-
2 Ngoma 34:29, 30Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
29 Maze umwami atumako abashingantahe bose bo mu Buyuda n’i Yeruzalemu+. 30 Hanyuma umwami araduga aja ku nzu ya Yehova ari kumwe n’abagabo bo mu Buyuda bose, ababa i Yeruzalemu, abaherezi n’Abalewi, ni ukuvuga abantu bose, baba abato canke abahambaye*. Abasomera amajambo yose yo muri ca gitabu c’isezerano bari batoye mu nzu ya Yehova+.
-