99 Yehova ubwiwe acitse umwami+. Ibisata vy’abantu nibihagarike umutima+.
Yicaye ku bakerubi+. Isi nidegedwe+.
2 Yehova arahambaye i Siyoni+,
Kandi arakirurutse hejuru y’ibisata vy’abantu vyose+.
3 Nibahaye izina ryawe+.
Rirahambaye kandi riteye ubwoba, rikaba ari ryeranda+.
4 Mu nkomezi z’umwami, yakunze ubutungane+.
Ni wewe washimangiye ukugororoka+.
Uguca imanza be n’ubugororotsi muri Yakobo, ni vyo washikije+.
5 Nimushire hejuru Yehova Imana yacu+, mwuname imbere y’intebe y’ibirenge vyiwe+;
Ni mweranda+.
6 Musa na Aroni bari mu baherezi biwe+,
Samweli na we yari mu bambaza izina ryiwe+.
Barahamagara Yehova, na we akabitaba+.
7 Yaguma avugana na bo mu nkingi y’igicu+.
Baragumya ivyibutsa vyiwe n’ingingo nyobozi yabahaye+.
8 Ewe Yehova Mana yacu, wewe ubwawe warabitaba+.
Kuri bo wabonetse ko uri Imana itanga ikigongwe+,
Igashitsa uguhōra ku bw’ibikorwa vyabo vy’agaterasoni+.
9 Nimushire hejuru Yehova Imana yacu+,
Mwuname ku musozi wayo mweranda+.
Kuko Yehova Imana yacu ari mweranda+.