“Mukenyere Ukwicisha Bugufi”
“Imana irwanya abībona, arikw abicisha bugufi ikabaha ubuntu.”—1 PETERO 5:5.
1, 2. Ni inyifato zibiri izihe zihushanye zifise ico zikora bimwe bikomeye cane ku kuntu abantu bigenza?
MU NYIFATO Ijambo ry’Imana ritwereka, harimwo zibiri zihushanye. Zompi zirafise ico zikora bimwe bikomeye ku kuntu abantu bigenza. Imwe idondorwa ko ari ‘ukwicisha bugufi.’ (1 Petero 5:5) Inyizamvugo imwe isobanura ko ‘guca bugufi’ ari “ukwifata ruto mu buryo umuntu yigenza canke mu mutima: bitarimwo ubwibone burangwa n’ukwiyemera.” Ukwicisha bugufi kwitiranwa n’ukwifata ruto, kandi Imana ibona ko iyo ari kamere nziza cane.
2 Igihushane cavyo ni ubwibone. Iryo risobanurwa ko ari “ukwiha agaciro birenze urugero,” harimwo “ukugayana.” Ubwibone bwikwegerako, kandi burondera inyungu z’ivy’amaronko, z’ubwikunzi hamwe n’izindi, ata kuraba ingaruka mbi ivyo bigira ku bandi. Bibiliya irerekana ingaruka imwe, mu kuvuga iti: “Umuntu umwe agira ububasha ku wundi bgo kumugirira nabi.” Iravuga ivy’ ‘ukugiriranira ishari’ ko ari “[u]guhahamira umuyaga” kubera ko iyo umuntu apfuye “adatwa[ra] ikintu na kimwe.” Ubwibone mwene ubwo Imana ibona ko ari ubwo kwanka urunuka.—Umusiguzi 4:4; 5:15; 8:9.
Agatima Kiganje mw’Isi
3. Ni agatima akahe kiganje mw’isi?
3 Muri izo nyifato zibiri ni iyihe iranga isi yo muri iki gihe? Ni agatima akahe kiganje mw’isi? Igitabu kimwe, World Military and Social Expenditures 1996, kivuga giti: “Nta kindi kinjana bizwi ko kinganya n’ikinjana ca 20 mu vy’ubukazi . . . bw’ubunyamaswa.” Uguhiganira ububasha mu vya politike no mu vy’ubutunzi—tutibagiye amatati ashingiye ku bihugu, ku madini, ku kabira no ku moko—kwarirahiye abantu barenga imiliyoni 100 muri iki kinjana. Inyifato yo kuba umwe wese yikwegerako na yo nyene yarongerekanye. Ikinyamakuru kimwe, Chicago Tribune, cavuze giti: “Mu ndwara zisinzikaje ikibano harimwo n’ubukazi bukomeye, ukwonona abana, ukwahukana, ukuborerwa, SIDA, ukwiyahura kw’urwaruka, ibiyayura umutwe, utugwi tw’inkozi z’ibibi two mu mabarabara, ugufata abagore ku nguvu, ibitwarire, ugukorora inda, ibintu vyerekana ubushegabo, . . . ukubesha, ukwiba, ibiturire mu vya politike . . . Mu vy’ukwigenza runtu nta ciza n’ikibi bikivugwa.” Ni co gituma ikinyamakuru kimwe, UN Chronicle, catanze iyi mburizi: “Ibibano biriko birasambuka.”
4, 5. Ni mu buryo ki agatima k’isi kadondorwa neza mu buhanuzi bwa Bibiliya bwerekeye iki gihe cacu?
4 Ivyo bintu biri kw’isi yose. Ni nk’uko nyene ubuhanuzi bwa Bibiliya bwari bwarabivuze imbere y’igihe ku vyerekeye iki gihe cacu. Bwavuze buti: “Mu misi y’iherezo hazoza ibihe bigoye. Kukw abantu bazoba bikunda gusa, bakunda amahera, bīrārīra, bībona, batukana, batumvira abavyeyi, intashima, abanegura ivy’Imana, badakunda n’ababo, banka kwuzura, barementanya, batigarura, inkazi, badakunda ivyiza, abaguranyi, ibirandamuke, abikakisha.”—2 Timoteyo 3:1-4.
5 Iyo ni indondoro ihuye neza na neza n’agatima kiganje muri iyi si. Ni inyifato y’ubwikunzi, y’ukwishira imbere. Amatati ari hagati y’ibihugu abonekera mu matati ari mu bantu. Nk’akarorero, mu mahiganwa y’inkino, abakinyi benshi bipfuza kuba aba mbere bataravye ukuntu ivyo vyobabaza abandi mu mutima canke mbere no ku mubiri. Ako gatima ko kwikwegerako kararemeshwa mu bana kandi kakabandanya no mu mice myinshi y’ubuzima bw’abakuze. Nta kindi bivamwo atari “urwanko, n’umuryano, n’ishari, n’ishavu, n’imp[a]ri, n’[ukwicamwo ibice].”—Abagalati 5:19-21, Ubwuzure Bushasha.
6. Ni nde aremesha ubwikunzi, kandi Yehova abona gute iyo nyifato?
6 Bibiliya yerekana ko agatima ko kwikwegerako kari muri iyi si kagaragaza aka “[wa wundi] yitwa Murwanizi, irindi ni Satani, [we a]zimiza abari kw isi bose.” Ku vyerekeye akosho Shetani agira ku bantu baba muri iyi misi y’iherezo igoye, Bibiliya ibura iti: “Ibara rizobonwa n’isi . . . , kuk’Umurwanizi yabamanukiye, ari n’inzigo nyinshi, azi kw afise igihe gito.” (Ivyahishuriwe 12:9-12) Ni co gituma we hamwe n’amadayimoni bafatanije bongereje utwigoro two kuremesha agatima ko kwikunda mu muryango w’abantu. None Yehova yiyumvira iki ku vyerekeye agatima mwene ako? Ijambo ryiwe rivuga riti: “Umuntu wese w’ubgibone mu mutima n’igisesema k’Uhoraho.”—Imigani 16:5.
Yehova Ari Kumwe n’Abicisha Bugufi
7. Yehova abona gute abicisha bugufi, kandi abigisha iki?
7 Mugabo rero, Yehova arahezagira abicisha bugufi. Mu ruririmbo Umwami Dawidi yaririmbiye Yehova, yavuze ati: “Abacishijwe bugufi uzobakiza, arikw igitsure cawe kiri ku bībone, kugira ng’ubasubize hasi.” (2 Samweli 22:1, 28) Ni co gituma Ijambo ry’Imana ritanga iyi mpanuro: “Murondere Uhoraho, yemwe bagwaneza mwese bo kw isi, . . . murondere ubugororotsi, bo n’ukwicisha bugufi; kumbure muzokinjishwa ku musi w’uburake bg’Uhoraho.” (Zefaniya 2:3) Abarondera Yehova bicishije bugufi barigishwa na we gutsimbataza agatima ataho gahuriye n’ak’iyi si. “Abīcisha bugufi azobarangira inzira yiwe.” (Zaburi 25:9; Yesaya 54:13) Iyo nzira ni inzira y’urukundo. Ishingiye ku gukora ibigororotse mu buryo bujanye n’ingingo ngenderwako z’Imana. Nk’uko Bibiliya ibivuga, urwo rukundo rushingiye ku ngingo “ntirwihayagiza, ntirwihimbaza, . . . ntirurondera ivyarwo.” (1 Ab’i Korinto 13:1-8) Vyongeye, rwigaragariza mu kwicisha bugufi.
8, 9. (a) Urukundo rushingiye ku ngingo rukomoka he? (b) Kwigana urukundo n’ukwicisha bugufi Yezu yagaragaje bifise akamaro ku rugero rungana iki?
8 Paulo hamwe n’abandi Bakirisu bo mu kinjana ca mbere bigiye urukundo nk’urwo mu nyigisho za Yezu. Yezu na we yarwigiye kuri Se, Yehova, uwo Bibiliya idondora iti: “Imana [ni] urukundo.” (1 Yohana 4:8) Yezu yari azi ko Imana igomba yuko abaho yisunga itegeko ry’urukundo, kandi yabayeho aryisunga. (Yohana 6:38) Ni co gituma yari afitiye imbabazi abacurwa bufuni na buhoro, abakene, n’abanyavyaha. (Matayo 9:36) Yababwiye ati: “Ni muze kuri jewe mwese abananiwe n’abaremerewe, ndabaruhura; mwikoreze ingata yanje, munyigireko; kuko nd’umugwaneza, niyoroheje mu mutima.”—Matayo 11:28, 29, ni twe tubihiritse.
9 Yezu yareretse abigishwa biwe akamaro ko kwigana urukundo rwiwe be n’ukwicisha bugufi kwiwe igihe yababwira ati: “Ni mwagiriranira urukundo, ni ho bose bazomenya ko mur’abigishwa banje.” (Yohana 13:35) Vyokwibonekeje ko batandukanye n’iyi si irangwa n’agatima ko kwikumirako. Ni co gituma Yezu yashoboye kuvuga ivy’abayoboke biwe ati: “[Si] ab’isi.” (Yohana 17:14) Oya, ntibigana agatima k’ubwibone, n’ubwikunzi karangwa muri iyi si ya Shetani. Ahubwo, bigana agatima k’urukundo n’ukwicisha bugufi Yezu yagaragaje.
10. Muri iki gihe Yehova ariko akorera iki abicisha bugufi?
10 Ijambo ry’Imana ryari ryaravuze imbere y’igihe yuko muri iyi misi y’iherezo, abicisha bugufi botororokanirijwe mu kibano gikwiye isi yose kigendera ku rukundo no ku kwicisha bugufi. Gutyo, abasavyi ba Yehova bari mw’isi iguma irushiriza kurangwa n’ubwibone, baragaragaza agatima gatandukanye n’ako—na ko ni ukwicisha bugufi. Abantu mwene abo bavuga bati: “Ni muze tudūge, tuje ku murwa w’Uhoraho [ugusenga kwiwe kw’ukuri kuri hejuru], . . . kugira ngw [a]twigishe ivy’inzira z[iwe], natwe tuzigenderemwo.” (Yesaya 2:2, 3) Ivyabona vya Yehova bagize ico kibano co kw’isi yose kigendera mu nzira z’Imana. Barimwo “ishengero ryinshi [riguma ryongerekana], ata woshobora kuriharūra, bo mu mahanga yose n’amoko yose n’indimi zose.” (Ivyahishuriwe 7:9) Iryo shengero ryinshi ubu rigizwe n’amamiliyoni y’abantu. None Yehova ariko abamenyereza gute kwicisha bugufi?
Twige Kwicisha Bugufi
11, 12. Abasavyi b’Imana bagaragaza gute ukwicisha bugufi?
11 Impwemu y’Imana ikorera mu basavyi bayo bafise umutima ukunze iratuma bashobora kwiga gutsinda agatima kabi k’isi hanyuma maze bakagaragaza icamwa c’impwemu y’Imana. Ico kikaba kigaragazwa n’ “urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, kugira neza, ingeso nziza, [ukwizera], ubugwaneza, ukwirinda.” (Ab’i Galatiya 5:22, 23) Mu kubafasha gutsimbataza izo kamere, abasavyi b’Imana bahanurwa ‘kutifata uko batari, ngo bandurutsanye, bagiriranire ishari.’ (Ab’i Galatiya 5:26) Intumwa Paulo yavuze kandi iti: “Ndabgira umuntu wese muri mwebge, . . . yoye kwifata ukw atari, yamara yiyumvire yitonze.”—Abaroma 12:3.
12 Ijambo ry’Imana ribwira Abakirisu nyakuri “[kutagira] ico [ba]kora kubgo gukēbana cank’ukwifata uko [ba]tari, ariko [bi]cishije bugufi, umuntu wese yiyumvire yuko [umusavyi w’Imana] mugenzi we amuruta, kand’umuntu wese ntiyiyumvire ivyiwe gusa, ariko yiyumvire n’ivy’abandi.” (Ab’i Filipi 2:3, 4) “Ntihagire umuntu ababara ivyiwe, arikw ababare ivya mugenzi we.” (1 Ab’i Korinto 10:24) Egome, “urukundo rurubaka” abandi biciye ku majambo n’ibikorwa bitagiramwo ubwikunzi. (1 Ab’i Korinto 8:1) Ruremesha ugufashanya, ntiruremesha uguhiganwa. Agatima ko kwishira imbere nta kibanza gafise mu basavyi ba Yehova.
13. Ni kuki ukwicisha bugufi gukwiye kwigwa, kandi umuntu akwiga gute?
13 Ariko rero, kubera ko twarazwe agasembwa, ntituvuka turi abicisha bugufi. (Zaburi 51:5) Iyo kamere ikwiye kwigwa. Kandi ivyo bishobora kugora abatigishijwe ivy’inzira za Yehova kuva bakiri bato ariko bakavyemera mu nyuma. Baba baramaze kugira kamere zishingiye ku nyifato z’iyi si ishaje. Urumva rero ko bategerezwa kwiga “[k]wiyambur[a] wa muntu wa kera, abozwa n’ukwifuza [kwabo] kw’uruhendo” hanyuma “[ba]kambara wa muntu musha, yaremwe mw ishusho y’Imana mu kugororoka no mu kwera kw’ukuri.” (Abanyefeso 4:22, 24) Babifashijwemwo n’Imana, abantu b’inziraburyarya barashobora kugira ico ibasaba. Na co ni iki: “Mwambare umutima w’ikigongwe, n’ineza, n’ukwicisha bugufi n’ugutekereza, n’ukwihangana.”—Ab’i Kolosayi 3:12, ni twe tubihiritse.
14. Yezu yiyamirije gute ivy’ugushaka kwishira hejuru y’abandi?
14 Abigishwa ba Yezu ivyo bategerezwa kuvyiga. Bacitse abigishwa biwe bamaze kuba abantu bageze mu bigero kandi bari bafise urugero runaka rw’agatima k’isi k’uguhiganwa. Igihe umuvyeyi wa babiri muri bo yaronderera ubukuru abahungu biwe, Yezu yavuze ati: “Abaganwa b’amahanga ba[twaza abantu] amanyama, kandi n’abakuru ba[b]o ba[b]agirak’ububasha. Muri mwebge si ko biri. Arik’ūgomba kuba mukuru muri mwebge az’abe umukozi wanyu; kand’ūgomba kuba uw’imbere az’abe umuja wanyu, nk’uk’Umwana w’umuntu [Yezu] atāzanywe no gukorerwa, atar’ugukorera abandi, no gutanga ubu[zima] bgiwe kw incungu ya benshi.” (Matayo 20:20-28) Igihe Yezu yabwira abigishwa biwe kudakoresha amazina y’icubahiro mu kugerageza kwishira hejuru, yongeyeko ati: “Mwese mur’abavukana.”—Matayo 23:8.
15. Ni inyifato iyihe abarondera kuba abacungezi bakwiye kugira?
15 Umuyoboke nyakuri wa Yezu ni umusuku, emwe, umuja w’Abakirisu bagenziwe. (Ab’i Galatiya 5:13) Ivyo ni uko bimeze canecane ku bashaka gukwiza ibisabwa kugira ngo babe abacungezi mw’ishengero. Ntibakwiye kwigera bahiganirwa ubukuru canke ububasha; ntibakwiye “[gu]twaza amanyama amasho [ba]gabanganirijwe, ariko [bakwiye kuba] ivyitegererezo vy’ubusho.” (1 Petero 5:3) Agatima ka satuntutwanje ni ikimenyetso c’uko umuntu adakwiye koko kuba umucungezi. Umuntu nk’uyo arashobora kwonona ishengero. Ego niko, ‘kurondera gushikira ubucungezi’ ni vyiza, mugabo ivyo bikwiye kuba bivuye mu cipfuzo co gukorera abandi Bakirisu. Uwo murimo si igiti canke ububasha, kubera ko abacungezi bakwiye kuba mu bicisha bugufi kuruta abandi bo mw’ishengero.—1 Timoteyo 3:1, 6.
16. Ni kuki Diyotirefe yashizwe ku kabarore mw’Ijambo ry’Imana?
16 Intumwa Yohani akwegera ivyiyumviro vyacu ku muntu atabona ibintu mu buryo bwiza, akavuga ati: “Har’ico nandikiye ishengero: ariko Diyotirefe, akunda kwishira imbere muri bo, ntatwemera [“nta kintu na kimwe kivuye kuri twebwe yakirana icubahiro,” NW].” Uwo mugabo yaragaya abandi kugira ngo agerageze kwishira hejuru. Mu gishingo c’ivyo, impwemu y’Imana yaratumye Yohani yandika muri Bibiliya ivy’ukuntu yashize ku kabarore Diyotirefe kubera inyifato yiwe y’ukwishira imbere.—3 Yohana 9, 10.
Inyifato Ibereye
17. Petero, Paulo, na Barunaba bagaragaje gute ukwicisha bugufi?
17 Hariho uturorero twinshi muri Bibiliya tugaragaza inyifato zibereye z’ukwicisha bugufi. Igihe Petero yinjira inzu ya Koruneliyo, uwo mugabo “y[arikubise] imbere y’ibirenge [vya Petero] aramupfukamira.” Mugabo aho kwemera gushemezwa, “Petero amukūra hasi, ati Va hasi, nanje nd’umuntu nkawe.” (Ivyakozwe 10:25, 26) Igihe Paulo na Barunaba bari i Lusitira, Paulo yarakijije umugabo yari yavutse ari ikimuga. Ico vyavuyemwo ni uko amasinzi y’abantu bavuze yuko izo ntumwa ari imana. Ariko rero, Paulo na Barunaba “bītantamurirakw impuzu zabo, bītera mu bantu, basemerera, bati Yemwe bagabo, n’iki gitumye mugira murtyo? Natwe tur’abantu buntu, tumeze nkamwe.” (Ivyakozwe 14:8-15) Abo Bakirisu bicisha bugufi ntibokwemeye ukuninahazwa n’abantu.
18. Ni igiki umumarayika w’agakomeye yabwiye Yohani yicishije bugufi?
18 Igihe intumwa Yohani yahabwa “uguhishura kwa Yesu Kristo,” kwarungikanywe umumarayika. (Ivyahishuriwe 1:1) Kubera ububasha umumarayika afise, turashobora gutegera igituma Yohani yatekewe n’ubwoba, kuko umumarayika umwe yasanganguye Abanyasiriya 185 000 mw’ijoro rimwe. (2 Abami 19:35) Yohani yigana ati: “Mmaze kuvyumva no kubibona, nikubita hasi imbere y’ibirenge vy’umumarayika anyeretse ivyo, ngira ndamusenge. Arambarira, at’Oya sigaho; nd’umugurano mugenzawe, kandi [nkaba ndi n’umugurano mugenzi] wa bene So, . . . Imana ba ari yo usenga.” (Ivyahishuriwe 22:8, 9) Mbega ukwicisha bugufi uwo mumarayika w’agakomeye yagaragaje!
19, 20. Nugereranye ubwibone bw’abajenerali b’Abaroma baba bigaruriye intara hamwe n’ukwicisha bugufi kwa Yezu.
19 Yezu yari akarorero ntangere k’umuntu yicisha bugufi. Yari Umwana w’ikinege w’Imana, uwari araririye kuzoba Umwami w’Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru. Igihe yimenyekanisha ku bantu ko ari Umwami, ntiyabigize nk’uko ba bajenerali baba bigaruriye intara bo mu bihe vy’Abaroma babigira. Bagirirwa defire z’akataraboneka—ni ukuvuga ingendo z’ibirori—kandi bakagendera ku mikogote basharije n’inzahabu be n’amasenge y’inzovu, igakwegwa n’amafarasi yera, canke mbere n’inzovu, intambwe, canke ingwe. Muri izo ngendo haba harimwo abacuraranzi baririmba indirimbo z’intsinzi, hamwe n’ibikogote bipakiye iminyago be n’ibikogote bininibinini birimwo vyerekana ibibera mu ntambara. Haba hariho kandi abami bafashwe inyagano, abaganwa, n’abajenerali, hamwe n’imiryango yabo, kenshi bakaba bari amenya kugira ngo babatetereze. Ivyo birori vyashira ahabona ubwibone, ukwishira hejuru.
20 Gereranya ivyo n’uburyo Yezu yiyerekanye. Yariyoroheje yicishije bugufi n’umutima ukunze kugira ngo arangure ubuhanuzi bumwerekeye, ubwari bwaravuze imbere y’igihe buti: “Rāba, umwami wawe aje kuri wewe, n’umugororotsi, kand’ari n’inganji; yicishije bugufi, agendera ku ndogoba.” Yaricishije bugufi aragendera ku gikoko gitwara imitwaro, ntiyagendera ku mukogote usunitswe na defire y’ibikoko vy’akaroruhore. (Zekariya 9:9; Matayo 21:4, 5) Ese ukuntu abantu bicisha bugufi bahimbarwa n’uko Yezu azoba Umwami yagenwe na Yehova kugira ngo aganze isi iyo iva ikagera muri ya si nshasha, uwari vy’ukuri yicishije bugufi, yifashe ruto, agakundana, akagira impuhwe n’ikigongwe.—Yesaya 9:6, 7; Ab’i Filipi 2:5-8.
21. Ukwicisha bugufi ntikwerekana iki?
21 Kubona Yezu, Petero, Paulo, hamwe n’abandi bagabo n’abagore b’ukwizera bo mu bihe vya Bibiliya bari abantu bicisha bugufi bituma tutiyumvira ko ukwicisha bugufi ari ukugoyagoya. Ahubwo riho, kugaragaza ko umuntu akomeye, kubera yuko abo bantu bari abarindutsi bakongera bakaba abanyamwete. Kubera ko bari bakomeye cane mu vy’ubwenge no vy’ukwigenza runtu, bararinze ibigeragezo vy’agacavutu. (Abaheburayo, ikigabane c’11) No muri iki gihe nyene, igihe abasavyi ba Yehova bicisha bugufi, baragira inguvu nk’izo kubera ko Imana ifata mu mugongo abicisha bugufi ikoresheje impwemu yayo yera ifise ububasha buhambaye. Gutyo, duhimirizwa dutya: “Mwese mukenyere ukwicisha bugufi . . . kukw Imana irwanya abībona, arikw abicisha bugufi ikabaha ubuntu. Nuko mwicishe bugufi muri musi y’ukuboko kw’Imana kw’ubushobozi, kugira ngw iz’ibashire hejuru mu gihe gikwiye.”—1 Petero 5:5, 6; 2 Ab’i Korinto 4:7.
22. Ni igiki tuja kwihweza mu kiganiro gikurikira?
22 Hariho uwundi muce mwiza wo kwicisha bugufi abasavyi b’Imana bakwiye gushira mu ngiro. Ni uwufasha cane mu vy’ukwubaka umutima w’urukundo no gusenyera ku mugozi umwe mw’ishengero. Si ivy’imbeshere, ni ikintu ntahara mu vy’ukwicisha bugufi. Ivyo birihwezwa mu kiganiro gikurikira.
Isubiramwo
◻ Nudondore aka gatima kiganje mw’isi.
◻ Yehova atonesha gute abicisha bugufi?
◻ Ni kuki ukwicisha bugufi gukwiye kwigwa?
◻ Ni uturorero utuhe two muri Bibiliya tw’abantu bagaragaje ukwicisha bugufi?
[Ifoto ku rup. 25]
Wa mumarayika yabwiye Yohani ati: “Oya sigaho; nd’umugurano mugenzawe”