Zaburi 45:6 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 6 Imana ni yo ntebe yawe y’ubwami gushika ibihe bidahera+.Agakoni k’ubwami bwawe ni agakoni k’ubutungane*+. Zaburi 72:1 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 72 Ewe Mana, niwigishe umwami guca imanzakandi uhe ubugororotsi bwawe umwana w’umwami+. Yesaya 9:7 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 7 Ubutware* bwiwe buzokwira hose,kandi amahoro ntazogira iherezo+ku ntwaro* ya Dawidi+ no mu bwami bwiwe.Buzokomezwa+ bushigikirwebiciye ku butungane+ n’ubugororotsi+,kuva ubu no gushika ibihe bidahera. Umwete wa Yehova Nyeningabo ni wo uzobikora. Yesaya 11:4, 5 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 4 Azocira urubanza umuntu muto ata karenganyo*.Azokosora abantu mu bugororotsi ku neza y’abicisha bugufi* bo kw’isi. Azokubitisha isi inkoni y’akanwa kiwe+,yicishe umubisha impemu* z’iminwa yiwe+. 5 Ubutungane* buzoba umukaba yambara mu kiyunguyungu,ubwizigirwa na bwo bube umukaba akenyeza mu mafyinga+. Yeremiya 23:5 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 5 «Mu misi iri imbere», ni ko Yehova avuze, «nzonagishiriza Dawidi umunago* ugororotse+. Hari umwami azoganza+ kandi azokorana ubukerebutsi, ashigikire ubutungane n’ubugororotsi mu gihugu+. Zakariya 9:9 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 9 Nezerwa cane mukobwa wa Siyoni. Niwihe akaruru k’intsinzi mukobwa wa Yeruzalemu. Raba! Umwami wawe araje iwawe+. Ni umugororotsi kandi azanye ubukiriro*.Aricisha bugufi+, kandi aje agendera ku ndogobwa,ku ndogobwa ikiri ntoyi* yavyawe n’indogobwa y’ingore+. Abaheburayo 1:9 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 9 Wakunze ubugororotsi, wanka ubugarariji. Ni co gituma Imana, Imana yawe, yakurobanuje amavuta*+ y’umunezero kuruta bagenzawe+.» Ivyahishuwe 19:11 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 11 Hanyuma mbona ijuru ryuguruye, nca mbona n’ifarasi yera+. Uwari ayicayeko yitwa Mwizigirwa+ na Munyakuri+, kandi aca imanza akongera akarwana intambara mu bugororotsi+.
6 Imana ni yo ntebe yawe y’ubwami gushika ibihe bidahera+.Agakoni k’ubwami bwawe ni agakoni k’ubutungane*+.
7 Ubutware* bwiwe buzokwira hose,kandi amahoro ntazogira iherezo+ku ntwaro* ya Dawidi+ no mu bwami bwiwe.Buzokomezwa+ bushigikirwebiciye ku butungane+ n’ubugororotsi+,kuva ubu no gushika ibihe bidahera. Umwete wa Yehova Nyeningabo ni wo uzobikora.
4 Azocira urubanza umuntu muto ata karenganyo*.Azokosora abantu mu bugororotsi ku neza y’abicisha bugufi* bo kw’isi. Azokubitisha isi inkoni y’akanwa kiwe+,yicishe umubisha impemu* z’iminwa yiwe+. 5 Ubutungane* buzoba umukaba yambara mu kiyunguyungu,ubwizigirwa na bwo bube umukaba akenyeza mu mafyinga+.
5 «Mu misi iri imbere», ni ko Yehova avuze, «nzonagishiriza Dawidi umunago* ugororotse+. Hari umwami azoganza+ kandi azokorana ubukerebutsi, ashigikire ubutungane n’ubugororotsi mu gihugu+.
9 Nezerwa cane mukobwa wa Siyoni. Niwihe akaruru k’intsinzi mukobwa wa Yeruzalemu. Raba! Umwami wawe araje iwawe+. Ni umugororotsi kandi azanye ubukiriro*.Aricisha bugufi+, kandi aje agendera ku ndogobwa,ku ndogobwa ikiri ntoyi* yavyawe n’indogobwa y’ingore+.
9 Wakunze ubugororotsi, wanka ubugarariji. Ni co gituma Imana, Imana yawe, yakurobanuje amavuta*+ y’umunezero kuruta bagenzawe+.»
11 Hanyuma mbona ijuru ryuguruye, nca mbona n’ifarasi yera+. Uwari ayicayeko yitwa Mwizigirwa+ na Munyakuri+, kandi aca imanza akongera akarwana intambara mu bugororotsi+.