1 Abami 11:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Maze Salomo atangura gukurikira Ashitoreti+ imanakazi y’Abanyasidoni no gukurikira Milikomu+ ikintu gisesemye c’Abamoni. Zaburi 106:35 Bibiliya y’isi nshasha 35 Bivanga n’amahanga+,Batangura kwiga ibikorwa vyabo+. Yesaya 1:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 Ewe kuntu igisagara cari icizigirwa+ cacitse maraya+! Cari cuzuye ubutungane+; ubugororotsi ubwabwo bwahora buba muri co+, ariko ubu haba abicanyi+. Yesaya 57:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Washize icibutso cawe inyuma y’umuryango n’igishimaryango+. Kuko witwikuruye uja kure yanje uraheza uraduga; waguye igitanda cawe+. Kandi wigiriye isezerano na bo. Wakunze igitanda hamwe na bo+. Witegereje igihimba c’ubugabo. Yeremiya 2:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 “‘Kuko kera navunaguye ingǒgo* yawe+; navutaguye imizana yawe. Mugabo wavuze uti: “Sinzogukorera,” kuko waryama utambikije+ ku murambi muremure wose no munsi y’igiti gitotahaye cose+, ugira ubumaraya+. Hoseya 1:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Yehova atangura kuvuga ijambo ryiwe biciye kuri Hoseya. Yehova abwira Hoseya ati: “Genda+ wabire umugore azokora ubusambanyi bigatuma uronka abana bavuye ku busambanyi, kuko ubusambanyi ari bwo butumye igihugu kireka gukurikira Yehova+.” Yakobo 4:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Yemwe bagore murenga ibigo+, ntimuzi yuko kugiranira ubugenzi n’isi ari ukwankana n’Imana+? Uwo wese rero ashaka kuba umugenzi+ w’isi aba ariko yigira umwansi w’Imana+.
5 Maze Salomo atangura gukurikira Ashitoreti+ imanakazi y’Abanyasidoni no gukurikira Milikomu+ ikintu gisesemye c’Abamoni.
21 Ewe kuntu igisagara cari icizigirwa+ cacitse maraya+! Cari cuzuye ubutungane+; ubugororotsi ubwabwo bwahora buba muri co+, ariko ubu haba abicanyi+.
8 Washize icibutso cawe inyuma y’umuryango n’igishimaryango+. Kuko witwikuruye uja kure yanje uraheza uraduga; waguye igitanda cawe+. Kandi wigiriye isezerano na bo. Wakunze igitanda hamwe na bo+. Witegereje igihimba c’ubugabo.
20 “‘Kuko kera navunaguye ingǒgo* yawe+; navutaguye imizana yawe. Mugabo wavuze uti: “Sinzogukorera,” kuko waryama utambikije+ ku murambi muremure wose no munsi y’igiti gitotahaye cose+, ugira ubumaraya+.
2 Yehova atangura kuvuga ijambo ryiwe biciye kuri Hoseya. Yehova abwira Hoseya ati: “Genda+ wabire umugore azokora ubusambanyi bigatuma uronka abana bavuye ku busambanyi, kuko ubusambanyi ari bwo butumye igihugu kireka gukurikira Yehova+.”
4 Yemwe bagore murenga ibigo+, ntimuzi yuko kugiranira ubugenzi n’isi ari ukwankana n’Imana+? Uwo wese rero ashaka kuba umugenzi+ w’isi aba ariko yigira umwansi w’Imana+.