ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 6:1, 2
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 6 Aya ni yo mabwirizwa, amategeko n’ingingo Yehova Imana yanyu yatanze ngo muvyigishwe, kugira muze mubikurikize nimwajabuka Yorodani mukinjira mu gihugu mugira mwigarurire. 2 Ivyo bizotuma mwebwe n’abana banyu n’abuzukuru banyu mutinya Yehova Imana yanyu, maze mukurikize amabwirizwa yiwe yose n’amategeko yiwe ndabategetse+, mu misi yose y’ubuzima bwanyu kugira murambe+.

  • Gusubira mu vyagezwe 30:19, 20
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 19 Ehe nshize imbere yanyu ubuzima n’urupfu, umuhezagiro n’umuvumo, kandi ijuru n’isi ni vyo vyabona vyanje uyu musi+. Mutegerezwa guhitamwo ubuzima kugira mubandanye kubaho+ mwe n’uruvyaro rwanyu+. 20 Nimukunde rero Yehova Imana yanyu+, mwumvirize ijwi ryiwe kandi mumwumireko+ kuko ari we buzima bwanyu. Ni we azotuma murambira mu gihugu Yehova yarahiye ko azoha ba sokuruza banyu Aburahamu, Izahaki na Yakobo+.»

  • 1 Petero 3:10-12
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 10 Kuko handitswe ngo: «Uwushaka gukunda ubuzima no kwiberaho ahimbawe ategerezwa kurinda ururimi rwiwe kuvuga ibibi+, n’iminwa yiwe akayirinda kuvuga ibinyoma. 11 Nareke ikibi+, akore iciza+. Narondere amahoro, ayakurikirane+. 12 Kuko amaso ya Yehova* ari ku bagororotsi, kandi amatwi yiwe arumva ugutakamba kwabo+, ariko Yehova* arwanya abakora ibintu bibi+.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2027)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika