ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abacamanza 7:2
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 2 Nuko Yehova abwira Gideyoni ati: «Abasoda bari kumwe nawe ni benshi cane. Sinobafasha gutsinda+ Abamidiyani kuko Abisirayeli bohava banyiyemerako bati: “Inguvu zacu ni zo zatumye dutsinda*+.”

  • 2 Abami 6:15, 16
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 15 Umusuku wa nya muntu w’Imana y’ukuri avyuka kare mu gitondo maze asohoka hanze. Agize atya abona ingabo zikikuje ico gisagara hamwe n’amafarasi n’imikogote y’intambara. Nya musuku aca amubwira ati: «Turagowe, databuja! Tugire iki?» 16 Amwishura ati: «Ntutinye+ kuko abari kumwe natwe ari benshi kuruta abari kumwe na bo+.»

  • 2 Ngoma 14:11
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 11 Asa aca atabaza Yehova Imana yiwe+ ati: «Ewe Yehova, urashoboye gutabara abantu, baba bafise inkomezi* canke badafise inkomezi+. Ewe Yehova Mana yacu, dufashe kuko ari wewe twizigiye*+, kandi tuje kurwanya iri sinzi mw’izina ryawe+. Yehova, uri Imana yacu. Umuntu buntu ntakurushe inkomezi+.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika