1 Samweli 2:31 Bibiliya y’isi nshasha 31 Ehe imisi iraje aho nzokuraho ububasha bwawe n’ububasha bw’inzu ya sogokuruza wawe, kugira ngo ntihazobeho umutama mu nzu yawe+. 1 Samweli 2:34 Bibiliya y’isi nshasha 34 Iki ni co kizokubera ikimenyetso c’ivyo, kandi kizoza ku bahungu bawe babiri, Hofuni na Finehasi+: Bompi bazopfira umusi umwe+. 1 Samweli 4:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Nya muntu yari azanye inkuru arishura ati: “Isirayeli yahunze imbere y’Abafilisitiya, kandi abantu batsinzwe bikomeye+; mbere na ba bahungu bawe babiri Hofuni na Finehasi bapfuye+, kandi n’isandugu y’Imana y’ukuri yafashwe+.” Zaburi 78:64 Bibiliya y’isi nshasha 64 Nayo abaherezi bayo, bagwishwa n’inkota+,Abapfakazi babo na bo ntibarira+. Umusiguzi 8:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Nta muntu afise ububasha ku mpwemu ngo atangire impwemu+; eka nta n’ububasha namba buhaba ku musi w’urupfu+; kandi nta n’umwe akurwako ukuja muri iyo ntambara+. Kandi ububisha ntibuzokiza ababwivobekamwo+. Umusiguzi 8:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Mugabo umubisha ntibizomugendera neza na gato+, eka nta n’ubwo azorehura imisi yiwe imeze nk’igitutu+, kuko adatinya Imana+.
31 Ehe imisi iraje aho nzokuraho ububasha bwawe n’ububasha bw’inzu ya sogokuruza wawe, kugira ngo ntihazobeho umutama mu nzu yawe+.
34 Iki ni co kizokubera ikimenyetso c’ivyo, kandi kizoza ku bahungu bawe babiri, Hofuni na Finehasi+: Bompi bazopfira umusi umwe+.
17 Nya muntu yari azanye inkuru arishura ati: “Isirayeli yahunze imbere y’Abafilisitiya, kandi abantu batsinzwe bikomeye+; mbere na ba bahungu bawe babiri Hofuni na Finehasi bapfuye+, kandi n’isandugu y’Imana y’ukuri yafashwe+.”
8 Nta muntu afise ububasha ku mpwemu ngo atangire impwemu+; eka nta n’ububasha namba buhaba ku musi w’urupfu+; kandi nta n’umwe akurwako ukuja muri iyo ntambara+. Kandi ububisha ntibuzokiza ababwivobekamwo+.
13 Mugabo umubisha ntibizomugendera neza na gato+, eka nta n’ubwo azorehura imisi yiwe imeze nk’igitutu+, kuko adatinya Imana+.