Yakobo
4 Intambara ziva ku rihe sôko kandi indwano ziva ku rihe sôko muri mwebwe? Mbega ntiziva kuri iri sôko+: ku vyipfuzo vyanyu bikaze vyo kunezereza umubiri biguma birwana mu bihimba vyanyu+? 2 Muripfuza, yamara ntimuronka. Mubandanya kwica+ no kugira umwina+, yamara ntimushobora kuronka. Mubandanya kurwana+ no kugira intambara. Ntimuronka kuko mudasaba. 3 Murasaba koko, yamara ntimuronka, kuko musaba mu ntumbero mbi+, kugira mubimarire ku vyipfuzo vyanyu bikaze vyo kunezereza umubiri+.
4 Yemwe bagore murenga ibigo+, ntimuzi yuko kugiranira ubugenzi n’isi ari ukwankana n’Imana+? Uwo wese rero ashaka kuba umugenzi+ w’isi aba ariko yigira umwansi w’Imana+. 5 Canke mwibaza yuko icanditswe kivugira ubusa ngo: “Impwemu+ icumbitse muri twebwe iguma icambirwa ibintu ibigiranye agatima k’ishari”? 6 Ariko ubuntu ata wari abukwiriye Imana itanga burahambaye kuruta+. Ni co gituma icanditswe kivuga giti: “Imana irwanya abibona+, mugabo iha ubuntu ata wari abukwiriye abicisha bugufi+.”
7 Muyobokere+ Imana rero; mugabo murwanye Shetani*+, na we azobahunga+. 8 Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza+. Mukarabe iminwe yanyu, mwebwe abacumuzi+, kandi mutyorore imitima yanyu+, mwebwe abadafata ingingo+. 9 Nimwemere mugire amagorwa, mugandare, murire+. Agatwengo kanyu nigahinduke ikigandaro, n’akanyamuneza kanyu gahinduke ukujonjogora+. 10 Mwicishe bugufi mu maso ya Yehova+, na we azobashira hejuru+.
11 Mureke kuvuga nabi bagenzi banyu, bene wacu+. Uwuvuga nabi mwene wabo canke akamucira urubanza+ aba avuze nabi itegeko kandi akaba aciriye urubanza itegeko. Nimba rero ucira urubanza itegeko, ntuba uri uwukora ivy’itegeko, ahubwo uba uri umucamanza+. 12 Uwushinga amategeko akaba n’umucamanza+ ahari ni umwe, ari we ashoboye gukiza no guhonya+. Mugabo wewe, uri nde ngo ucire urubanza mugenzawe+?
13 Umve rero, mwebwe abavuga ngo: “Uno musi canke ejo tuzogira urugendo mu gisagara kanaka tumareyo umwaka, kandi tuzocuruza turonke inyungu+,” 14 kandi mutazi uko ubuzima bwanyu buzomera ejo+. Kuko muri igipfungu kiboneka akanya gato maze kikazimangana+. 15 Ahubwo mwari mukwiye kuvuga muti: “Nimba Yehova abigomba+, tuzobaho, dukore iki canke kiriya+.” 16 Mugabo ubu murirata mu vyo mwiyemeramwo+. Ukwishima mwene ukwo kwose ni kubi. 17 Nimba rero umuntu azi gukora ibigororotse yamara ntabikore+, bimubera igicumuro+.