ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Barihata ngo batahukane intsinzi
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
    • 3. (a) Ni indemesho iyihe Yezu yahaye abakirisu b’i Simuruna? (b) Naho abakirisu b’i Simuruna bari aboro, ni kubera iki Yezu yavuze ko bari ‘abatunzi’?

      3 Agira ati: “Ndazi amakuba yawe n’ubworo bwawe—mugabo uri umutunzi—nkamenya n’ukurogota kw’abivuga ko ari Abayuda yamara atari bo, ahubwo ari isinagogi ya Shetani.” (Ivyahishuwe 2:9) Yezu ntakosora bene wabo b’i Simuruna, ahubwo arabakeza gusa. Barashikiwe n’amakuba menshi bahorwa ukwizera kwabo. Nta matunga bafise, kumbure kubera ukudahemuka kwabo. (Abaheburayo 10:34) Ivyo bitwararika cane ni ivy’impwemu, kandi barirundanirije ubutunzi mw’ijuru nk’uko Yezu yabivuze. (Matayo 6:19, 20) Ku bw’ivyo, wa Mwungere Mukuru abona ko ari ‘abatunzi.’—Gereranya na Yakobo 2:5.

      4. Ni bande barwanije cane abakirisu b’i Simuruna, kandi Yezu yabona gute ababarwanya?

      4 Yezu avuga canecane ko abakirisu b’i Simuruna barwanijwe cane n’Abayuda. Mu ntango, benshi mu banywanyi b’iryo dini bararwanije bivuye inyuma ikwiragira ry’ubukirisu. (Ivyakozwe 13:44, 45; 14:19) Ubu na ho, inyuma y’imyaka mirongo gusa Yeruzalemu itemvye, abo Bayuda b’i Simuruna baragaragaza ka gatima nyene ka Shetani. Ntibitangaje kubona Yezu ababona nk’“isinagogi ya Shetani”!a

  • Barihata ngo batahukane intsinzi
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
    • a Haciye nk’imyaka 60 Yohani apfuye, uwitwa Polycarpe w’imyaka 86 yarapfuye atuririwe i Simuruna azira ko yanse kwihakana Yezu. Igitabu kimwe (Martyre de Polycarpe) vyiyumvirwa ko canditswe muri ico gihe, kivuga ko igihe bariko barasenya inkwi zo kumuturira, “Abayuda babigiranye umwete mwinshi nk’uko bari basanzwe,” naho yagandaguwe ku “musi w’Isabato ihambaye.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2027)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika