Yobu
41 Mbega woshobora gufata Lewiyatani*+ ukoresheje igera
canke ugafatira hasi ururimi rwayo ukoresheje umugozi?
3 Mbega yoguma ikwinginga igusaba imbabazi
canke ikakuvugisha n’ubwitonzi?
4 Mbega yogiranira nawe isezerano
kugira ikubere umushumba ubuzima bwayo bwose?
5 Mbega woyikinisha nk’uwukinisha inyoni?
Canke woyizirika kugira udukobwa twawe tuyikinishe?
6 Mbega abadandaza boyiciriranira?
Boyigabanganya hagati y’abacuruza?
7 Mbega urushato rwayo worushingagirako imyampi y’ingobe+
canke umutwe wayo ukawushingagirako imigera?
8 Urayishirako ukuboko urabe.
Uzokwibuka ayo wabonye, kandi ntuzopfa usubiriye!
9 Uwizigiye kuyifata yoruhira ubusa.
Uyikubise ijisho gusa woca uranduka umutima*.
10 Nta n’umwe yubahuka kuyisomborotsa.
None wumva ari nde yonyihanga+?
11 Ni nde yampaye ikintu, ku buryo mbwirizwa kukimwishura+?
Ibiri munsi y’ijuru vyose ni rwanje+.
12 Sinoreka kuvuga ibijanye n’amaguru yayo,
inguvu zayo n’umubiri wayo utangaje.
13 Ni nde yoyikurako urushato rwayo?
Iramutse yasamye, ni nde yokwinjira mu kanwa kayo?
14 Ni nde yogerageza kwasamika akanwa kayo?
Amenyo yayo yose arateye ubwoba.
16 Ibigaragamba vyose birinjiranamwo neza,
ku buryo ata muyaga uca hagati yavyo.
17 Kimwekimwe cose kirafatanye n’ikindi.
Biramatanye ku buryo ata woshobora kubitandukanya.
18 Iyo ipfushe irekura umuco,
kandi amaso yayo ameze nk’imishwarara yo mu gitondo.
19 Mu kanwa kayo havayo imiravyo,
emwe havayo udusase tw’umuriro.
20 Mu mazuru yayo hafumbukayo umwotsi,
nka kurya kw’ifuru idomekeshejwe urukangaga.
21 Impemu zayo zidomeka amakara,
kandi mu kanwa kayo havayo urubeya rw’umuriro.
22 Izosi ryayo ririmwo inguvu nyinshi,
kandi abahuye na yo bose baratekerwa n’ubwoba.
23 Inyama zo ku mubiri wayo zirafatanye cane.
Ziragumye, womenga zihometse kuri yo ku buryo zitanyiganyiga.
24 Umutima wayo ukomeye nk’ibuye,
emwe ukomeye nk’urusyo.
25 Iyo ihagurutse, n’abantu b’intwari barajugumira.
Iyo ikubise umurizo wayo barahundagara.
27 Icuma kuri yo ni nk’ivyatsi,
umujumpu na wo ni nk’igiti kiboze.
28 Ntikangwa n’umwampi.
Amabuye atewe n’umugozi ameze nk’ibishakara kuri yo.
29 Ubuhiri ibubona nk’ivyatsi,
kandi iratwenga uguhinda kw’icumu.
30 Mu nda hayo hameze nk’injo zikarishe.
Aho iciye mu vyondo womenga haciye urubaho rutonora intete*+.
31 Ibiragiza ibwina mu kiyaga nk’inkono,
igasebagiza ikiyaga nk’inkono y’amavuta.
32 Aho iciye ihasiga umurongo ukayangana,
ukamengo ikiyaga cameze imvi.
33 Kw’isi nta na kimwe kimeze nka yo.
Ni igikoko kitaremanywe ubwoba.
34 Irabana akagaye igikoko cose cishira hejuru.
Ni umwami w’ibikoko vyose vyo mw’ishamba bikaze.»