ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Woba ushobora kwemera ibitangaro bivugwa muri Bibiliya?
    Umunara w’Inderetsi—2012 | 1 Myandagaro
    • Woba ushobora kwemera ibitangaro bivugwa muri Bibiliya?

      HAMWE umuntu yokubwira inkuru itangaje, kuba azwi ko ari imvugakuri canke atari imvugakuri, ntivyotuma none uyemera canke utayemera? Icokwereka ko avuga ukuri si uburyo gusa akubwiye iyo nkuru, ariko kandi n’ukuntu usanzwe uzi ko avugisha ukuri biratuma uvyemera. Nakare, niba amaze imyaka n’iyindi akubwira ukuri akaba atarigera akubesha nkana, uba uri n’imvo yumvikana rero yo kwemera ivyo akubwiye.

      Ni na ko biri ku bitangaro bivugwa muri Bibiliya. Nta n’umwe muri twebwe yariho igihe vyaba. Mugabo turashobora kumenya nimba inkuru iri muri Bibiliya ari iy’ukuri. Uti gute? Ng’ibi ibintu bimwebimwe bituma inkuru zo muri Bibiliya zivuga ivy’ibitangaro zigaragara ko ari iz’ukuri:

      Ibitangaro vyinshi vyabereye ku mugaragaro. Rimwe na rimwe vyarabonwa n’abantu ibihumbi canke amamiliyoni. (Kuvayo 14:21-31; 19:16-19) Ntivyakorewe mu kinyegero, ata babibona.

      Vyaba ata bintu bihanitse vyiriwe biragirwa. Nta bintu bidasanzwe canke ivyo kwiyerekana canke ivy’umuco udasanzwe vyarinda gukoreshwa. Vyinshi mu bitangaro bivugwa muri Bibiliya vyakorwa bitubiranye n’uko uwubikorerwa ahuye n’uwubikora canke ari uko umuntu avyisabiye. (Mariko 5:25-29; Luka 7:11-16) Uca wumva ko nyene gukora igitangaro atashobora kuba yabiteguye.

      Icatuma bene gukora ibitangaro babikora ntikwari ukurondera kumenyekana, kuninahazwa canke amatungo. Ahubwo babikora kugira Imana ininahazwe. (Yohani 11:1-4, 15, 40) Uwo wese yaba arondeye kuronka amatungo biciye ku bubasha bwo gukora ibitangaro yaraterwa ivyatsi.​—2 Abami 5:15, 16, 20, 25-27; Ivyakozwe 8:18-23.

      Ni ibitangaro vy’ubwoko butandukanye ku buryo bidashobora kuba vyavuye ku bubasha bw’abantu. Nk’akarorero, ikiyaga n’imiyaga vyaratururujwe, amazi ahindurwa umuvinyu, imvura irabuzwa kugwa mu nyuma irasubira kugwa, abarwaye barakizwa, n’impumyi zirahumurwa. Turavye ivyo bitangaro hamwe n’ibindi vyinshi duca tubona ko bitegerezwa kuba vyakozwe bivuye ku bubasha burengeye abantu bushobora kugira ico bukoze ku kintu ico ari co cose.​—1 Abami 17:1-7; 18:41-45; Matayo 8:24-27; Luka 17:11-19; Yohani 2:1-11; 9:1-7.

      N’abarwanya bene kubikora ntibahakana ko ibitangaro baba babonye vyabaye. Igihe Yezu yazura umugenzi wiwe Lazaro, abarwanya Yezu mu vy’idini ntibahakanye ko Lazaro yari yarapfuye. Bari kubihakana gute nyene? Lazaro yari amaze imisi ine mu mva. (Yohani 11:45-48; 12:9-11) N’ibinjana n’ibindi inyuma y’urupfu rwa Yezu, abanditse ca gitabu c’Abayahudi citwa Talimudi bari bacemera ko Yezu yari afise ububasha bwo gukora ibitangaro. Ico bavyurako ibibazo ni aho yakura ubwo bubasha. Igihe abigishwa ba Yezu barengutswa imbere ya sentare y’Abayuda, na bo nyene ntibabajijwe ngo: “Mwoba mwakoze igitangaro?” Ahubwo babajijwe ngo: “Ni ku bubasha ki canke mw’izina rya nde mwakoze ivyo?”​—Ivyakozwe 4:1-13.

      Woba wemera ivyo Bibiliya itubwira ku bijanye n’ibitangaro? Tuzirikanye ivyo duhejeje kwihweza, biribonekeza ko inkuru zo muri Bibiliya zigana ibitangaro zivuga ukuri nk’ukurima. Ariko hariho n’izindi mvo zotuma twizigira izo nkuru zo muri Bibiliya. Nk’akarorero, igihe Bibiliya yigana inkuru y’ivyabaye, akenshi iratubwira igihe vyabereyeko, aho vyabereye be n’amazina y’abavugwa muri iyo nkuru. Mbere n’abahinga basuzuma ivya Bibiliya baratangajwe n’ukuntu inkuru zo muri Bibiliya usanga zitanga amakuru y’ido n’ido atagira amahinyu. Hari ibintu amajana n’amajana Bibiliya yari yaravuze ko bizoba, kandi vyararangutse, emwe, biranguka ido n’ido. Vyongeye, Bibiliya irimwo impanuro nyinshi z’ingene tworonka agahimbare mu migenderanire tugiranira n’abandi, zikaba ari impanuro zafashije abantu b’imyaka itandukanye kandi bo mu mice yose y’ubuzima. Mu bijanye n’imigenderanire y’abantu, impanuro zo muri Bibiliya ni agahebuza.

      Nimba ugifise amakenga ku vy’uko Bibiliya ari iyo kwizigirwa, ubona gute ufashe umwanya ukayisuzuma witonze? Uko uzorushiriza kuyimenya ni ko uzorushiriza kuyizigira. (Yohani 17:17) Uzobona ko ushobora kwizigira ivyo ivuga ku bijanye n’ibitangaro vyabaye muri kahise. Niwamara kwemera izo nkuru, uzoba ufise imvo yumvikana yo kwizigira ivyo Bibiliya ivuga ko vuba bigiye kuzoba.

      [Ifoto ku rup. 7]

      Abarwanya Yezu ntibahakanye ko Lazaro yari yarapfuye

  • Ibitangaro bigiye kuba
    Umunara w’Inderetsi—2012 | 1 Myandagaro
    • Ibitangaro bigiye kuba

      HAMWE woba uri ku rutonde rwo kubagwa mu buryo bugoye, wokwiyumva gute umenye ko umuganga azokubaga atarigera abaga umuntu muri ubwo buryo? Ntiwobura guhagarika umutima. Ariko dufate ko umenye yuko uwo muganga ari we yakanongoreye kandi ko amaze kubaga abantu amajana n’amajana muri ubwo buryo bikagenda neza. Ntiworushiriza none kwizigira ko nawe ashobora kugufasha?

      Imana imeze nk’uwo muganga yakanongoreye, iyi si na yo ikamera nk’uwo murwayi akeneye kubagwa mu buryo bukomeye. Yehova Imana, biciye kw’Ijambo ryiwe Bibiliya, yasezeranye ko azotuma iyi si isubira kuba Iparadizo. (2 Petero 3:13) Kugira ivyo bibe, ubukozi bw’ikibi buzobanza gukurwaho buhere. (Zaburi 37:9-11; Imigani 2:21, 22) Ibintu vyose bibi tubona hirya no hino yacu bitegerezwa kuranduranwa n’imizi imbere y’uko isi isubira kuba Iparadizo. Kugira ivyo bibe bizosaba vy’ukuri ko hakorwa igitangaro!​—Ivyahishuwe 21:4, 5.

      Ivyabona vya Yehova bemera ko ayo mahinduka akomeye agiye kuba. Kubera iki? Kubera ko ibitangaro Yehova Imana amaze gukora vyerekana ko afise ububasha bwo gushitsa ivyo yasezeranye. Fata bitandatu gusa mu bitangaro bivugwa muri Bibiliya ubigereranye n’ivyo isezerana ku bijanye na kazoza.

      Ese wobandanya kwiga ivyerekeye ivyo Bibiliya isezerana ku bijanye na kazoza kacu. Uko ukwizera kwawe kuzokura ni ko n’icizigiro cawe kizorushiriza gukomera, icizigiro co kubaho igihe wewe ubwawe uzokwungukira ku bitangaro Yehova akora.

      [Uruzitiro/Amafoto ku rup. 9, 10]

      IGITANGARO:

      YEZU YARAGABURIYE ABANTU IBIHUMBI AKORESHEJE IMIKATE MIKEYI N’IFI NKEYI.​—MATAYO 14:13-21; MARIKO 8:1-9; YOHANI 6:1-14.

      IVYASEZERANYWE:

      “Isi ubwayo ntizobura gutanga umwimbu wayo; Imana, Imana yacu, izoduhezagira.”​—ZABURI 67:6.

      ICO TUZOHUNGUKIRA:

      NTA WUZOSUBIRA GUSONZA.

      IGITANGARO:

      YEZU YARAHUMUYE IMPUMYI.​—MATAYO 9:27-31; MARIKO 8:22-26.

      IVYASEZERANYWE:

      “Amaso y’impumyi azohumuka.”​—YESAYA 35:5.

      ICO TUZOHUNGUKIRA:

      IMPUMYI ZOSE ZIZOSUBIRA KUBONA.

      IGITANGARO:

      YEZU YARAKIJIJE ABAMUGAYE.​—MATAYO 11:5, 6; YOHANI 5:3-9.

      IVYASEZERANYWE:

      “Uwucumbagira azonanagira nk’ifumbēri.”​—YESAYA 35:6.

      ICO TUZOHUNGUKIRA:

      UBUMUGA BWOSE BW’UMUBIRI BUZOKIZWA.

      IGITANGARO:

      YEZU YARAKIJIJE INDWARA ZITANDUKANYE.​—MARIKO 1:32-34; LUKA 4:40.

      IVYASEZERANYWE:

      “Nta wuhaba azovuga ngo: ‘Ndarwaye.’”​—YESAYA 33:24.

      ICO TUZOHUNGUKIRA:

      INDWARA ZOSE ZISINZIKAZA ZIZOKURWAHO. TUZOGIRA AMAGARA ATAGIRA AGAHAZE.

      IGITANGARO:

      YEZU YARAGIZE UBUBASHA KU BIDUKIKIJE.​—MATAYO 8:23-27; LUKA 8:22-25.

      IVYASEZERANYWE:

      “Emwe, bazokwubaka amazu bayiberemwo; emwe, bazotera imirima y’imizabibu birire ivyamwa vyayo. Ntibazocumukurira ubusa.”​—YESAYA 65:21, 23.

      “Uzoba kure . . . y’ikintu cose gitera ubwoba, kuko kitazokwegera.”​—YESAYA 54:14.

      ICO TUZOHUNGUKIRA:

      NTA VYAGO VY’IVYADUKA BIZOSUBIRA KUBA.

      IGITANGARO:

      YEZU YARAZUYE ABAPFUYE.​—MATAYO 9:18-26; LUKA 7:11-17.

      IVYASEZERANYWE:

      ‘Abari mu mva bose bazozivamwo.’​—YOHANI 5:28, 29.

      “Ikiyaga kirekura abapfuye bo muri co, urupfu n’ukuzimu na vyo birekura abapfuye bo muri vyo.”​—IVYAHISHUWE 20:13.

      ICO TUZOHUNGUKIRA:

      ABACU TWABUZE BAZOZUKA.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2027)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika