-
Ni ryari umuntu aba yarenze akarimbi?Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
-
-
IKIGABANE CA 4
Ni ryari umuntu aba yarenze akarimbi?
Ni vyo canke si vyo . . .
Igihe cose abakundana bafatanye biba ari bibi, uko ibintu vyoba vyifashe kwose.
□Ni vyo
□Si vyo
Umuhungu n’umukobwa barashobora kwagirwa n’ubusambanyi naho batoba bahuje ibitsina.
□Ni vyo
□Si vyo
Iyo umusore n’inkumi badasomanye canke ngo bakuyakuyane, ntibaba bakundana vy’ukuri.
□Ni vyo
□Si vyo
NTA gukeka ko umaze kuzirikana kuri ico kintu. Nakare, igihe ukundanye n’umuntu, birashobora kutakworohera kumenya akarimbi utorenga mu bijanye n’ukugaragarizanya igishika. Reka turimbure ivyo vyiyumviro bitatu biri aho haruguru, maze turabe ingene Ijambo ry’Imana ridufasha kwishura iki kibazo kigira giti: “Ni ryari umuntu aba yarenze akarimbi?”
● Igihe cose abakundana bafatanye biba ari bibi, uko ibintu vyoba vyifashe kwose.
Si vyo. Bibiliya ntibuza kugaragarizanya igishika mu buryo bubereye kandi budahumanye. Nk’akarorero, Bibiliya irigana inkuru y’umwigeme w’Umushulamukazi yakundana n’umusore w’umwungere. Imigenderanire yabo ntiyari yanduye. Ariko rero, biboneka ko hari ukuntu bagaragarizanya igishika imbere y’uko babirana. (Indirimbo ya Salomo 1:2; 2:6; 8:5) No muri iki gihe, imisore n’inkumi bategekanya ata gufyina kuzokwubakana na bo nyene boshobora kubona yuko ata kibi kiri mu kugaragarizanya igishika mu buryo butanduye.a
Ariko rero, umusore n’inkumi bakundanye bategerezwa kwiyubara cane. Gusomana, kubumbatirana canke gukora ikindi kintu ico ari co cose gikabura inambu y’umubiri, birashobora gutuma bagwa mu bushegabo. Biroroshe cane ko umusore n’inkumi batwarwa n’inyiyumvo bakagwa mu buhumbu, naho ata ntumbero mbi boba bari bafise.—Abakolosayi 3:5.
● Umuhungu n’umukobwa barashobora kwagirwa n’ubusambanyi naho batoba bahuje ibitsina.
Ni vyo. Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “ubusambanyi” (por·neiʹa) rifise insobanuro yagutse. Ridondora ubwoko bwose bwo guhuza ibitsina n’umuntu mutabiranye kandi rishimika ku gukoresha ibitsina mu buryo butabereye. Uretse rero ivyo guhuza ibitsina, ubusambanyi burimwo n’ibindi nk’ugukuyakuya ibihimba vy’irondoka vy’uwundi muntu, uguhuza umunwa n’ibihimba vy’irondoka canke kubicisha mu kibuno.
Vyongeye, Bibiliya ntiyiyamiriza ubusambanyi bwonyene. Intumwa Paulo yanditse ati: “Ibikorwa vy’umubiri biribonekeza, bikaba ari ubusambanyi, ubuhumane, ubushirasoni.” Yongeyeko ati: “Abaza barakora mwene ivyo [ntiba]zotorana ubwami bw’Imana.”—Abagalatiya 5:19-21.
None “ubuhumane” ni iki? Mu kigiriki, iryo jambo risobanura umwanda w’uburyo ubwo ari bwo bwose, haba mu mvugo canke mu bikorwa. Nta gukeka ko kwoba ari uguhumana uretse amaboko yawe akaja mu vyo gukorakora umuntu munsi y’impuzu yambaye, kumwambura impuzu canke kumukuyakuya ibihimba vy’ibanga, nk’amabere. Bibiliya yerekana ko ivyo gukuyakuya amabere ari uburyo bwo kugaragarizanya igishika bwemewe gusa hagati y’abubakanye.—Imigani 5:18, 19.
Hari abakiri bato bahonyanga ingingo ngenderwako z’Imana ata n’udusoni. Bararenga akarimbi n’ibigirankana, canke bakarondera n’umunoho n’akantu abantu batari bake bokorana ibiterasoni. Mwene abo bantu boshobora kwagirwa n’ico intumwa Paulo yise “ubushirasoni.” Ijambo ry’ikigiriki rihindurwa ngo “ubushirasoni” risobanura ‘ibintu vy’agahomerabunwa, ukwimonogoza, akagagazo, inambu y’umubiri idacungerewe.’ Nta gukeka ko utipfuza ‘kuba igiti’ mu kwihereza “ubushirasoni kugira ngo [u]kore n’umunoho n’akantu ubuhumane bw’ubwoko bwose.”—Abanyefeso 4:17-19.
● Iyo umusore n’inkumi badasomanye canke ngo bakuyakuyane, ntibaba bakundana vy’ukuri.
Si vyo. Gusomana canke gukuyakuyana ntibituma ubucuti bukomera nk’uko bamwe bavyiyumvira. Ahubwo nyabuna bene kubigira bituma batubahana canke ngo bizigirane. Rimbura ivyashikiye Laura. Avuga ati: “Igihe kimwe umuhungu twakundana yaraje i muhira mama atari ho ari, yivugisha ngo aje kuraba televiziyo. Yatanguye amfata gusa ukuboko. Ngize gutya, numvise ariko arankorakora n’ahandi. Naratinye kumubwira ngo areke kubera nanka ko yoshavura agaca yigira.”
Uvyibazako iki? Uwo muhungu yoba yarakunda Laura vy’ukuri, canke yariko arondera kwiryohererwa gusa? Ubwo umuntu agerageza kugukwegakwegera mu buhumbu wovuga ko agukunda vy’ukuri?
Igihe umuhungu agobereye umukobwa ngo akore ibiteye kubiri n’inyigisho ya gikirisu yahawe be n’ijwi ryiwe ryo mu mutima, aba arenze itegeko ry’Imana kandi ivyo yivugisha yuko amukunda nta shingiro biba bifise. Bisubiye, umukobwa yirekeranye n’ibigirankana aba yishoye. Ariko rero ikibabaje kuruta, aba akoze ikintu gihumanye, kumbure mbere akaba yakoze ubusambanyi.b—1 Abakorinto 6:9, 10.
Nimwishingire uturimbi dutomoye
Nimba ufise uwo mukundana, mwoshobora gute kwirinda kugaragarizanya igishaka mu buryo butabereye? Uburyo bwiza ni ukwishingira uturimbi dutomoye hakiri kare. Mu Migani 13:10 hagira hati: “Mu baja inama hari ubukerebutsi.” Nimuvugane rero n’uwo mugenzi wawe uburyo bwo kugaragarizanya igishika bubereye. Kurindira inyiyumvo zanyu zimaze kururumba akaba ari ho mwishingira uturimbi bisa no kurindira inzu yawe ikabanza gusha akaba ari ho wibuka gufata ingingo zo kwikingira umuriro.
Ego ni ko, vyoshobora kutaborohera kuyaga ikintu nk’ico c’inkoramutima, canke mbere bikabatera ubuyega, canecane mu ntango y’ukureshanya. Ariko kwishingira uturimbi birashobora kubafasha cane gukinga ingorane zikomeye zokwaduka muri kazoza. Uturimbi twitondewe twogereranywa na twa twuma tuzirana n’umwotsi duca tuvuza urwamo igihe umuriro uba wadutse. Vyongeye, kuyaga kuri ivyo bibazo vyoshobora kubafasha kumenya niba ubucuti bwanyu buzorama. Nkako, ukwigumya, ukwihangana n’ukutikunda ni kamere nyamukuru zituma haba ugushira akanyota mu mabanga y’abubatse.—1 Abakorinto 7:3, 4.
Ego ni ko, kwumira ku ngingo ngenderwako z’Imana ntivyoroshe. Ariko urashobora kwizigira impanuro Yehova atanga. Nakare, muri Yesaya 48:17, yidondora ko ari “Umwe akwigisha ibikwungura, Umwe agucisha mu nzira ukwiye kugenderamwo.” Yehova nta kindi akwipfuriza atari ineza!
RABA N’AYANDI MAKURU MU GITABU CA 1, IKIGABANE CA 24
Guhitamwo kuguma uri isugi ntibisobanura ko udakomeye. Ahubwo nyabuna ni vyo biranga ubukerebutsi. Niwirabire igituma ari ukwo biri.
[Utujambo tw’epfo]
a Mu mihingo imwimwe y’isi, kugaragarizanya igishika ku mugaragaro n’umuntu mutubakanye bibonwa ko ari ukubura indero kandi biratera ubuyega. Abakirisu bariyubara ngo ntibigenze mu buryo bushobora gutsitaza abandi.—2 Abakorinto 6:3.
b Ibivugwa muri iyo ngingo vyerekeye abahungu n’abakobwa.
ICANDITSWE NYAMUKURU
“Urukundo . . . ntirwigenza ukutabereye.”—1 Abakorinto 13:4, 5.
IMPANURO
Nimuze murasohokana muri mu mugwi, canke naho murondere umuherekeza. Nimwirinde ibibanza biteye amakenga, nko kuba muri mu muduga uhagaze canke mu nzu muri mwenyene.
WARI UBIZI . . . ?
Nimba hari uwo mwapfunditse ko muzokwubakana, murakeneye kuyaga ibintu bimwebimwe vy’ibanga. Ariko rero ibiyago vyeruye bigenewe gukabura inambu y’umubiri ni ubwoko bw’ubuhumane, mbere naho vyogirwa mu kuyaga canke mu kwandikirana kuri telefone.
ICO NTEGEKANYA GUKORA!
Kugira nirinde gukinisha ubuhumbu, nokora ibi: ․․․․․
Uwo dukundanye niyampata ngo dukore ibintu bihumanye, nzokora ibi: ․․․․․
Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri ivyo ni ․․․․․
UVYIBAZAKO IKI?
● Ni uturimbi utuhe wokwishingira ku vyerekeye ugukoranako n’uwo mudasangiye igitsina?
● Sigura itandukaniro riri hagati y’ubusambanyi, ubuhumane n’ubushirasoni.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 46]
“Jewe n’uwo twari tureshanije twarasomeye hamwe ibiganiro bishingiye kuri Bibiliya bivuga ivyo kuguma tutanduye. Turakenguruka ukuntu vyadufashije kuguma dufise ijwi ryo mu mutima rityoroye.”—Leticia
[Uruzitiro ku rup. 44]
twokora iki nimba vyarashitse tukarenga akarimbi?
Mwokora iki nimba vyarashitse mugakora ibitabereye? Ntimwihende ngo murashobora gutorera umuti iyo ngorane mwenyene. Umwigeme umwe yiyemerera ati: “Narasenga Imana ngo idufashe ntidusubire kubikora. Rimwe na rimwe vyarakunda, ikindi gihe bikanka.” Ni co gituma wobiyagira abavyeyi bawe. Vyongeye, Bibiliya itanga iyi mpanuro nziza, iti: “[Nu]hamagare abagabo b’inararibonye b’ishengero.” (Yakobo 5:14) Abo bungere bakirisu barashobora kuguhanura no kugukangira kugira ushobore gusubiza hamwe n’Imana.
[Ifoto ku rup. 47]
Woba worindira inzu yawe igasha akaba ari ho ufata ingingo zo kwikingira umuriro? Nturindire rero ko inyiyumvo zibanza kuvyuka ngo abe ari ho wishingira uturimbi mu bijanye n’ukuntu wokwifata
-
-
Kubera iki noguma ndi isugi?Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
-
-
IKIGABANE CA 5
Kubera iki noguma ndi isugi?
“Hari igihe numva umengo noryamana n’umuhungu.”—Kelly.
“Numva umengo simeze nk’abandi kubera ntararyamana n’umukobwa.”—Jordon.
“WOBA ukiri isugi?” Ico kibazo coshobora gutuma uhinda agashitsi! Mu mihingo myinshi, uwukiri muto akiri isugi yoshobora kubonwa nk’agahabwa, akabonwa nk’umuntu ari n’agahaze. Ntibitangaje rero kubona abakiri bato benshi cane bakora ubusambanyi bakiri imiyabaga!
Ivyipfuzo birakwega, urunganwe rugasongera isibe
Nimba uri umukirisu, urazi ko Bibiliya igusaba “[kw]irinda ubusambanyi.” (1 Abatesalonika 4:3) Naho ari ukwo, woshobora gusanga bikugora gucungera inambu y’umubiri. Umusore yitwa Paul yiyemera ati: “Hari igihe ivyiyumviro bibi vyiyadukiza mu bwenge bwanje ata kintu kiboneka kibitumye.” Numenye neza ko akenshi inyiyumvo nk’izo ziba ari izisanzwe.
Ariko ntiwumve, kwama ucokorwa canke utyekezwa kubera ukiri isugi ntibiryoshe na gato! Nk’akarorero, wokwiyumva gute abo mu runganwe rwawe bakubwiye ko ata muntu urimwo kubera ata we muraryamana? Uwitwa Ellen avuga ati: “Abo mu runganwe bakwereka ko gusambana ari ikintu kiryoshe kandi gisanzwe. Igihe utaza urasambana, babona ko uri ikiburirane.”
Ariko rero, hariho ikintu kijanye n’ubusambanyi abo mu runganwe rwawe bashobora kuba birengagiza. Nk’akarorero, uwitwa Maria vyarashitse araryamana n’umuhungu bakundana. Yigana ati: “Mu nyuma numvise isoni n’ibimaramare. Numvise niyanse nongera ndanka uwo muhungu twakundana.” Abakiri bato benshi ntibazi ko ivyo bintu vyama vyashitse. Mu vy’ukuri, guhuza ibitsina n’umuntu utarubaka urwawe ni ikintu gisiga inkovu mu mutima, kikagira n’ingaruka ziteye agahinda!
Ariko rero, umwigeme yitwa Shanda abaza ati: “Ni kubera iki Imana yashize mu bakiri bato inambu y’umubiri kandi izi yuko batemerewe guhaza iyo nambu imbere y’uko bukaba izabo?” Ico ni ikibazo ciza. Ariko rimbura ibibazo bikurikira:
Inambu y’umubiri coba ari co cipfuzo gikomeye conyene ugira? Habe namba. Yehova Imana yakuremanye ubushobozi bwo kugira ivyipfuzo n’inyiyumvo bitandukanye.
Woba ubwirizwa guca uhaza icipfuzo cose kivyutse muri wewe? Oya. Imana yaraguhaye n’ubushobozi bwo kwigumya.
None icigwa tuhakura ni ikihe? Hari aho utoshobora kubuza ko ivyipfuzo bimwebimwe bikuzamwo ariko urashobora kubicungera. Mu vy’ukuri, guca uhaza inambu y’umubiri igihe cose ivyutse vyoba ari cokimwe no guca ukubita umuntu igihe cose bishitse ugashavura.
Ico womenya coco, Imana ntiyigeze itegekanya ko dukoresha nabi ibihimba vyacu vy’irondoka. Bibiliya ivuga iti: “Umwe wese muri mwebwe [amenye] kuganza umubiri wiwe bwite mu kwezwa no mw’iteka.” (1 Abatesalonika 4:4) Nk’uko nyene hariho “igihe co gukunda n’igihe co kwanka,” hariho n’igihe co guhaza inambu y’umubiri be n’igihe co kwigumya. (Umusiguzi 3:1-8) Biratomoye rero ko ushoboye gucungera ivyipfuzo vyawe!
Ariko none, wokwishura iki hagize uwugucokora akakubwira asa n’uwutavyumva ngo “Aho vy’ukuri uracari isugi?” Ntibigutere isoni. Nimba uwo muntu ashaka gusa kugushira hasi, woshobora kumubwira uti: “Ndacari isugi nyene. Kandi nokubwira ko ndavyishimira!” Canke woshobora kuvuga uti: “Ico ni ikibazo kiraba umuntu ku giti ciwe. Sinshima kukiganira n’abandi.”a (Imigani 26:4; Abakolosayi 4:6) Ariko rero, hari aho wobona ko bibereye ko uwuriko arakubaza umusigurira n’ibindi. Muri ico gihe woshobora kumusigurira impagararo yawe ishingiye kuri Bibiliya.
Hari izindi nyishu ubona woha umuntu ariko aragutyekeza ngo “Aho vy’ukuri uracari isugi?” Nimba ziriho, nuzandike aha munsi.
․․․․․
Ingabirano y’agaciro
Imana imererwa gute igihe abantu bahuje ibitsina imbere yo kwubaka izabo? Dufate ko waguriye ingabirano umugenzi. Ariko imbere y’uko uyimuha, usanze yayitekuruye kubera ugusuma urusaku gusa! None ivyo ntivyogushavuza? Ibaze rero ingene Imana yomererwa hamwe woryamana n’umuntu imbere yo kwubaka urwawe. Ishaka ko wigumya gushika wubatse urwawe maze ukabona kwinovora ingabirano yo kurangura amabanga y’abubatse.—Itanguriro 1:28.
None ukwiye kwifata gute igihe inambu y’umubiri ivyutse? Muri make, niwige kwigumya. Ivyo urabishoboye! Nusabe Yehova agufashe. Impwemu yiwe irashobora kwongereza ubushobozi ufise bwo kwigumya. (Abagalatiya 5:22, 23) Ntiwibagire ko Yehova “[a]ta ciza na kimwe azokwima abagendera mu kutagira amahinyu.” (Zaburi 84:11) Uwukiri muto yitwa Gordon avuga ati: “Igihe ntanguye kwiyumvira ko kuryamana n’umuntu ntarubaka urwanje atari bibi cane, nca nzirikana ku ngaruka vyogira ku bucuti mfitaniye na Yehova ngaca mbona ko ata gicumuro na kimwe nobukaba.”
Emwe, ubusugi si indwara canke ikintu giteye isoni. Ahubwo nyabuna ubuhumbu ni bwo ari ikintu gitesha agaciro, giteye isoni n’akaga. Ntureke rero ngo ivyiyumviro vy’isi bitume ubona ko hari ico uhajije kubera ko wisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Ugumye uri isugi, uba ukingiye ubuzima bwawe, ukaba wirinze n’umubabaro wo mu mutima. N’ikiruta vyose, uba ukingiye ubucuti ufitaniye n’Imana.
RABA N’AYANDI MAKURU MU GITABU CA 1, IKIGABANE CA 24
[Akajambo k’epfo]
a Biri n’ico bivuze kubona Yezu yahisemwo kwinumira igihe Herodi yariko aramubaza ibibazo. (Luka 23:8, 9) Akenshi, kwinumira ni bwo buryo bwiza bwo kwishura ibibazo biteye ubuyega.
ICANDITSWE NYAMUKURU
‘Nimba umuntu yiyemeje kugumya ubusugi bwiwe akaba yafashe iyo ngingo mu mutima wiwe bwite, azoba agize neza.’—1 Abakorinto 7:37.
IMPANURO
Niwirinde kwifatanya n’abantu batumira ku ngingo ngenderwako zijanye n’ukwigenza runtu, mbere naho boba bivugisha ko musangiye ukwemera.
WARI UBIZI . . . ?
Abantu bigenza nabi mu vy’igitsina ntibaca bahinduka ngo ni uko bubatse izabo. Ariko rero, abantu batarukaba izabo bubahiriza ingingo ngenderwako z’Imana zerekeye ukwigenza runtu, bobo akenshi usanga badahemukira abo bubakanye.
ICO NTEGEKANYA GUKORA!
Nimba nshaka kuguma ndi isugi gushika nubatse urwanje, nzokora ibi: ․․․․․
Abagenzi banje nibatuma bingora kwumira ku mwiyemezo wanje, nzokora ibi: ․․․․․
Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri ivyo ni ․․․․․
UVYIBAZAKO IKI?
● Wibaza ko ari kubera iki hari abatyekeza abakiri isugi?
● Kubera iki bishobora kutorohera umuntu kuguma ari isugi?
● Kuguma uri isugi gushika wubatse urwawe birimwo ivyiza ibihe?
● Wosigurira gute mutoyi wawe ivyiza biva ku kuguma ari isugi?
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 51]
“Kuguma nibuka ko ‘ata musambanyi canke umuntu ahumanye azogira ico atorana mu bwami bw’Imana,’ biramfasha kunanira ibinyosha kuja mu buhumbu.” (Abanyefeso 5:5)—Lydia
[Uruzitiro ku rup. 49]
Ivyiyumviro wokwifashisha
Ni ibiki vy’ukuri bishika mu nyuma?
Akenshi urunganwe rwawe be n’uburyo bwo kwisamaza bukundwa na benshi birahisha ingaruka mbi zishikira abahuza ibitsina batarubaka izabo. Ihweze ibintu bikurikira. Wibaza ko ari ibiki vy’ukuri vyoshikira iyi miyabaga?
● Umuhungu mwigana ariko arigamba ngo amaze kuryamana n’abakobwa benshi. Avuga ko biryoshe be n’uko ata n’umwe bigirira nabi. Ni ibiki vy’ukuri bishikira uwo muhungu hamwe n’abo bakobwa mu nyuma? ․․․․․
● Uriko uraba isenema maze irangiye imiyabaga ibiri itubakanye iriko irahuza ibitsina ngo ni bwo buryo bwo kwerekana ko ikundana. Mu buzima bwa misi yose, ni ibiki vyobashikira mu nyuma? ․․․․․
● Uhuye n’umusore mwiza maze agusavye ngo muryamane. Akubwiye ko ata wuzobimenya. Hamwe womwemerera ugaca ugerageza kubihisha, ni ibiki vy’ukuri vyoshika mu nyuma? ․․․․․
[Ifoto ku rup. 54]
Kuryamana n’umuntu utarubaka urwawe ni nko gutekurura ingabirano utarahabwa
-