23 mukire gusa kuguma mu kwizera+, mushinzwe ku mushinge+ kandi mushikamye+ mudakurwa ku cizigiro c’iyo nkuru nziza mwumvise+ kandi yamamajwe+ mu vyaremwe vyose+ biri munsi y’ijuru. Iyo nkuru nziza ni yo jewe Paulo nabereye umusuku+.
3 mwongera kandi mudusengera+, kugira ngo Imana itwugururire umuryango+ wo kuvuga ijambo, ngo tumenyeshe ibanga ryeranda+ ryerekeye Kristu, ari na ryo koko mbereye mu mvuto+;