Nahumu
3 Aragowe umwe ari igisagara gisesa amaraso+! Wese yuzuye ubuhendanyi n’ubwambuzi. Ntiyigera abura ico acakira! 2 Hari ijwi ry’ikimoko+ n’ijwi ry’ukujegera kw’ikurudumu, n’ifarasi yirasa, n’umukogote usimbasimba+, 3 uwugendera kw’ifarasi, n’urubeya rw’inkota, n’ukuravya kw’icumu+ n’abagandaguwe isinzi, n’ikirundo kinini c’abapfuye; imivyimba ntigira uko ingana. Baguma batsitagurika mu mivyimba yabo. 4 Ivyo vyatumwe n’ubumaraya bwinshi bwa wa mumaraya+, akwegêra kubera igikundiro ciwe, umwe karuhariwe mu bupfumu, umwe afatira mu mutego amahanga biciye ku bumaraya bwiwe, agafata n’imiryāngo biciye ku bupfumu bwiwe+.
5 “Ehe ngira nkurwanye+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze, “kandi nzoduza impuzu* yawe ndayigupfuke mu maso, ntume amahanga abona ubwambure bwawe+, n’ubwami bubone agateterwe kawe. 6 Nzogutako ibintu bisesemye+, ntume uba uwusuzuguritse; kandi nzokugira akabarore+. 7 Uwuzokubona wese azoguhunga+, avuge koko ati: ‘Ninewe yanyazwe! Ni nde azosangira na we umubabaro?’ Mbega abo kuguhoza nzobaronderera hehe? 8 Mbega uruta No-amoni+, uwari yicaye ku nkengera y’imigende ya Nili+? Amazi yari amukikuje irya n’ino, ikiyaga ni co cari ubutunzi bwiwe, uruhome rwiwe rukaba rwari ikiyaga. 9 Etiyopiya ni yo yari inguvu ziwe zose, be na Misiri+; kandi ntizagira aho zigarukira. Puti n’Abanyalibiya bahora bagufasha+. 10 No-amoni na yo nyene yabwirizwa kujanwa mu bunyagano+; yarajanywe kugirwa imbohe. Abana biwe na bo nyene basabirijwe mw’ihuriro ry’amabarabara yose+; kandi abanyacubahiro biwe babagabanganye biciye ku bupfindo+; abahambaye biwe bose baboheshejwe amapingu+.
11 “Na wewe nyene uzoborerwa+; uzoba ikintu kinyegejwe+. Na wewe nyene uzorondera igihome gikomeye co kwikinga umwansi+. 12 Ibibanza vyawe vyose bikingijwe ibihome bimeze nk’ibiti vy’imisukoni biriko ivyamwa vya mbere vyeze: iyo binyigangijwe ntibibura gutibagurikira mu kanwa k’umuryi+.
13 “Ehe abantu bawe babaye nk’abagore hagati muri wewe+. Amarembo y’igihugu cawe ntazobura kwugururirwa abansi bawe. Umuriro uzorigata koko ibihindizo vyawe+. 14 Niwivomere amazi uzokoresha mu gihe c’ugusugerezwa+. Komeza ibibanza vyawe bikingijwe ibihome+. Ja mu rwondo, ukāte ibumba; fata iforoma y’amatafari. 15 Mbere no ng’aho umuriro uzohakurigatira. Inkota izokurandura+. Izokurigata nk’inzige+ zikiri nto. Niwigwize nk’inzige zikiri nto; wigwize nk’inzige. 16 Wagwije abacuruza bawe kurusha inyenyeri zo mu majuru+.
“Nayo inzige zikiri nto, ziriyubura koko hanyuma zikaguruka. 17 Abarinzi bawe bameze nk’uruzige, abinjiza ingabo bawe na bo bakamera nk’irumbu ry’inzige. Ku musi haba hakanye zikambika mu ngo z’amabuye. Izuba ripfa guseruka zigaca zihunga; kandi ahantu hazo, aho ziba ziri, mu vy’ukuri nta wuhamenya+.
18 “Abungere bawe batanguye guhunyiza+, ewe mwami wa Ashuri! Abakomakomeye bawe bigumira aho baba+. Abantu bawe bashwiragirijwe ku misozi, nta wubegeranya+. 19 Nta gahengwe kariho ku vyago vyawe. Uruguma rwawe rwabaye urudakira+. Abazokwumva ivyawe bose ntibazobura gukubita amashi ku yandi bakwitamba ku muvyimba+; kuko ni nde atahora acumukura kubera ububi bwawe budahera+?”