Gusubira mu vyagezwe 7:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Kuko uri igisata ceranda kuri Yehova Imana yawe+. Ni wewe Yehova Imana yawe yatoye ngo ube igisata ciwe, inyegu idasanzwe, mu bisata vyose vy’abantu biri ku buringanire bw’ubutaka+. 2 Samweli 7:24 Bibiliya y’isi nshasha 24 Kandi wishimangiriye abantu bawe Isirayeli+ kugira babe igisata cawe gushika igihe kitagira urugero; kandi wewe ubwawe, ewe Yehova, wacitse Imana yabo+. Zaburi 33:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Hahiriwe ihanga Imana yaryo ari Yehova+,Igisata c’abantu yatoye ngo kibe intoranwa yiwe+.
6 Kuko uri igisata ceranda kuri Yehova Imana yawe+. Ni wewe Yehova Imana yawe yatoye ngo ube igisata ciwe, inyegu idasanzwe, mu bisata vyose vy’abantu biri ku buringanire bw’ubutaka+.
24 Kandi wishimangiriye abantu bawe Isirayeli+ kugira babe igisata cawe gushika igihe kitagira urugero; kandi wewe ubwawe, ewe Yehova, wacitse Imana yabo+.