1 Samweli 14:49 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 49 Abahungu ba Sawuli bari Yonatani, Ishivi na Malikishuwa+. Yari afise n’abakobwa babiri. Mukuru yitwa Merabu+, mutoyi akitwa Mikali+. 2 Samweli 6:16 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 16 Mugabo isandugu ya Yehova ishitse mu gisagara ca Dawidi, Mikali+ umukobwa wa Sawuli araba hasi ari mw’idirisha. Maze abona umwami Dawidi ariko arasimbasimba yongera atamba azunguruka imbere ya Yehova. Aca atangura kumugayira mu mutima+.
49 Abahungu ba Sawuli bari Yonatani, Ishivi na Malikishuwa+. Yari afise n’abakobwa babiri. Mukuru yitwa Merabu+, mutoyi akitwa Mikali+.
16 Mugabo isandugu ya Yehova ishitse mu gisagara ca Dawidi, Mikali+ umukobwa wa Sawuli araba hasi ari mw’idirisha. Maze abona umwami Dawidi ariko arasimbasimba yongera atamba azunguruka imbere ya Yehova. Aca atangura kumugayira mu mutima+.