Zaburi 22:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Nayo abambona bose, bantwengera mw’ijigo+;Baguma bataburura iminwa, baguma bazunza umutwe, ngo+: Zaburi 109:25 Bibiliya y’isi nshasha 25 Kuri bo jewe nacitse ikintu co gusigwa iceyi+.Barambona, bagatangura kuzunza umutwe+. Luka 23:35 Bibiliya y’isi nshasha 35 Abantu na bo bari bahagaze bitegereza+. Mugabo abatware baguma bishinyira, bavuga ngo: “Abandi yarabakijije; niyikize+, nimba uyo ari we Kristu w’Imana, Uwatowe+.”
35 Abantu na bo bari bahagaze bitegereza+. Mugabo abatware baguma bishinyira, bavuga ngo: “Abandi yarabakijije; niyikize+, nimba uyo ari we Kristu w’Imana, Uwatowe+.”