ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Samweli 13:13, 14
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 13 Samweli aca abwira Sawuli ati: «Wakoze ivy’ubupfu. Ntiwagamburutse ibwirizwa Yehova Imana yawe yaguhaye+. Iyo ugamburuka, Yehova yokomeje ubwami bwawe muri Isirayeli, bukagumaho ibihe vyose. 14 Ubu rero ubwami bwawe ntibuzoramba+. Yehova azorondera umuntu ahimbara umutima wiwe+. Yehova azomugira indongozi y’abantu biwe+ kuko utagamburutse ivyo Yehova yagutegetse+.»

  • 1 Samweli 23:17
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 17 Amubwira ati: «Ntutinye kuko dawe Sawuli atazogenda agutoye. Uzoba umwami wa Isirayeli+, nanje nze ubwa kabiri. Na dawe Sawuli ivyo arabizi+.»

  • 2 Samweli 6:21
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 21 Dawidi yishura Mikali ati: «Nariko nigina imbere ya Yehova, we yantoye aho gutora so n’abo mu rugo rwiwe bose. Yehova ni we yangize indongozi y’abantu biwe b’Abisirayeli+. Ni co gituma nigina imbere ya Yehova.

  • 2 Samweli 7:8
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 8 Bwira rero umusavyi wanje Dawidi uti: “Yehova Nyeningabo avuze ati: ‘Nagukuye aho waragira ibitungwa+, ndakugira indongozi y’abantu banje b’Abisirayeli+.

  • Zaburi 89:20
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 20 Nabonye umusavyi wanje Dawidi+,

      kandi namurobanuje amavuta* yanje meranda+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2027)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika