-
Abafilipi 2:9-11Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
9 Ico nyene ni co catumye Imana imuduza ikamushira mu kibanza co hejuru cane+, igashima kumuha izina riruta ayandi yose+. 10 Yabigize kugira ngo mw’izina rya Yezu bose bapfukame*, baba abari mw’ijuru canke abari kw’isi canke abari mu kuzimu+, 11 no kugira ngo ururimi rwose rwemange ku mugaragaro yuko Yezu Kristu ari Umukama+, bitume Imana ari yo Data ininahazwa.
-