Imigani
19 Ntahonikora wese agendera mu gutungana kwiwe aruta+ uwuhetaraye mu minwa yiwe, be n’umuntu w’ikijuju+.
2 Vyongeye, si vyiza ko umuntu atagira ubumenyi+, kandi uwihuta n’ibirenge vyiwe aracumura+.
3 Ubupfu bw’umuntu yakuwe mw’ivu ni bwo bugoramika inzira yiwe+, hanyuma umutima wiwe ugashangashirirwa Yehova+.
4 Ubutunzi ni bwo bwongereza abagenzi benshi+, mugabo umuntu mutoyi aratandukanywa mbere n’umugenzi wiwe+.
5 Icabona c’ikinyoma ntikizobura guhanwa+, kandi uwusuka ibinyoma ntazokira+.
6 Abatakambira* umunyacubahiro ni benshi+, kandi umuntu wese usanga abera umugenzi umuntu atanga ingabirano+.
7 Bene wabo na ntahonikora baramwanse bose+. Ese ukuntu abagenzi biwe bwite bobo barushirije kumuca kure+! Arabakurikira ari n’ivyo avuga; yamara ntabo+.
8 Uwironsa umutima w’ubukerebutsi+ aba akunda ubuzima bwiwe. Uwurinda ugutahura azoronka ivyiza+.
9 Icabona c’ikinyoma ntikizobura guhanwa+, kandi uwusuka ibinyoma azohwera+.
10 Ibihinda ntibibereye ku muntu w’ikijuju+. Nkanswe umusuku kuganza abaganwa+!
11 Ugutahura kwimbitse kw’umuntu ntikubura guhwamika ishavu ryiwe+; kandi kwirengagiza ikigabitanyo ni ubwiza kuri we+.
12 Ubushangashirwe bw’umwami ni ukuroha nk’ukw’intambwe y’umukangara y’umugāra+, mugabo ubutoni bwiwe bumeze nk’ikime ku vyatsi+.
13 Umwana w’ikijuju ni amarushwa kuri se+, kandi amahane y’umugore ni nk’igisenge kiva gituma umuntu yomoka+.
14 Intoranwa iva kuri ba se b’abantu ni inzu be n’ubutunzi+, mugabo umugore w’ubwenge ava kuri Yehova+.
15 Ubunebwe butera itiro rirerire+, kandi umuntu w’ubute arasonza+.
16 Uwugumya ibwirizwa aba agumije ubuzima bwiwe+; uwusuzugura inzira ziwe azokwicwa+.
17 Uwugirira ubutoni umuntu mutoyi aba aguranye Yehova+, kandi ivyo akoze azobimwishura+.
18 Hana umwana wawe hakiriho icizigiro+; kandi ntiwipfuze kumwica+.
19 Umuntu w’ubushangashirwe bwinshi azokwikorera amande+; kuko hamwe womurokora, uzoguma rero ubigira incuro n’izindi+.
20 Umviriza impanuro kandi wemere indero+, kugira ngo uze ucike inkerebutsi muri kazoza kawe+.
21 Imigambi yo mu mutima w’umuntu ni myinshi+, mugabo impanuro ya Yehova ni yo izorama+.
22 Ikintu co kwipfuzwa mu muntu yakuwe mw’ivu ni ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe+; kandi ntahonikora aruta umuntu w’umubeshi+.
23 Ugutinya Yehova kuganisha ku buzima+, kandi umuntu azorara ahaze+; umuntu ntazogenderwa n’ikibi+.
24 Ikinebwe kizika ukuboko mu cibo c’inzimano+; ntigishobora no kukugarukana ku munwa waco+.
25 Ukwiye gukubita umushinyaguzi+, kugira ngo umuntu atazi utuntu n’utundi acike umunyabwenge+; kandi umuntu azi ubwenge akwiye gukangīrwa, kugira ngo ategere ubumenyi+.
26 Uwufata nabi se kandi akirukana nyina+ ni umwana akora ivy’akamaramaza n’ivy’agatetereza+.
27 Mwananje, ukareka kwumviriza indero bizokuviramwo kuzimira uve ku majambo y’ubumenyi+.
28 Icabona c’imburakimazi gitwengera mw’ijigo ubutungane+, kandi akanwa k’ababisha kamira miyonzwa ibintu bibabaza+.
29 Imanza zashimangiwe ku bw’abashinyaguzi+, inkoni na zo ku bw’umugongo w’ibijuju+.