22 Yosiya+ yari afise imyaka umunani igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka 31 aganza i Yeruzalemu+. Nyina yitwa Yedida akaba yari umukobwa wa Adaya w’i Bozikati+. 2 Yakoze ivyo Yehova abona ko bigororotse, akora nk’ivyo sekuruza Dawidi yakoze vyose+, ntiyakebereza iburyo canke ibubamfu.