9 Kandi iki ni co nguma nsaba Imana: ni uko urukundo rwanyu rwogwira+ rukanarushiriza kugwira hamwe n’ubumenyi+ butagira amakosa be n’ugutahura kwuzuye+;
18 Oya, ahubwo mubandanye gukura mu buntu ata wari abukwiriye no mu bumenyi bwerekeye Umukama wacu akaba n’Umukiza Yezu Kristu+. Ubuninahazwa bube ubwiwe ubu no gushika ku musi w’ibihe bidahera+.