Gusubira mu vyagezwe 8:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 Uze wibuke Yehova Imana yawe, kuko ari we aguha ububasha bwo kurondera ubutunzi+; kugira ashitse isezerano ryiwe yarahiye ba sogokuruza bawe, nk’uko biri uyu musi+. Gusubira mu vyagezwe 28:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Yehova azokwugururira ikigega ciwe ciza, ari co majuru, kugira agwishe imvura ku gihugu cawe mu gihe cayo+ no kugira ahezagire igikorwa cose c’amaboko yawe+; kandi uzoha ingurane amahanga menshi, ariko wewe ubwawe nta ngurane uzosaba+. 2 Ngoma 1:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 ubukerebutsi n’ubumenyi urabihawe+; nzoguha n’ubutunzi n’amatungo n’iteka ata bami bakwitangiye imbere bigeze bagira+, kandi ata n’umwe azoza mu nyuma zawe azogira+.” Yobu 42:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Nayo Yehova ahezagira+ iherezo rya Yobu mu nyuma kuruta intango yiwe+, ku buryo agira intama ibihumbi cumi na bine, n’ingamiya ibihumbi bitandatu, n’inka ibihumbi bibiri zifatanijwe ari zibirizibiri, be n’indogobwa igihumbi z’ingore. Imigani 10:22 Bibiliya y’isi nshasha 22 Umuhezagiro wa Yehova, emwe, uwo ni wo utungisha+, kandi nta mubabaro awongerako+. 2 Abakorinto 9:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Muri vyose muriko muratungishwa kubera ubutanzi bwa cane bw’ubwoko bwose, biciye kuri twebwe bukaba buzana ugukengurukira Imana+;
18 Uze wibuke Yehova Imana yawe, kuko ari we aguha ububasha bwo kurondera ubutunzi+; kugira ashitse isezerano ryiwe yarahiye ba sogokuruza bawe, nk’uko biri uyu musi+.
12 Yehova azokwugururira ikigega ciwe ciza, ari co majuru, kugira agwishe imvura ku gihugu cawe mu gihe cayo+ no kugira ahezagire igikorwa cose c’amaboko yawe+; kandi uzoha ingurane amahanga menshi, ariko wewe ubwawe nta ngurane uzosaba+.
12 ubukerebutsi n’ubumenyi urabihawe+; nzoguha n’ubutunzi n’amatungo n’iteka ata bami bakwitangiye imbere bigeze bagira+, kandi ata n’umwe azoza mu nyuma zawe azogira+.”
12 Nayo Yehova ahezagira+ iherezo rya Yobu mu nyuma kuruta intango yiwe+, ku buryo agira intama ibihumbi cumi na bine, n’ingamiya ibihumbi bitandatu, n’inka ibihumbi bibiri zifatanijwe ari zibirizibiri, be n’indogobwa igihumbi z’ingore.
11 Muri vyose muriko muratungishwa kubera ubutanzi bwa cane bw’ubwoko bwose, biciye kuri twebwe bukaba buzana ugukengurukira Imana+;