19 Ayo maraso yose Yehova ayabaza Babiloni Akomeye. Abakuru b’amadini, na canecane abiyita abakirisu, iyo bigisha abanywanyi babo ukuri kwo muri Bibiliya, ntihari guseseka amaraso menshi gutyo. Vy’ukuri rero, mu buryo bumwe canke ubundi, Babiloni Akomeye wa mumaraya ahambaye akaba n’inganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma, Yehova ntazomubaza gusa “amaraso y’abahanuzi n’ay’aberanda” yahamye yongera arica, ariko kandi azomubaza amaraso “y’abishwe kw’isi bose.” Ego cane, Babiloni Akomeye aragirwa n’amaraso ateye ubwoba. Ese ingene tuzokwiruhutsa niyatikizwa buhere!
-
-
Umubabaro n’umunezero bitewe n’ikurwaho rya BabiloniIvyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
-
-
[Uruzitiro ku rup. 270]
Ingaruka z’ubuhemu
Guenter Lewy yandika mu gitabu ciwe (L’Église catholique et l’Allemagne nazie) ati: “Iyo Ekleziya Gatolika yo mu Budagi ishigikira umugambi wo kurwanya intwaro y’Abanazi yivuye inyuma, birashoboka ko kahise k’isi kari kumera ukundi. Naho vyari gushika ntitsinde Hitler ngo imubuze gukora amabi yose yakoze, vyari kuyitera iteka ridasanzwe. Nta gukeka ko vyari guhitana benshi, ariko bari kuba bazize ikiri ukuri. Iyo Hitler ataza kuba ashigikiwe n’abo mu gihugu ciwe, hari aho atari kwubahuka gusomborotsa intambara kandi abantu amamiliyoni bari kuba barusimvye. . . . Igihe Abadagi ibihumbi badashigikiye umugambwe w’Abanazi bicwa urw’agashinyaguro mu makambi y’itunatuniro, igihe incabwenge zo muri Polonye zicwa, igihe Abarusiya ibihumbi amajana bicwa bahorwa ngo ni ubwoko bw’Abasilave Untermenschen [badakwije], be n’igihe abantu 6.000.000 bicwa bahorwa ngo ntibari mu bwoko Abanazi babona ko ari nyabwo (race aryenne), abakuru ba Ekleziya Gatolika bo mu Budagi barashigikiye intwaro yariko irakora ayo mabi. Papa w’i Roma ari we ndongozi yo mu vy’idini akaba n’umwigisha ruheta wa Ekleziya Gatolika, ntiyigeze akurako umunwa.”—Urupapuro rwa 275, 292.
-