ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kubera iki wobandanya kubaho?
    Be maso!—2014 | Ndamukiza
    • Umugabo yihebuye ariko ariyumvira kwiyahura

      IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

      Kubera iki wobandanya kubaho?

      HAMWE wohura na Diana,a wobona ko ari umwigeme aciye ubwenge, w’umutima mwiza kandi akunda kwifatanya n’abandi. Naho inyuma aboneka ko amerewe neza, mu mutima yama afise umwiheburo utuma amara imisi, amayinga canke mbere amezi yumva ata co amaze namba. Avuga ati: “Nta musi wijana ntiyumviriye gupfa. Vy’ukuri mbona ko isi yorushiriza kuba nziza ntakiriho.”

      “Hari ivyigwa vyerekana ko iyo umuntu umwe yiyahuye, haba hari abantu 200 bagerageje kwiyahura n’[abandi] 400 biyumviriye kubigira.”​—IKINYAMAKURU THE GAZETTE C’I MONTRÉAL MURI KANADA.

      Diana avuga yuko atoshobora kwiyahura. Naho ari ukwo, hari igihe abona ko ata kamaro ko kubandanya abaho. Avuga ati: “Ico nipfuza cane ni uko hoba isanganya nkipfira. Urupfu nsigaye ndarubona nk’umugenzi, sinkirubona nk’umwansi.”

      Abantu benshi bariyumva nk’ukwo kwa Diana, kandi bamwe muri bo baramaze kwiyumvira ivyo kwiyahura canke baragerageje kubigira. Ariko rero, abahinga bavuga yuko abantu benshi biyahura bataba vy’ukuri bipfuza guhagarika ubuzima bwabo, ahubwo baba bipfuza gusa guhagarika umubabaro wabo. Muri make, babona ko bafise imvo yo gupfa. Ico baba bakeneye ni imvo yo kubandanya kubaho.

      Kubera iki bobandanya kubaho? Reka turabe imvo zitatu.

      ICIYUMVIRO KITARI CO: Kuvuga ibijanye no kwiyahura, mbere n’ugucisha gusa iryo jambo mu kanwa, ni ukuremesha abantu ngo bagerageze kubigira.

      UKURI: Akenshi, kuvuga ibijanye no kwiyahura biratuma uwiyumvira kubigira arondera ukundi yobigenza.

      a Si ko asanzwe yitwa kubera ko bitashimwe ko amenyekana.

  • 1 Kubera ko ibintu bihinduka
    Be maso!—2014 | Ndamukiza
    • IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | KUBERA IKI WOBANDANYA KUBAHO?

      1 Kubera ko ibintu bihinduka

      “Turatunatunwa mu buryo bwose, mugabo ntitubura isaganirizo; turazazanirwa, mugabo ntitubura rwose icanzo.”​—2 ABAKORINTO 4:8.

      Hari abavuze ko kwiyahura ari nko kuvura ukumeneka umutwe mu kuwuca. Naho vyosa n’ibigoye kwemera, ikintu kidutera umubabaro, mbere n’icoba gisa n’ikidashobora gutorerwa umuti, kirashobora kumara igihe kinaka gusa. Kirashobora no guhinduka tugatora akoyoko tutari tuvyiteze.​—Raba uruzitiro ruvuga ngo “Ivyabo vyarahindutse.”

      Naho ibintu bitoca bihinduka, vyoba vyiza urondeye gutorera umuti ingorane z’umusi umwumwe ukwawo. Yezu yavuze ati: “Ntimukigere mwiganyira ku vy’ejo, kuko umusi w’ejo uzoba ufise amaganya yawo. Ububi bw’umusi umwumwe wose buramaze.”​—Matayo 6:34.

      Bite ho mu gihe ingorane ufise zidashobora guhinduka? Nk’akarorero, dufate ko urwaye indwara idakira canke ko ikigutera kwihebura ari ikintu kidashobora guhinduka, nk’ukwahukana canke ukubura uwawe.

      No muri ico gihe, hariho ico uba ushoboye guhindura, na co akaba ari ukuntu ubona iyo ngorane. Wize kwihanganira ico kintu udashobora guhindura, birashobora gutuma urushiriza kubona ibintu mu buryo bwiza. (Imigani 15:15) Birashobora no gutuma urondera uburyo wovyifatamwo neza aho kugitorera umuti mu kwiyahura. Ivyo bizovamwo iki? Ubigenjeje gutyo, uzoba utanguye kwirwanako naho iyo ngorane udashobora kuyitorera umuti.​—Yobu 2:10.

      NIWIBUKE IKI KINTU: Ntushobora kuduga umusozi mu gutera intambwe imwe gusa, ariko urashobora kuwuduga intambwe ku yindi. Ni ko biri no ku ngorane ziguhanze, naho womengo ni umusozi wose.

      ICO USHOBORA GUKORA UBU: Nugire uwo ubiyagiye, kumbure umugenzi canke uwo mu muryango. Hari aho yogufasha kubona ingorane yawe mu buryo buri ku rugero.​—Imigani 11:14.

      IVYABO VYARAHINDUTSE

      Rimbura ivyerekeye abantu bane b’abizigirwa bavugwa muri Bibiliya vyashitse barihebura gushika n’aho bipfuza gupfa.

      • Rebeka: “Nimba uku ari ko biri, none mbereyeho iki?”​—Itanguriro 25:22.

      • Musa: “Ndakwinginze unyice bihere biheze, . . . noye kwitegereza ivyago vyanje.”​—Guharūra 11:15.

      • Eliya: “Nkuraho, kuko ntaruta ba sogokuruza banje.”​—1 Abami 19:4.

      • Yobu: “Kubera iki ntapfuye nkiva mu gitereko.”​—Yobu 3:11.

      Usomye inkuru zo muri Bibiliya zerekeye abo bantu, urabona ko ivyabo vyahindutse birushiriza kuba vyiza mu buryo mbere batari biteze. Na wewe birashobora kukugendera gutyo nyene. (Umusiguzi 11:6) Rema ntiwihebure!

  • 2 Kubera ko hariho ivyogufasha
    Be maso!—2014 | Ndamukiza
    • IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | KUBERA IKI WOBANDANYA KUBAHO?

      2 Kubera ko hariho ivyogufasha

      “Muterere amaganya yanyu yose [ku Mana], kuko ibababara.”​—1 PETERO 5:7.

      Igihe ubona ko ata co wokora kugira ivyawe birushirize kumera neza, woshobora kubona umengo wopfuma wipfira. Mugabo rimbura ibintu bimwebimwe bishobora kugufasha.

      Isengesho. Isengesho si ikintu kidufasha gusa kwiyumva neza; eka kandi si ikintu dukoresha igihe twabuze ukundi tubigenza. Ni uburyo nyabwo bwo kuvugana na Yehova Imana, umwe atubabaye. Yehova aripfuza ko tumubwira ibituraje ishinga. Nkako, Bibiliya iduhimiriza iti: “Terera umuzigo wawe kuri Yehova ubwiwe, na we ubwiwe azogushigikira.”​—Zaburi 55:22.

      Ubona gute uyagiye Imana mw’isengesho uno musi? Nukoreshe izina ryayo Yehova, uyibwire ibiri ku mutima. (Zaburi 62:8) Yehova yipfuza ko umubona nk’umugenzi. (Yesaya 55:6; Yakobo 2:23) Isengesho ni uburyo bwo kuvugana na we ushobora gukoresha igihe ico ari co cose, aho woba uri hose.

      Twisunze ibivugwa n’Ikigo co muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika gikinga ivyo kwiyahura, “ivyigwa vyose vyagizwe birerekana ko benshi mu biyahura, nk’ibice 90 kw’ijana canke birenga, baba bafise ingorane y’amagara yo mu bwenge igihe biyahura. Ariko rero, akenshi izo ngorane ntizimenyekana ngo zisuzumwe na muganga canke ngo zivurwe neza”

      Abantu bakubabaye. Ubuzima bwawe burafise agaciro ku bandi, harimwo abo mu muryango wawe canke abagenzi bawe bashobora kuba bamaze kwerekana ko barajwe ishinga n’ibikwerekeye. Mu bantu bakubabaye harimwo n’abo woba utarigera ubona. Nk’akarorero, igihe Ivyabona vya Yehova baba bari mu gikorwa cabo, rimwe na rimwe barahura n’abantu bataye umutwe, bamwe muri bo bakaba bavuga ko bakeneye rwose imfashanyo be n’uko bari bamaze kwiyumvira kwiyahura. Igikorwa bakora co kuvuga inkuru nziza inzu ku nzu kirabaha akaryo kadasanzwe ko gufasha abantu nk’abo. Ivyabona vya Yehova barigana akarorero ka Yezu mu kwitaho abantu. Na wewe barakubabaye.​—Yohani 13:35.

      Abahinga mu vy’amagara. Kenshi uwiyumvira kwiyahura aba afise ingorane yo mu mutima, nk’akarorero indwara y’akabonge. Nta mvo yotuma uterwa isoni n’indwara yo mu mutima, nk’uko nyene utoterwa isoni n’indwara isanzwe y’umubiri. Nkako, akabonge kiswe ngo ni “ibicurane vyo mu mutima.” Birashobora gufata uwo ari we wese, kandi birashobora kuvurwa.a

      NIWIBUKE IKI KINTU: Mu bisa- nzwe ntushobora kwikura mu cobo urimwo c’akabonge. Ariko hagize uwugufasha, vyoshoboka ko ukivamwo.

      ICO USHOBORA GUKORA UBU: Nurondere umuganga azi kuvura ingorane zo mu mutima nk’akabonge.

      a Ubonye ivyiyumviro bikomeye vyo kwiyahura bibandanije, nurondere aboshobora kugufasha, kumbure ibitaro canke ibigo bifasha abafise mwene izo ngorane. Abahakorera usanga barigishijwe ingene bofasha abantu.

  • 3 Kubera hariho icizigiro
    Be maso!—2014 | Ndamukiza
    • Umugabo yizigira cane imihango y’Imana

      IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | KUBERA IKI WOBANDANYA KUBAHO?

      3 Kubera ko hariho icizigiro

      “Abatekereza bazokwigabira isi, kandi bazokwinovora amahoro menshi.”​—ZABURI 37:11.

      Bibiliya ubwayo iravuga ko ubuzima “[bw]uzuye umudugararo.” (Yobu 14:1) Muri iki gihe, twese turashikirwa n’ivyago bitandukanye. Ariko bamwebamwe barihebura rwose, bakabona ko ata kizohinduka, ko ata kazoza keza bokwitega. Kwoba ari ko nawe wiyumvira? Nimba ari ko wiyumvira, numenye ko Bibiliya itanga icizigiro nyakuri ku bikwerekeye no ku vyerekeye umuryango wose w’abantu. Nk’akarorero:

      • Bibiliya yigisha ko Yehova Imana yatwipfuriza ubuzima bwiza cane.​—Itanguriro 1:28.

      • Yehova Imana asezerana ko azotuma isi yacu iba Iparadizo.​—Yesaya 65:21-25.

      • Uwo muhango uzoranguka ata kabuza. Mu Vyahishuwe 21:3, 4 havuga hati:

        “Ehe ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu, kandi izobana na bo, na bo bazoba ibisata vyayo. Kandi Imana ubwayo izobana na bo. Kandi izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho. Ivya kera vyagiye.”

      Ico cizigiro si indoto. Yehova Imana afise umugambi wo kugishitsa. Aripfuza kubigira kandi arafise ububasha bwo kubigira. Icizigiro Bibiliya itanga ni ic’ukuri kandi kiratuma ugira imvo ikomeye yo kubandanya kubaho.

      NIWIBUKE IKI KINTU: Naho ukuntu wiyumva gushobora guhungabana nka kurya kw’ubwato mu kiyaga cahumaganye, ubutumwa bw’icizigiro Bibiliya itanga burashobora kukubera nk’inanga ituma utekana.

      ICO USHOBORA GUKORA UBU: Nutangure gutohoza ivyo Bibiliya yigisha ku bijanye n’icizigiro nyakuri cerekeye kazoza. Ivyabona vya Yehova bazohimbarwa no kugufasha. Urashobora kubarondera aho iwanyu canke ukaronka amakuru ngirakamaro ku muhora wabo wo kuri Internet, ari wo jw.org.a

      a Inama tukugiriye: Ja kuri jw.org urabe ahavuga ngo IVYASOHOWE > ICEGERANYO C’IBITABU CO KURI INTERNET. Uhageze, niwandikemwo ijambo “akabonge” canke “kwiyahura” kugira uronke ivyogufasha.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika