Guharura
23 Maze Balamu abwira Balaki ati: “Nyubakira aha hantu ibicaniro indwi+ wongere untegurire aha nyene amashūri indwi n’impfizi z’intama indwi.” 2 Balaki aca akora nk’uko Balamu avuze. Inyuma y’ivyo, Balaki na Balamu bashikana ishūri n’impfizi y’intama ku gicaniro kimwekimwe cose+. 3 Balamu abandanya kubwira Balaki ati: “Hagarara iruhande y’ishikanwa ryawe riturirwa+, hanyuma undeke ngende. Hari aho Yehova yobonana nanje, agahura nanje+. Ico ari bunyereke cose rero, simbura kukikubwira.” Nuko aja ku murambi ugaragara.
4 Imana ibonanye na Balamu+, ayibwira ati: “Nashinze vya bicaniro indwi ndabitondetse ku misitari, maze nshikana ishūri n’impfizi y’intama ku gicaniro kimwekimwe cose+.” 5 Yehova rero ashira ijambo mu kanwa ka Balamu+, avuga ati: “Subira kuri Balaki, maze uku abe ari ko uvuga+.” 6 Nuko asubira kuri we, kandi ehe we n’abaganwa bose ba Mowabu bari bahagaze iruhande y’ishikanwa riturirwa ryiwe. 7 Maze avuga ijambo ryiwe ry’akagani+ ati:
“Balaki umwami wa Mowabu yagerageje kundongōra ankuye i Aramu+,
Ankuye mu misozi yo mu buseruko, ambwira ati:
‘Nuze umvumire Yakobo.
Egome, nuze usibe Isirayeli+.’
9 Kuko ndababona ndi kw’isonga ry’ibitandara,
Nkabitegereza ndi ku mirambi.
Uko bagize igisata, baguma bacumbitse hariya bari ukwa bonyene+,
Kandi ntibiharura mu mahanga+.
10 Ni nde yaharūye udutete tw’umukungugu twa Yakobo+,
Kandi ni nde yaharūye ica kane ca Isirayeli?
Nimpfe urupfu rw’abagororotsi+,
Iherezo ryanje na ryo mu nyuma ribe nk’iryabo+.”
11 Nuko Balaki abwira Balamu ati: “Unkoreye ibiki? Nakuzanye ngo uvume abansi banje, none ehe wabahezagiye uherezako+.” 12 Na we arishura ati: “Mbega ico Yehova ashize mu kanwa kanje cose si co nkwiye kwitwararika kuvuga+?”
13 Maze Balaki amubwira ati: “Ndakwinginze uze tujane ahandi hantu ushobora kubabona+. Uza kubona gusa igice cabo co ku mpera; ntuza kubabona bose. Uheze ubamvumire uri ng’aho+.” 14 Nuko amujana mu gahinga ka Zofimu, kw’isonga rya Pisiga+, maze atangura kwubaka ibicaniro indwi no gushikana ishūri n’impfizi y’intama ku gicaniro kimwekimwe cose+. 15 Inyuma y’ivyo abwira Balaki ati: “Hagarara ng’aha iruhande y’ishikanwa ryawe riturirwa, nanje mbonanire na we hariya.” 16 Mu nyuma Yehova abonana na Balamu maze ashira ijambo mu kanwa kiwe, avuga ati+: “Subira kuri Balaki+, kandi uku abe ari ko umubwira.” 17 Nuko aza kuri we, kandi ehe yari ahagaze iruhande y’ishikanwa riturirwa ryiwe, ari kumwe n’abaganwa ba Mowabu bose. Maze Balaki amubwira ati: “Yehova yavuze iki?” 18 Na we avuga ijambo ryiwe ry’akagani ati+:
“Haguruka Balaki, wumvirize.
Ntega ugutwi, ewe mwene Zipori+.
19 Imana si umuntu ngo ibeshe+,
Canke umwana w’abantu ngo yicuze+.
Mbega ico ubwayo ivuze, ntigikora?
Mbega iryo ivumereye, ntirishitsa+?
21 Ntiyitegereje ububasha bw’ivy’amageza+ na bumwe bwo kugirira nabi Yakobo,
Kandi nta vyago yabonye kuri Isirayeli.
Yehova Imana yiwe ari kumwe na we+,
Kandi muri we hasamirana impundu y’umwami.
23 Kuko ata mutongero mubi uhari wo kugirira nabi Yakobo+,
Canke ukuragura na kumwe kwo kugirira nabi Isirayeli+.
Ubu vyovugwa ku bijanye na Yakobo na Isirayeli ngo:
‘Ico Imana yakoze+!’
24 Raba, igisata c’abantu kizohaguruka nk’intambwe,
Ciduze nk’intambwe+.
Ntikizoryama kitararya ico cacakiye,
Kandi kizonywa amaraso y’abagandaguwe+.”
25 Nuko Balaki abwira Balamu ati: “Nimba udashoboye kumuvuma, pfuma rero ureka no kumuhezagira.” 26 Balamu na we yishura Balaki ati: “Sinakubwiye none nti: ‘Ivyo Yehova aza kumbwira vyose ni vyo nza gukora+’?”
27 Maze Balaki abwira Balamu ati: “Enda nuze, ndakwinginze, nongere ndakujane ahandi hantu! Hari aho vyoba ibibereye mu maso y’Imana y’ukuri, ku buryo utabura kumumvumira uri ng’aho+.” 28 Nuko Balaki ajana Balamu kw’isonga rya Peyori riraba i Yeshimoni+. 29 Maze Balamu+ abwira Balaki ati: “Nyubakira aha hantu ibicaniro indwi wongere untegurire aha nyene amashūri indwi n’impfizi z’intama indwi+.” 30 Balaki rero akora nk’uko Balamu avuze, ashikana ishūri n’impfizi y’intama ku gicaniro kimwekimwe cose+.