1 Samweli
15 Maze Samweli abwira Sauli ati: “Ni jewe Yehova yatumye kukurobanuza amavuta+ ngo ube umwami w’igisata ciwe Isirayeli, ubu rero niwumvirize ijwi ry’amajambo ya Yehova+. 2 Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo+ avuze: ‘Ntegerezwa kugira ico mbajije+ Amaleki ku vyo yagiriye Isirayeli igihe yamurwanya mu nzira ariko araduga avuye mu Misiri+. 3 Ubu rero nugende, wice Amaleki+, umutikizanye+ n’ivyo afise vyose, kandi ntumwumvire impuhwe; wice+ umugabo n’umugore, umwana n’uwonka+, ishūri n’intama, ingamiya n’indogobwa+.’” 4 Sauli ahamagaza rero abantu araheza abaharurira i Telayimu+: abagabo ibihumbi amajana abiri bari ku maguru be n’abagabo ibihumbi cumi ba Yuda+.
5 Nuko Sauli araza gushika ku gisagara ca Amaleki, maze abunda hafi y’umwonga. 6 Ico gihe Sauli abwira Abakeni+ ati: “Hogi, nimugende+, mumanuke muve hagati y’Abamaleki, kugira sindabazimanganye hamwe na bo. Wewe waragiriye ubuntu bwuzuye urukundo bene Isirayeli bose+ igihe baduga bavuye mu Misiri+.” Nuko Abakeni bava hagati muri Amaleki baragenda. 7 Inyuma y’ivyo, Sauli atangura kwica Amaleki+, kuva i Havila+ gushika i Shuri+, aharabana na Misiri. 8 Afata Agagi+ umwami wa Amaleki ari muzima, abandi bantu bose na bo abatikirisha ubugi bw’inkota+. 9 Mugabo Sauli n’abantu bumvira impuhwe Agagi n’ivyiza kuruta ibindi vyose mu mukuku no mu busho+, n’ibidoshe n’impfizi z’intama n’ivyari vyiza vyose, ntibashaka kubitikiza+. Nayo ibintu vyose bisuzuguritse kandi vyo gutabwa, bino barabitikiza.
10 Ijambo rya Yehova riza kuri Samweli, riti: 11 “Ndicujije+ koko kubona narimitse Sauli ngo abe umwami, kuko yasubiye inyuma+ akareka kunkurikira, kandi ntashitse amajambo yanje+.” Ivyo bibabaza Samweli+, aguma aririra Yehova ijoro ryose+. 12 Maze Samweli avyuka kare kugira abonane na Sauli mu gitondo. Mugabo Samweli amenyeshwa ngo: “Sauli yaje i Karumeli+, kandi ehe yishingiye icibutso+, hanyuma arahindukira, arajabuka maze amanuka i Gilugali.” 13 Amaherezo Samweli aza kuri Sauli, maze Sauli atangura kumubwira ati: “Uragahezagirwa+ na Yehova. Nashikije ijambo rya Yehova+.” 14 Mugabo Samweli avuga ati: “None urwo rwamo rw’umukuku numva mu matwi yanje rusobanura iki, be n’urwo rwamo rw’ubusho numva+?” 15 Sauli aca avuga ati: “Babizanye babikuye mu Bamaleki, kuko abantu+ bumviye impuhwe ivyiza kuruta ibindi vyose mu mukuku no mu busho, kugira bashikanire ibimazi Yehova Imana yawe+; mugabo ibisigaye twabitikije.” 16 Samweli aca abwira Sauli ati: “Geza aho! Ngira nkumenyeshe ivyo Yehova yambwiye muri iri joro+.” Na we amubwira ati: “Vuga!”
17 Samweli yongerako ati: “Mbega igihe wari mutoyi mu maso yawe bwite+ si ho waba umukuru w’imiryango ya Isirayeli, maze Yehova akakurobanuza amavuta+ ngo ube umwami wo kuganza Isirayeli? 18 Mu nyuma Yehova yaragutumye ku gikorwa, avuga ati: ‘Genda utikize ba bacumuzi+, Abamaleki, ubarwanye gushika ubatikije+.’ 19 Kubera iki none utagamburutse ijwi rya Yehova mugabo ukagurukira n’umunoho n’akantu kw’isahu+, ugakora ivyari bibi mu maso ya Yehova+?”
20 Ariko Sauli abwira Samweli ati: “Mugabo nagamburutse+ ijwi rya Yehova kuko nagiye ku gikorwa Yehova yari yandungitseko, kandi nazanye Agagi+ umwami wa Amaleki, mugabo Amaleki nayitikije+. 21 Abantu+ baciye batangura gutora kw’isahu intama n’inka, nzizanziza muri zo, izari izo gutikizwa, ngo zibe izo gushikanira ibimazi+ Yehova Imana yawe i Gilugali+.”
22 Samweli na we avuga ati: “Mbega Yehova ahimbarwa n’amashikanwa aturirwa+ be n’ibimazi kuruta kugamburuka ijwi rya Yehova? Erega kugamburuka+ kuruta ikimazi+, kwumvira kukaruta ibinure+ vy’impfizi z’intama; 23 kuko ubugarariji+ ari cokimwe n’igicumuro c’ukuragura+, kandi ukwitanganiza wita imbere kukaba cokimwe no gukoresha ububasha bw’ivy’amageza na terafimu*+. Ko wanse ijambo rya Yehova+, na we arakwanse ngo ntubandanye kuba umwami+.”
24 Maze Sauli abwira Samweli ati: “Nacumuye+, kuko nahonyanze itegeko rya Yehova n’amajambo yawe, kubera ko natinye abantu+, gutyo nkagamburuka ijwi ryabo. 25 Ubu rero, ndakwinginze uharire+ igicumuro canje, usubirane inyuma nanje kugira ngo nkubite inkoro hasi+ imbere ya Yehova.” 26 Mugabo Samweli abwira Sauli ati: “Sinsubirana inyuma nawe, kuko wanse ijambo rya Yehova, Yehova na we arakwanse ngo ntubandanye kuba umwami aganza Isirayeli+.” 27 Samweli ariko arahindukira ngo agende, Sauli aca acakira impuzu* yiwe y’umwitero utagira amaboko, na yo irashikuka+. 28 Samweli aca amubwira ati: “Uyu musi Yehova agushikuyeko+ ingoma ya Isirayeli, kandi azoyiha ata kabuza mugenzawe ameze neza kukurusha+. 29 Vyongeye, Gahebuza wa Isirayeli+ ntazohemuka+, kandi ntazokwicuza, kuko atari umuntu yakuwe mw’ivu ngo yicuze+.”
30 Na we avuga ati: “Nacumuye. Ndakwinginze rero untere iteka+ imbere y’abagabo b’inararibonye b’igisata canje n’imbere ya Isirayeli, dusubirane inyuma; nanje rero ata gukeka ndakubita inkoro hasi imbere ya Yehova Imana yawe+.” 31 Nuko Samweli agaruka inyuma ya Sauli, maze Sauli akubita inkoro hasi imbere ya Yehova. 32 Inyuma y’ivyo Samweli avuga ati: “Nimunyegereze Agagi umwami wa Amaleki.” Maze Agagi aja iyo ari agonanwa, hanyuma Agagi atangura kwibwira ati: “Mu vy’ukuri umururazi w’urupfu wagiye.” 33 Ariko Samweli avuga ati: “Nk’uko nyene inkota yawe+ yahekuye abagore, ni ko na nyoko wawe+ azoba uwuhekuwe kuruta abandi bose mu bagore+.” Samweli aca ahimbagurira Agagi imbere ya Yehova i Gilugali+.
34 Nuko Samweli aja i Rama, Sauli na we aduga ku nzu yiwe i Gibeya+ ha Sauli. 35 Samweli ntiyongera kubona Sauli gushika ku musi yapfiriyeko, kuko Samweli yari yagiye mu vyo kugandarira+ Sauli. Nayo Yehova, aricuza kubona yari yarimitse Sauli ngo aganze Isirayeli+.