2 Abami
24 Mu misi ya Yehoyakimu, Nebukadinezari+ umwami wa Babiloni aduga gutera igihugu; Yehoyakimu rero amara imyaka itatu ari umusuku wiwe+. Ariko aramuhinduka, aramugarariza. 2 Maze Yehova atangura kurungika utugwi tw’abambuzi tw’Abakaludaya+, n’utugwi tw’abambuzi tw’Abashuri+, n’utugwi tw’abambuzi tw’Abanyamowabu, n’utugwi tw’abambuzi twa bene Amoni ngo tumurwanye, aguma aturungika gutera Yuda ngo tuyirandure, nk’uko ijambo rya Yehova+ ryari, iryo yari yaravuze biciye ku basavyi biwe abahanuzi. 3 Ivyo vyashikiye Yuda bivuye gusa kw’itegeko rya Yehova, kugira ayikure+ mu maso yiwe kubera ibicumuro vya Manase+, nk’uko ivyo yari yarakoze vyose vyari; 4 no kubera amaraso y’intungane yari yarasheshe, ku buryo yuzuza Yeruzalemu amaraso y’intungane+, maze Yehova ntiyemera kubabarira+.
5 Nayo ibisigaye mu vya Yehoyakimu+ n’ivyo yakoze vyose, none ntivyanditswe mu gitabu+ c’ivyo mu misi y’abami ba Yuda? 6 Amaherezo Yehoyakimu aryama hamwe na ba sekuruza biwe+, maze Yehoyakini umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe.
7 Umwami wa Misiri ntiyongera+ rero gusohoka avuye mu gihugu ciwe+, kuko umwami wa Babiloni yari yaratwaye ibintu vy’umwami wa Misiri+, kuva ku mwonga+ wa Misiri gushika ku ruzi Efurate+.
8 Yehoyakini+ yari afise imyaka cumi n’umunani igihe yatangura kuganza, maze amara amezi atatu aganza i Yeruzalemu+. Nyina yitwa Nehushita umukobwa wa Elinatani w’i Yeruzalemu. 9 Abandanya gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova, yisunze ivyo se yari yarakoze vyose+. 10 Muri ico gihe, abasuku ba Nebukadinezari umwami wa Babiloni baduga i Yeruzalemu, ku buryo ico gisagara bagisugereza+. 11 Nuko Nebukadinezari umwami wa Babiloni aza gutera ico gisagara, mu gihe abasuku biwe bari bagisugereje+.
12 Amaherezo Yehoyakini umwami wa Yuda arasohoka aja ku mwami wa Babiloni+, ari kumwe na nyina+ wiwe, n’abasuku biwe, n’abaganwa biwe, n’abakozi biwe bo ku kirimba; nuko umwami wa Babiloni amutwara mu mwaka ugira umunani+ w’ingoma y’umwami wa Babiloni. 13 Maze asohora ng’aho amatunga yose y’inzu ya Yehova n’amatunga y’inzu y’umwami+, hanyuma atemagura ibikoresho vy’inzahabu+ vyose Salomo umwami wa Isirayeli yari yarakoze vyo mu rusengero rwa Yehova, nk’uko Yehova yari yaravuze. 14 Atwara mu bunyagano+ Yeruzalemu yose, n’abaganwa bose+, n’abagabo b’abanyenkomezi kandi b’intwari bose+—atwara mu bunyagano ibihumbi cumi—be n’umuhinguzi w’utugenegene+ wese, n’umwubatsi w’ibibambazi wese. Nta wasigaye kiretse abantu batobato+ bo mu banyagihugu. 15 Gutyo atwara Yehoyakini+ mu bunyagano i Babiloni+; nyina w’umwami+, n’abagore b’umwami, n’abakozi biwe bo ku kirimba+, n’abantu bakurubakuru bo muri ico gihugu, abatwara i Babiloni ari inyagano, abakuye i Yeruzalemu. 16 Nayo abagabo b’intwari bose, ibihumbi indwi, n’abahinguzi b’utugenegene n’abubatsi b’ibibambazi, igihumbi, abagabo b’abanyenkomezi bose barwana intambara, umwami wa Babiloni abajana i Babiloni ari inyagano+. 17 Vyongeye, umwami wa Babiloni+ yimika Mataniya sewabo+ wa Yehoyakini amugira umwami mu kibanza ciwe. Araheza ahindura izina ryiwe riba Zedekiya+.
18 Zedekiya+ yari afise imyaka mirongo ibiri n’umwe igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka cumi n’umwe aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Hamutali+ umukobwa wa Yeremiya w’i Libuna. 19 Abandanya gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova, yisunze ivyo Yehoyakimu yari yarakoze vyose+. 20 Kuko ivyabaye i Yeruzalemu no muri Yuda vyabaye kubera ishavu+ rya Yehova, gushika abataye bakamuva mu maso+. Nuko Zedekiya atangura kugarariza umwami wa Babiloni+.