-
Abacamanza 17:3, 4Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
3 Nuko asubiza nyina izo feza 1.100. Mugabo nyina amubwira ati: «Izi feza ntegerezwa kuziha* Yehova. Nshaka ko uzikoresha mu guhingura igishusho c’ikibazano n’igishusho gikoze mu cuma*+. Ngira ndazigusubize.»
4 Aca azisubiza nyina wiwe, maze nyina akuramwo ifeza 200 aziha umucuzi w’ifeza. Uwo mucuzi akora igishusho c’ikibazano n’igishusho gikoze mu cuma*, maze babishira mu nzu ya Mika.
-