-
Gusubira mu vyagezwe 31:16, 17Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
16 Yehova araheza abwira Musa ati: «Ehe uri mu gupfa* kandi aba bantu bazompemukira batangure gusenga imana* z’amahanga abakikuje mu gihugu bagiyemwo+. Bazompeba+ bongere barenge kw’isezerano nagiraniye na bo+. 17 Ico gihe nzobashavurira cane+, ndabahebe+ kandi ndabahishe mu maso hanje+ gushika batikiye. Maze nibamara gushikirwa n’ivyago vyinshi be n’amaganya menshi+, bazovuga bati: “Ubwo ibi vyago ntibiriko bidushikira kubera ko Imana yacu itari kumwe natwe+?”
-