ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Abami 21:20, 21
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 20 Ahabu abwira Eliya ati: «Urambonye ga wa mwansi wanje+ we?» Na we ati: «Ndakubonye. Imana yavuze iti: “Kubera ko wiyemeje gukora* ivyo jewe Yehova mbona ko ari bibi+, 21 ngira nkuzaneko ivyago. Nzogukubura ndaguherengeteze. Nzozimanganya muri Isirayeli ab’igitsina-gabo bose*+ bakomoka kuri Ahabu, nzimanganye na nyarucari n’uwutagira gitabara+.

  • 2 Abami 10:10, 11
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 10 Mumenye rero ko ivyo Yehova yavuze bizoranguka. Nta na kimwe mu vyo Yehova yavuze ku muryango wa Ahabu kizogenda kitarangutse*+. Yehova akoze rero ivyo yavuze biciye ku musavyi wiwe Eliya+.» 11 Vyongeye Yehu yica abo mu muryango wa Ahabu bose bari basigaye i Yezireli, n’abagabo b’abanyacubahiro bose bamukorera, abagenzi biwe n’abaherezi biwe+. Nta n’umwe yamusigarije+.

  • Yeremiya 22:24
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 24 «Yehova avuze ati: “Ndirahiye jewe Imana nzima, yuko naho wewe Koniya*+ mwene Yehoyakimu+, umwami w’Ubuyuda, woba wari impeta y’ikidodo nambaye ku kuryo, nohagushikuye!

  • Yeremiya 22:30
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 30 Yehova avuze ati:

      “Nimwandike ko uyu mugabo ata bana agira,

      ko atazopfa aroraniwe mu buzima bwiwe*,

      kuko ata n’umwe mu bamukomokako

      azoshobora kwicara ku ntebe y’ubwami ya Dawidi ngo asubire kuganza mu Buyuda+.”»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2027)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika