-
Ubuhanuzi ivuga bwama burangukaUmunara w’Inderetsi—2012 | 1 Ruheshi
-
-
Ubuhanuzi ivuga bwama buranguka
“[Nta] jambo na rimwe mu majambo meza yose Yehova Imana yanyu yababwiye ritashitse.”—YOSUWA 23:14.
BIBILIYA ITANDUKANIYE HE N’IBINDI BITABU? Birazwi neza ko ivyo ba kamenyi ba kera bavuga ko bizoba bitaba bitomoye be n’uko bitaba ari ivyo kwizigirwa; ni ko biri no ku vyo abantu bavuga ubu ku bijanye na kazoza bafatiye ku bicapo vyitwa horoscopes. Nayo icigwa co kuvuga ibizoba (futurologie) usanga cishimikiza ukuntu ibintu biba vyifashe, kandi ni gake kinagerageza kuvuga imbere y’igihe ibintu nyezina bizoba haciye ibinjana. Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwo buvuga ibintu ido n’ido kandi bwama buranguka, naho buba bwavuze “kuva kera . . . ibintu bitarakorwa.”—Yesaya 46:10.
AKARORERO: Mu kinjana ca gatandatu imbere y’igihe cacu, umuhanuzi Daniyeli yareretswe ko Ubugiriki bwonesheje mu kanya gato Inganji y’Abamedi n’Abaperesi. Yareretswe kandi ko umwami w’Ubugiriki nyene gutsinda akimara “kugira inkomezi,” ubwami bwiwe ‘bwovunywe.’ Ni nde yomusubiriye? Daniyeli yanditse ati: “Hazohaguruka ubwami bune buvuye mw’ihanga ryiwe, mugabo budafise ububasha nk’ubwiwe.”—Daniyeli 8:5-8, 20-22.
ICO ABATOHOZAKAHISE BABIVUGAKO: Haciye imyaka irenga 200 Daniyeli abayeho, Alegizandere Mukuru yarabaye umwami w’Ubugiriki. Mu myaka cumi, yari anesheje Inganji y’Abamedi n’Abaperesi aca aragura Inganji y’Ubugiriki gushika ku Ruzi Indus (ruri muri Pakistani y’ubu). Ariko urupfu rwaramukubiranije afise imyaka 32. Amaherezo, urugamba rwabereye hafi y’i Ipsus muri Aziya Ntoya twovuga ko rwahimbaguye inganji yiwe. Abantu bane batsinze uwo rugamba bahavuye bagabangana Inganji y’Ubugiriki. Ariko nta n’umwe muri bo yashikiriye ububasha bwa Alegizandere.
UVYIBAZAKO IKI? Hari ikindi gitabu covuga ko ubuhanuzi buri muri co bwama buranguka? Canke riho twovuga ko Bibiliya ata ho ihuriye n’ibindi bitabu?
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 4]
“Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya . . . ni bwinshi cane ku buryo bitoshoboka na gato ko buranguka ku gihamana.”—IGITABU A LAWYER EXAMINES THE BIBLE, CANDITSWE NA IRWIN H. LINTON
[Abo dukesha ifoto ku rup. 4]
© Robert Harding Picture Library/SuperStock
-
-
Ntivuga ibitito, ivuga ivyabayeUmunara w’Inderetsi—2012 | 1 Ruheshi
-
-
Ntivuga ibitito, ivuga ivyabaye
“Nakurikiranye neza ibintu vyose kuva mu ntango.”—LUKA 1:3.
BIBILIYA ITANDUKANIYE HE N’IBINDI BITABU? Imigani n’ibitito usanga vyigana inkuru zitabaho ziterekana ahantu ibintu vyabereye, igihe vyabereyeko, hamwe n’amazina y’abantu babayeho koko. Bibiliya yoyo irimwo amakuru y’ido n’ido ya kahise atagira uko angana akura amazinda abasomyi yuko ‘ivyo ivuga ari ukuri kw’agahebuza.’—Zaburi 119:160, The Psalms for Today, y’uwitwa R. K. Harrison.
AKARORERO: Bibiliya ivuga ko “Nebukadinezari umwami wa Babiloni . . . [yatwaye umwami w’Ubuyuda] Yehoyakini mu bunyagano i Babiloni.” Mu nyuma, “Evili-merodaki umwami wa Babiloni, mu mwaka yabereyemwo umwami, [yarasohoye] Yehoyakini umwami wa Yuda mu nzu y’ibohero.” Vyongeye, Yehoyakini “yama ahabwa ingaburo ivuye ku mwami, ivyo yabwirizwa guhabwa ku musi ku musi, imisi yose y’ubuzima bwiwe.”—2 Abami 24:11, 15; 25:27-30.
IVYO ABACUKUZI B’IVYA KERA BUBUYE: Mu bisigarira vy’igisagara ca Babiloni ya kera, abacukuzi b’ivya kera barubuye inzandiko za Leta zo ku ngoma ya Nebukadinezari wa kabiri. Izo nyandiko zirimwo intonde z’ivyo imbohe be n’abandi bari bazeye uburaro n’uburamuko ku rugo rw’umwami bahabwa ku musi ku musi. Muri izo ntonde harimwo “Yawukini [ari we Yehoyakini],” uno akaba yari “umwami w’igihugu ca Yahudi (Yuda),” hakabamwo n’urugo rwiwe. Evili-merodaki, uwasubiriye Nebukadinezari, we yoba yarabayeho? Ivyandiko biri ku kibumbano catowe hafi y’igisagara ca Susa bivuga biti: “Ikirimba ca Amili-Maraduki [ari we Evili-merodaki], Umwami wa Babiloni, mwene Nebukadinezari, Umwami wa Babiloni.”
UVYIBAZAKO IKI? Hoba hari ikindi gisomwa kijanye n’ivy’Imana ca kera kivuga amakuru adomako kandi atagira amakosa ajanye na kahise? Canke riho twovuga ko Bibiliya ata ho ihuriye n’ibindi bitabu?
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 5]
“Amakuru [Bibiliya] itanga ku bijanye n’igihe ibintu vyabereyeko be n’aho vyabereye ni amakuru atagira amakosa kandi yo kwizigirwa kuruta ayatangwa n’izindi nzandiko izo ari zo zose za kera.”—IGITABU A SCIENTIFIC INVESTIGATION OF THE OLD TESTAMENT, C’UWITWA ROBERT D. WILSON
[Ifoto ku rup. 5]
Urwandiko rw’i Babiloni ruvuga umwami Yehoyakini wa Yuda
[Abo dukesha ifoto]
© bpk, Berlin/Vorderasiatisches Museum, SMB/Olaf M. Tessmer/Art Resource, NY
-
-
Mu vy’ubuhinga ntiyihendaUmunara w’Inderetsi—2012 | 1 Ruheshi
-
-
Mu vy’ubuhinga ntiyihenda
“Mbega kugeza ubu sinakwandikiye nkoresheje impanuro n’ubumenyi, kugira nkwereke ukuri kw’amajambo nyakuri, ngo ugarukane amajambo y’ukuri?”—IMIGANI 22:20, 21.
BIBILIYA ITANDUKANIYE HE N’IBINDI BITABU? Mu bitabu vya kera usanga kenshi harimwo ivyiyumviro bitari vyo kandi birimwo akaga vyamaze kubeshuzwa n’ubuhinga bwa none. No muri iki gihe, biraba ngombwa ko abanditsi baryohora ibitabu vyabo kugira babihuze n’ibintu bishasha vyubuwe. Ariko Bibiliya ivuga ko yakomotse ku Muremyi be n’uko Ijambo ryiwe “ryamaho ibihe vyose.”—1 Petero 1:25.
AKARORERO: Rya Tegeko rya Musa ryasaba Abisirayeli kuzika umwanda wabo mukuru mu kinogo “hanze y’ikambi.” (Gusubira mu vyagezwe 23:12, 13) Abisirayeli baramutse bakoze ku muvyimba w’igikoko canke w’umuntu, basabwa guca bamesa impuzu zabo bakongera bakiyuhagira mu mazi. (Abalewi 11:27, 28; Guharūra 19:13, 19) Ico gihe abanyamibembe barashirwa ukwabo gushika umubiri wabo usuzumwe bikemezwa ko batagishobora kwandukiza abandi.—Abalewi 13:1-8.
IVYO UBUVUZI BWA NONE BUHISHURA: Gukura imyanda, gukaraba no gushira abarwaye ukwa bonyene buracari bwo buryo ngirakamaro bwo kurwanya indwara. Mu gihe ata tuzu twa surwumwe canke ahandi hantu ho gushira imicafu biriho, ibigo vyo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika biraba ivyo gukinga indwara no kuzibuza gukwiragira bitanga iyi mpanuro: “Niwitume ku metero n’imiburiburi 30 kure y’ahari amazi uheze uhambe umwanda wawe mukuru.” Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu rivuga ko igihe abo mu kibano bakuraho amazirantoke mu buryo bwiza bigabanya indwara y’ugucibwamwo ku bice 36 kw’ijana. Ubu haraheze imyaka idashika 200 abaganga bubuye yuko kudakaraba bahejeje gukora ku biziga vyatumye banduza indwara abarwayi benshi. N’ubu vya bigo bivuga ko gukaraba ari “bwo buryo bwiza kuruta ubundi bwose bwo gukinga ukwandukizanya indwara.” Bite ho ku bijanye no gushira abarwaye imibembe canke izindi ndwara ukwa bonyene? Ikinyamakuru kimwe c’ivy’ubuvuzi (Saudi Medical Journal) giheruka kuvuga giti: “Iyo ikiza kikiri mu ntango, gushira abamaze kwandura ukwa bonyene bwoshobora kuba bwo buryo bwonyene kandi bwa nyuma bwo kuzibira neza indwara zandukira ngo ntizikwiragire.”
UVYIBAZAKO IKI? Hari ikindi gitabu ceranda ca kera wokwitega ko gihuza n’ubuhinga bwa none? Canke riho twovuga ko Bibiliya ata ho ihuriye n’ibindi bitabu?
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 6]
“Nta wobura gutangazwa n’amabwirizwa y’isuku yitondewe yo mu gihe ca Musa.”—IGITABU MANUAL OF TROPICAL MEDICINE, C’ABAGANGA ALDO CASTELLANI NA ALBERT J. CHALMERS
-
-
Igizwe n’ibitabu bihuzaUmunara w’Inderetsi—2012 | 1 Ruheshi
-
-
Igizwe n’ibitabu bihuza
“Ubuhanuzi [nta] ho bwigeze buzanwa n’ukugomba kw’umuntu, ahubwo abantu bavuze ivyava ku Mana nk’uko bari barongowe n’impwemu nyeranda.”—2 PETERO 1:21.
BIBILIYA ITANDUKANIYE HE N’IBINDI BITABU? Ivyandikano vya kera akenshi usanga bivuguruzanya naho biba vyanditswe mu gihe kimwe. Ibitabu vyanditswe n’abantu batandukanye, mu bibanza bitandukanye, no mu bihe bitandukanye, ni gake bihuza ijana kw’ijana. Ariko Bibiliya ivuga ko ibitabu 66 biyigize bikomoka kuri Umwe, bikaba birimwo ubutumwa bumwe kandi buhuza.—2 Timoteyo 3:16.
AKARORERO: Musa, umwungere wo mu kinjana ca 16 imbere y’igihe cacu, yanditse mu gitabu ca mbere ca Bibiliya ko hari “uruvyaro” rwoje gukiza abantu. Ico gitabu cahavuye kivuga yuko urwo ruvyaro rwokomotse kuri Aburahamu, Izahaki, na Yakobo. (Itanguriro 3:15; 22:17, 18; 26:24; 28:14) Haciye nk’imyaka 500, umuhanuzi Natani yahishuye yuko urwo ruvyaro rwokomotse mu muryango wa cami wa Dawidi. (2 Samweli 7:12) Imyaka igihumbi inyuma y’aho, intumwa Paulo yarasiguye yuko urwo ruvyaro rwobaye rugizwe na Yezu be n’umugwi w’abayoboke yatoranije. (Abaroma 1:1-4; Abagalatiya 3:16, 29) Amaherezo, mu mpera z’ikinjana ca mbere mu gihe cacu, igitabu ca nyuma ca Bibiliya caravuze yuko abagize urwo ruvyaro boshingiye intahe Yezu kw’isi, bakazukira kuba mw’ijuru kandi bagafadikanya na we kuganza imyaka 1.000. Urwo ruvyaro rugizwe na benshi ruzokuraho Shetani, rukize umuryango w’abantu.—Ivyahishuwe 12:17; 20:6-10.
ICO ABASOBANUZI B’IVYA BIBILIYA BABIVUGAKO: Uwitwa Louis Gaussen, amaze gusuzuma yitonze ibitabu 66 bigize Bibiliya, yanditse yuko yatangajwe n’“ukuntu ibigize ico gitabu bihuza bimwe vy’agatangaza, naho canditswe mu myaka igihumbi n’amajana atanu kandi kikandikwa n’abantu benshi cane, . . . bose barondera gushika ku mugambi umwe rudende, kandi bakaguma batera imbere, nk’aho boba bari barabivuganye, bagana kuri iryo hangiro rikomeye rimwe, ni ukuvuga inkuru ijanye n’icungurwa ry’isi biciye ku Mwana w’Imana.”—Théopneustie ou Inspiration Plénière des Saintes Écritures.
UVYIBAZAKO IKI? Woba wokwitega ko igitabu canditswe mu myaka irenga 1.500 kikandikwa n’abagabo nka 40 kivuga ibintu bihuza ijana kw’ijana? Canke riho twovuga ko Bibiliya ata ho ihuriye n’ibindi bitabu?
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 7]
“Ivyo bitabu bishizwe hamwe bica bigira igitabu kimwe . . . Mu bitabu vyose biriho, nta na kimwe gisa na co canke coruha kicegereza.”—IGITABU THE PROBLEM OF THE OLD TESTAMENT, CA JAMES ORR
-
-
Ni ngirakamaro muri iki giheUmunara w’Inderetsi—2012 | 1 Ruheshi
-
-
Ni ngirakamaro muri iki gihe
“Ijambo ryawe ni itara ry’ikirenge canje, rikaba n’umuco w’ibarabara ryanje.”—ZABURI 119:105.
BIBILIYA ITANDUKANIYE HE N’IBINDI BITABU? Ibitabu birashobora kubonwa ko vyanditswe mu buryo bwiza, ariko ntibibe ari ibitabu biyobora umuntu mu buzima. Mbere n’ibitabu bitanga ubuyobozi vya kino gihe vyama bikenera guhuzwa n’igihe. Bibiliya yo ivuga ku biyerekeye yuko “ivyanditswe kera vyose vyanditswe kugira bitwigishe.”—Abaroma 15:4.
AKARORERO: Naho Bibiliya atari igitabu kigenewe gutanga ubuyobozi mu vy’ubuvuzi, irimwo impanuro ngirakamaro zifasha umuntu kugira amagara meza ku mubiri no mu mutima. Nk’akarorero, ivuga iti: “Umutima utekanye ni ubuzima bw’umubiri w’inyama.” (Imigani 14:30) Bibiliya igabisha kandi iti: “Uwigungira ukwiwe arondera icipfuzo ciwe c’ubwikunzi; arwanya ubukerebutsi ngirakamaro bwose.” (Imigani 18:1) Ku rundi ruhande, ivuga ko “gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa.”—Ivyakozwe 20:35.
ICO UBUSHAKASHATSI BUHISHURA: Ugutekana, ubucuti bukomeye n’ugutanga birashobora gutuma urushiriza kugira amagara meza. Ikinyamakuru kimwe (The Journal of the American Medical Association) kivuga giti: “Abantu b’ishavu ryivumbura barahakwa incuro zibiri kugira ingorane y’itembera ry’amaraso mu bwonko kuruta abantu bigumya.” Ivyigwa vyagizwe mu kiringo c’imyaka cumi muri Ostraliya vyerekanye yuko abantu bashaje bari “bafitaniye imigenderanire myiza n’abagenzi babo be n’abo babwira amabanga yabo” bari bashoboye kuramba gusumba abandi. Mu 2008 na ho, abashakashatsi bo muri Kanada no muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika barabonye ko “gukoresha amahera ku neza y’abandi bizana agahimbare kuruta kuyakoresha ku neza yawe bwite.”
UVYIBAZAKO IKI? Hari ikindi gitabu kimaze nk’imyaka 2.000 canditswe wokwizigira ko coguha impanuro nziza mu bijanye n’amagara? Canke riho twovuga ko Bibiliya ata ho ihuriye n’ibindi bitabu?
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 8]
“Ndashima Bibiliya cane . . . kubera ko itanga impanuro nziza cane mu bijanye n’amagara.”—MUGANGA HOWARD KELLY, UMWE MU BATANGUJE KAMINUZA Y’IVY’UBUVUZI YITWA JOHNS HOPKINS UNIVERSITY SCHOOL OF MEDICINE
-