-
Kuvayo 14:21, 22Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
21 Musa araheza aramvurira ukuboko hejuru y’ikiyaga+. Yehova aca asubiza inyuma ikiyaga akoresheje umuyaga ukomeye wo mu buseruko. Umara ijoro ryose uriko urahuhuta ku buryo amazi yigaburamwo kubiri+, haca haboneka isi yumutse hagati mu kiyaga+. 22 Nuko Abisirayeli baca hagati mu kiyaga kw’isi yumutse+. Amazi yari ameze nk’uruhome iburyo n’ibubamfu bwabo+.
-
-
2 Abami 2:13, 14Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
13 Ya mpuzu*+ ya Eliya yari yakorokeye hasi. Elisha aca arayitora asubira inyuma, ahagarara ku nkengera ya Yorodani. 14 Elisha aca afata iyo mpuzu* ya Eliya, ayikubitisha amazi maze avuga ati: «Yehova Imana ya Eliya ari hehe?» Akubise amazi, aca yigaburamwo kubiri, amwe iburyo ayandi ibubamfu, araheza arajabuka+.
-