ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Kaze!
Iki ni igikoresho c'ubushakashatsi kirimwo ibitabu vyo mu ndimi zitandukanye vyasohowe n'Ivyabona vya Yehova.
Ushaka kuvoma ibitabu, nuje kuri jw.org.
Itangazo
Indimi nshasha: Chedungun (Coast), Dominican Sign Language, French (Canada)
  • Uno musi

Ku wa gatandatu, 12 Nyakanga

Mwame mwiteguriye kwiburanira imbere y’umuntu wese ababajije ishimikiro ry’icizigiro mufise.—1 Pet. 3:15.

Bavyeyi, nimufashe abana banyu kubona ingene bosigurira abandi igituma bemera ko ibiriho vyaremwe. Vyoshobora kuba vyiza musuzumiye hamwe ibiganiro vyo kuri jw.org bivuga ibijanye n’irema be n’ ihindagurika. Nuce ubaza umwana wawe iciyumviro abona ko corushiriza gufasha abandi gutahura ko ibiriho vyaremwe n’Imana. Numuremeshe kubisigura mu buryo bworoshe kandi bwumvikana, iyo hagize uwemera ko baganira kuri ico kibazo. Nk’akarorero, uwo bigana yoshobora kuvuga ati: «Jewe nemera gusa ivyo nshobora kubona, Imana na yo nkaba ntarigera ndayibona.» Na we yoshobora guca amwishura ati: «Dufate ko uriko uragendagenda mw’ishamba riri kure cane y’aho abantu baba, maze ugaca usangayo iriba ry’amazi ryubakiye neza. Woca wiyumvira ko ryavuye he? Nimba iriba ry’amazi rica rituma ubona neza ko hariho uwaritunganije, wumva ivyo tubona kw’isi no mu kirere vyovyo bidafise uwabishizeho?» w24.12 18 ing. 16

Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2026

Ku wa mungu, 13 Nyakanga

Mbega ubukerebutsi ntibubarizwa mu basaza, n’ugutegera kukaba mu bafise imyaka myinshi?—Yobu 12:12.

Twese turakeneye impanuro kugira dufate ingingo zihambaye mu buzima. Mwene izo mpanuro tuzihabwa n’abakurambere canke abandi bakirisu bahumuye. Rero igihe badusumvya imyaka, ntidukwiye kwiyumvira ko impanuro baduhaye zataye igihe. Yehova yipfuza ko twigira ku bantu bitereye mu myaka. Kubera ko bafise imyaka myinshi kuturuta, baramaze kubona ibintu vyinshi mu buzima kandi barafise ugutahura n’ubukerebutsi. Mu bihe vya Bibiliya, Yehova yarakoresheje abagabo bitereye mu myaka b’abizigirwa kugira aremeshe abantu biwe yongere abayobore. Reka turabe akarorero ka Musa, Dawidi hamwe n’intumwa Yohani. Babayeho mu bihe bitandukanye, kandi ingene ivyabo vyari vyifashe vyari bitandukanye cane. Mu mpera y’ubuzima bwabo, barahaye impanuro ziranga ubukerebutsi abakiri bato. Abo bagabo bitereye mu myaka kandi b’abizigirwa bose barashimitse ku gituma bihambaye kugamburukira Imana. Twaba tukiri bato canke dukuze, gusuzuma izo mpanuro birashobora kutugirira akamaro.—Rom. 15:4; 2 Tim. 3:16. w24.11 8 ing. 1-2

Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2026

Ku wa mbere, 14 Nyakanga

Mutariye umubiri w’Umwana w’umuntu ngo munywe n’amaraso yiwe, nta buzima mufise muri mwebwe.—Yoh. 6:53.

Mu gihe ca Nowa, Imana yari yarabujije abantu kurya amaraso. (Ita. 9:​3, 4) No mu mategeko Yehova yahaye Abisirayeli, yarasubiriye kubabuza ico kintu. Uwarya amaraso wese ‘yategerezwa kwicwa.’ (Lew. 7:27) Yezu yarubahiriza ayo mategeko. (Mat. 5:​17-19) Birumvikana rero ko atari kwubahuka kuremesha isinzi ry’Abayuda kurya umubiri nya mubiri wiwe canke kunywa amaraso nya maraso yiwe. Yariko akoresha imvugo ngereranyo, nk’uko nyene yabigize igihe yavugana n’Umusamariyakazi. Yamubwiye ati: ‘Amazi nzotanga atanga ubuzima budahera.’ (Yoh. 4:​7, 14) Yezu ntiyariko avuga ko uwo Musamariyakazi yoronse ubuzima budahera mu kunywa gusa ku mazi kanaka. No ku bijanye rero na ba bantu yaganiriza i Kaperinawumu, ntiyariko avuga ko boronse ubuzima budahera mu kurya umubiri nya mubiri wiwe canke mu kunywa amaraso nya maraso yiwe. w24.12 9 ing. 4-6

Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2026
Kaze!
Iki ni igikoresho c'ubushakashatsi kirimwo ibitabu vyo mu ndimi zitandukanye vyasohowe n'Ivyabona vya Yehova.
Ushaka kuvoma ibitabu, nuje kuri jw.org.
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika