ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 12:8
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 8 Mu nyuma ava ng’aho aja mu misozi iri mu buseruko bwa Beteli+, ashinga ihema ryiwe ku buryo Beteli iba mu burengero, Ayi+ na yo mu buseruko. Araheza yubakira igicaniro Yehova+ ng’aho, atangura kwambaza izina rya Yehova+.

  • Itanguriro 28:16
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 16 Maze Yakobo arikangura, avuga ati: «Ni ukuri Yehova ari muri iki kibanza, kandi sinari ndabizi.»

  • Zaburi 83:18
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 18 Ese abantu bose bomenya ko witwa Yehova+,

      be n’uko ari wewe wenyene Musumbavyose kw’isi yose+!

  • Yeremiya 32:20
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 20 Mu gihugu ca Misiri warahakoreye ibimenyetso n’ibitangaro bizwi gushika n’uyu musi. Vyatumye izina ryawe riba rurangiranwa muri Isirayeli no mu bandi bantu bose+, nk’uko biri uyu musi.

  • Luka 11:2
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 2 Abishura ati: «Igihe musenga, muvuge muti: “Dawe, izina ryawe niryezwe*+. Ubwami bwawe nibuze+.

  • Yohani 12:28
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 28 Data, ninahaza izina ryawe.» Ijwi+ rero rica riva mw’ijuru rivuga riti: «Nararininahaje kandi nzosubira kurininahaza+.»

  • Ivyakozwe 15:14
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 14 Simeyoni*+ yatwiganiye neza ingene Imana yitayeho amahanga ari bwo bwa mbere ngo iyakuremwo umugwi w’abantu witirirwa izina ryayo+.

  • Ivyahishuwe 15:3
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 3 Bariko baririmba ururirimbo rwa Musa+ umusavyi w’Imana n’ururirimbo rwa wa Mwagazi w’intama+, bavuga bati:

      «Ewe Yehova* Mana Mushoboravyose+, ibikorwa vyawe+ birakomeye kandi ni agatangaza. Inzira zawe ziragororotse kandi ni iz’ukuri+, Mwami w’ibihe bidahera+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika