-
Gusubira mu vyagezwe 17:15, 16Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
15 mutegerezwa kwimika umwami Yehova Imana yanyu azoba yabatoreye+. Muzokwimika umwami wo muri benewanyu. Ntimwemerewe kwimika umunyamahanga atari mwenewanyu. 16 Ariko rero, ntakwiye kwirundaniriza amafarasi+ canke ngo atume abantu basubira mu Misiri kugira agwize amafarasi+, kuko Yehova yabihanikirije ati: “Ntimuze musubire gufata iyi nzira.”
-