1 Samweli
4 Kandi ijambo rya Samweli ryabandanya kuza kuri Isirayeli yose.
Maze Isirayeli isohoka guhura n’Abafilisitiya mu rugamba; bakambika iruhande ya Ebenezeri+, Abafilisitiya na bo bakambika i Afeki+. 2 Nuko Abafilisitiya batonda urugamba+ ngo bahure na Isirayeli, maze urugamba rugenda nabi, ku buryo Isirayeli itsindwa imbere y’Abafilisitiya+, bano bica nk’abagabo ibihumbi bine mu bari batonze urugamba begeranye mu gahinga. 3 Abantu bashitse kw’ikambi, abagabo b’inararibonye ba Isirayeli batangura kuvuga bati: “Ni kubera iki Yehova adutsindiye uyu musi imbere y’Abafilisitiya+? Nimuze twizanire isandugu y’isezerano rya Yehova+ tuyikuye i Shilo, kugira ngo ize hagati muri twebwe, idukize mu kiganza c’abansi bacu.” 4 Nuko abantu batuma i Shilo maze bakurayo isandugu y’isezerano rya Yehova nyen’ingabo, umwe yicara ku bakerubi*+. Kandi ba bahungu babiri ba Eli, ari bo Hofuni na Finehasi+, bari ng’aho bari kumwe n’isandugu y’isezerano ry’Imana y’ukuri.
5 Isandugu y’isezerano rya Yehova ikimara gushika mw’ikambi, Abisirayeli bose biha akaruru gakomeye+, ku buryo isi yasirana. 6 Abafilisitiya na bo nyene bumva ijwi ry’ako kamo, batangura kuvuga bati: “Iryo jwi ry’ako kamo gakomeye+ kari mw’ikambi y’Abaheburayo risobanura iki?” Amaherezo bamenya yuko isandugu ya Yehova yari yashitse mw’ikambi. 7 Nuko Abafilisitiya baratinya, kuko bavuze bati: “Imana ishitse mw’ikambi+!” Bavuga rero bati: “Turagowe, kuko ikintu nk’ico kitari bwigere kiba! 8 Turagowe! Ni nde azodukiza akadukura mu kuboko kw’iyo Mana y’agakomeye? Iyo ni ya Mana yakubita Misiri igasasika inganda bimwe bikomeye mu gahinga+. 9 Mugire umutima rugabo kandi mube abagabo, yemwe Bafilisitiya, kugira ntimukorere Abaheburayo nk’uko babakoreye+; nimube abagabo rero, murwane!” 10 Nuko Abafilisitiya bararwana, maze Isirayeli iratsindwa+, batangura guhunga, umwe wese ahungira kw’ihema ryiwe+; haba ugusasika inganda gukomeye cane+ ku buryo muri Isirayeli hagwa abagabo ibihumbi mirongo itatu bari ku maguru+. 11 Isandugu y’Imana irafatwa+, ba bahungu babiri ba Eli, Hofuni na Finehasi, na bo barapfa+.
12 Umugabo umwe wo muri Benyamini ariruka avuye aho batonze urugamba, ashika i Shilo kuri uwo musi impuzu ziwe zatantamutse+, umutwe wiwe na wo uriko ivu+. 13 Ashitse, asanga Eli yari yicaye ku ntebe iruhande y’ibarabara, areretse, kuko umutima wiwe wariko urajugumira kubera isandugu y’Imana y’ukuri+. Nya mugabo yinjira kumenyesha iyo nkuru mu gisagara, maze igisagara cose gitangura kuboroga. 14 Eli yumva ijwi rya nya maborogo. Aca avuga ati: “Iryo jwi ry’urwo ruyogoyogo risobanura iki+?” Nya mugabo anyaruka kwinjira kugira amenyeshe Eli iyo nkuru. 15 (Kandi Eli yari afise imyaka mirongo icenda n’umunani; amaso yiwe yari yaradegeye ku buryo atashobora kubona+.) 16 Nya mugabo abwira Eli ati: “Ni jewe mvuye aho batonze urugamba; nahunze uno musi mvuye aho batonze urugamba.” Eli aca avuga ati: “Habaye iki ga mwananje?” 17 Nya muntu yari azanye inkuru arishura ati: “Isirayeli yahunze imbere y’Abafilisitiya, kandi abantu batsinzwe bikomeye+; mbere na ba bahungu bawe babiri Hofuni na Finehasi bapfuye+, kandi n’isandugu y’Imana y’ukuri yafashwe+.”
18 Akivuga ngo isandugu y’Imana y’ukuri, Eli aca agwa agaramye iruhande y’irembo avuye ku ntebe, izosi ryiwe riravunika aca arapfa, kuko uwo mugabo yari ashaje kandi yiremereye; yari amaze imyaka mirongo ine acira imanza Isirayeli. 19 Umukazana wiwe, umugore wa Finehasi, yari yibungenze ari hafi kwibaruka; nuko yumva inkuru yuko isandugu y’Imana y’ukuri yafashwe be n’uko sebukwe n’umugabo wiwe bapfuye. Aca arunama atangura kwibaruka, kuko yaciye afatwa n’ibise giturumbuka+. 20 Maze ari hafi gupfa, abagore bari bahagaze iruhande yiwe batangura kuvuga bati: “Ntutinye, kuko uvyaye umuhungu+.” Na we ntiyishura kandi ntiyabishirako umutima. 21 Mugabo yita nya gahungu Ikabodi*+, avuga ati: “Ubuninahazwa bwavuye kuri Isirayeli buja mu bunyagano+,” aho akaba yariko yerekeza ku gufatwa kw’isandugu y’Imana y’ukuri no kuri sebukwe n’umugabo wiwe+. 22 Avuga rero ati: “Ubuninahazwa bwavuye kuri Isirayeli buja mu bunyagano+, kuko isandugu y’Imana y’ukuri yafashwe+.”